ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 113
  • Kubera iki abantu batakigira urupfasoni? Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu batakigira urupfasoni? Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki abantu batakigira urupfasoni?
  • Ukuntu twokwigenza rupfasoni
  • Ivyo benshi bisunga mu guhitamwo iciza n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Imico myiza
    Be maso!—2019
  • Gutandukanya iciza n’ikibi ni ikibazo kituraba twese
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 113
Umwigeme agaragarije umutima mwiza umugore yitereye mu myaka akamufasha kwicara muri bisi.

NUGUME URI MASO!

Kubera iki abantu batakigira urupfasoni? Bibiliya ibivugako iki?

Ni abantu bake cane bagifise urupfasoni. Abarwayi basigaye bishura abaganga uko bishakiye. Abaza gufungurira mu ma resitora barasuzugura abakozi baho. Abafata ingendo mu ndege barafata nabi abakorera mu ndege. Abana basigaye bigenza nabi kw’ishure mu kuburira indero abigisha babo, bakabatera ubwoba mbere bakanabakubita. Hari bamwe mu banyapolitike bafise inyifato ziteye isoni, mu gihe abandi biyemera ko bafise urupfasoni.

Bibiliya iratubwira ingene dukwiye kwigenza mu rupfasoni. Irasigura kandi igituma abantu batakigira urupfasoni muri iki gihe.

Kubera iki abantu batakigira urupfasoni?

Naho urupfasoni ari kamere nziza, iranga ubuntu kandi ishimwa n’abantu, ukubura urupfasoni biriraye kw’isi yose.

  • Ivyavuye mw’itohoza riheruka kugirwa, vyerekanye ko Abanyamerika babona ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ibijanye n’inyifato runtu bisigaye biri hasi cane kuruta ikindi gihe cose muri iyi myaka 22 iheze.

  • Ku yandi matohoza yagizwe ku bantu barenga 32.000 mu bihugu 28, ibice 65 kw’ijana vy’abo bantu bavuze ko kubura urupfasoni mu bantu bo muri iki gihe ari ikintu batari bwigere babona.

Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’ukuntu abantu bigenza muri iki gihe.

  • «Arik’umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw’abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, . . . inkazi, badakunda ivyiza.»​—2 Timoteyo 3:1-3, Bibiliya Yera.

Kugira umenye ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu ubwo buhanuzi buriko buraranguka, nusome ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya yoba yari yaravuze ibijanye n’ukuntu abantu biyumvira kandi bakigenza muri iki gihe?» (mu gifaransa)

Ukuntu twokwigenza rupfasoni

Muri ino si itagiramwo urupfasoni, abantu amamiliyoni basanze Bibiliya ishobora kubafasha cane kugira inyifato nziza. Impanuro zayo zijanye n’ukwigenza runtu ni izo «kwizigirwa gushika ibihe bidahera.» (Zaburi 111:8) Ehe raba uburorero bukeyi:

  • Ico Bibiliya ivuga: «Ibintu vyose . . . mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira.»​—Matayo 7:12.

    Ico bisobanura: Dukwiye gufatana abandi umutima mwiza n’icubahiro, nk’uko natwe dushaka ko badufata.

  • Ico Bibiliya ivuga: «Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.»​—Abanyefeso 4:25.

    Ico bisobanura: Dukwiye kuba imvugakuri mu vyo tuvuga vyose be n’ivyo dukora.

Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ico ciyumviro, nusome:

  • Umunara w’Inderetsi ufise umutwe uvuga ngo: «Icogufasha gutandukanya iciza n’ikibi.»

  • Ikiganiro kivuga ngo: «Ingene Bibiliya yodufasha kwubahiriza abandi.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika