ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 11
  • Agahimba gafasha insazi mu kirere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agahimba gafasha insazi mu kirere
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe
    Vyoba vyariyadukije?
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 11

Vyoba vyariyadukije?

Agahimba gafasha insazi mu kirere

● Ni kubera iki insazi ishobora kwihindura ikihindukiza mu kirere mu buryo buhanitse kandi ata kwihenda? Igihe ikubiswe n’umuyaga mwinshi, ni igiki gituma ica ubwo nyene yigarura ikabandanya kuguruka ukuri kwamye? Ku ruhande rumwe, ibishobozwa n’uduhimba tubiri dutoyi cane twitwa haltères, kamwe kakaba kari munsi y’ibaba ry’iburyo akandi munsi y’iry’ibubamfu.a

Rimbura ibi: Ako gahimba (haltère) kameze nk’agati gafise agapfundo kw’isonga, nka kurya kw’akampi k’ikibiriti. Iyo insazi iriko iraguruka, nya duhimba tuguma dukubita tuduga tumanuka incuro zingana n’incuro amababa akubita, mugabo twotwo tugakubita twerekeza ahanyuranye n’aho amababa akubita yerekeza. Abahinga basanze utwo duhimba dufasha insazi kuguma iguruka ata kiyihungabanya.

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopedia of Adaptations in the Natural World) kivuga yuko utwo duhimba tw’udupfundo ku masonga usanga “dukubita twerekeza ha handi nyene, nka kurya kwa ka kuma gacundeba mw’isaha imanikwa ku ruhome kaguma kazungazunga nk’uruvuma.” Ico gitabu kibandanya kivuga yuko igihe insazi iriko iraguruka ihindukiye bukwi na bukwi, yaba ari yo ibishatse canke biturutse ku muyaga uyikubiranije, “mw’ifatanirizo ry’ako gahimba n’umutumba wayo haca hihotora. Udutsi nsozabwenge twinshi dufatanye n’ako gahimba duca tumenya ko mw’ifatanirizo hihotoye, tugaca tubimenyesha ubwonko kugira ngo insazi ikore ibikenewe ngo . . . yibandanirize urugendo.” Ni co gituma usanga insazi zibangutse cane kandi zigoye gucakira.

Abahinga babona ko bashobora kwisunga mu buryo bwinshi utwo duhimba tw’insazi mu guhingura ibintu vy’ubuhinga bwa none, nk’ibimashini vyitwa amarobo, utumashini tuguruka nk’insazi, be n’ibigendajuru. Uwitwa Rafa Zbikowski, akaba ari umushakashatsi mu bijanye n’ivyuma birungikwa mu kirere, yanditse ati: “Ni nde yokwigeze yiyumvira yuko akaremwa gatoya nk’insazi kandi kadakundwa kotwigishije ibintu vyinshi ukuraho?”

None uvyibazako iki? Ako gahimba k’insazi koba ari akantu kiyadukije? Canke ni akantu kakozwe ku buhinga?

[Akajambo k’epfo]

a Utwo duhimba usanga turi ku dukoko tw’amababa abirabiri, nk’akarorero insazi n’imibu.

[Ifoto ku rup. 11]

[Ifoto ku rup. 11]

Hamwe insazi (ibubamfu) n’ako gakoko kameze nk’umubu vyoba bidafise ako gahimba kabifasha mu kirere, vyoca bitibukira hasi

[Abo dukesha ayo mukuru]

Agakoko kameze nk’umubu: © ams images/Alamy; Agahimba k’insazi karabiwe muri rugagamisha: iyo foto tuyikesha Bugscope (http://bugscope.beckman.illinois.edu/) web site

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika