ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwwd ikiganiro 2
  • Ijwi ry’ibifi bita dauphins

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijwi ry’ibifi bita dauphins
  • Vyoba vyariyadukije?
Vyoba vyariyadukije?
ijwwd ikiganiro 2
Dauphin

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ijwi ry’ibifi bita dauphins

Ibifi bita dauphins birarekura amajwi atandukanye, bigaca vyumviriza ingene ayo majwi agaruka kugira bimenye inzira vyocamwo n’ibintu biri mu micungararo. Abashakashatsi bariko bararaba ingene bokwigana ubwo buhinga kugira bahingure ivyuma bihanitse bizobafasha gutunganya ingorane batarashobora gutorera umuti bakoresheje ivyuma bafise ubu.

Rimbura iki kintu: Ubwo buhinga burafasha ivyo bifi kumenya ko hari ifi yinyegeje mu musenyi hasi mu kiyaga no gutandukanya ifi n’ibuye. Nk’uko Keith Brown, umwigisha kuri kaminuza yitiriwe Heriot-Watt yo muri Ekose abivuga, ivyo bifi birashobora no “gutandukanya utugunguru turimwo amazi meza, uturimwo amazi y’ivyunyunyu n’uturimwo igitoro, naho twoba turi ku metero cumi.” Abashakashatsi bipfuza gukora ivyuma bifise ubushobozi nk’ubwo.

Urufi bita dauphin ruriko rurakoresha ijwi ryarwo mu kumenya ibiri mu kagunguru

Ibifi bita dauphins birashobora kumenya ibiri mu kagunguru naho koba kari ku metero cumi

Abashakashatsi barize amajwi y’ivyo bifi n’ubushobozi bwavyo bwo kwumva maze baragerageza kuvyigana. Bahinguye akuma kagizwe n’utuntu twinshi duhanitse, gashobora kuja mu kagunguru gafise uburebure bwababa imetero imwe. Ako kuma gatwarwa n’ikirobo kigendera mu mazi, kakaba kagenewe gusuzuma ibintu biri hasi mu kiyaga, kugenekereza ahari ibintu bizitse mu kiyaga nk’intsinga canke imiringoti, no kumenya ingene bimeze katiriwe karabikorako. Abagahinguye babona ko kazobafasha mu kwimba igitoro hamwe na gaze. Ako kuma kazotanga amakuru menshi kuruta utwuma twari tuhasanzwe. Kazofasha abahinga kumenya ahantu habereye boshira ibikoresho vyabo mu kiyaga, kumenya aho vyoba vyononekaye, nk’ahoba hari utugaga ku vyuma bifashe imashini yimba igitoro canke aho imiringoti yoba yazivye.

Uvyibazako iki? Ubuhinga bw’ivyo bifi bwoba bwariyadukije, canke hariho uwabushizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika