NUGUME URI MASO!
Abantu imiliyoni 6 barapfuye kubera Korona: Bibiliya ibivugako iki?
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi (OMS) rivuga ko gushika ku wa 23 Rusama 2022, abantu imiliyoni 6 n’ibihumbi 270 ari bo bari bamaze guhitanwa n’ikiza ca Korona. Yamara, ku wa 5 Rusama 2022, ishirahamwe OMS ryavuze ko ico gitigiri c’abapfuye gishobora kuba kirenga cane. Ryavuze ko mu mwaka wa 2020 na 2021, “abashobora kuba barapfuye bahitanywe na Korona ubwayo canke ingaruka zayo . . . bashika hafi imiliyoni 14 n’ibihumbi 900.” Hoba hari ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’izo ngorane zivuna umutima?
Bibiliya yari yaravuze ko hazobaho ibiza bikomakomeye
Yezu yari yaravuze ko hazotera ‘ibiza’ mu kiringo citwa “imisi ya nyuma.”—Luka 21:11, Bibiliya Yera; 2 Timoteyo 3:1.
Ubwo buhanuzi Yezu yavuze buriko buraranguka muri kino gihe. Kugira umenye vyinshi, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ni ikimenyetso ikihe c’‘imisi ya nyuma’ canke ‘imisi y’iherezo’?”
Bibiliya iraturemesha
“Imana y’uruhoza rwose, i[ra]duhoza mu makuba yacu yose.”—2 Abakorinto 1:3, 4.
Ivyo Bibiliya ivuga vyararemesheje abantu benshi babuze ababo. Niwirabire ayandi makuru mu kiganiro kivuga ngo “Ivyogufasha kwihanganira intuntu” n’ikivuga ngo “Imfashanyo nziza kuruta.”
Bibiliya irerekana ko hariho umuti w’izo ngorane
Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”—Matayo 6:10.
Vuba “Ubwami bw’Imana” bugiye kugira ico bukoze ku buryo “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Mariko 1:14, 15; Yesaya 33:24) Raba ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki? kugira umenye ivy’iyo ntwaro yo mw’ijuru be n’ivyo izodukorera.
Turagusavye urondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga kugira wewe n’umuryango wawe mushobore kwungukira ku mpanuro ngirakamaro ziri muri yo hamwe n’ivyo idusezeranira.