ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 176
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’indwara z’ibiza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’indwara z’ibiza?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Bibiliya yoba yari yaravuze ko hoteye ibiza?
  • Imana yoba yarigeze guhana abantu ikoresheje indwara?
  • Indwara z’ibiza zihari muri kino gihe zoba ari ibihano vy’Imana?
  • Indwara z’ibiza zoba zizokwigera zihera?
  • Ivyanditswe bivuga ibijanye n’indwara
  • Turakeneye isi nziza!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Abantu imiliyoni 6 barapfuye kubera Korona: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Imibabaro​—Coba ari igihano c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 176
Igicapo c’umubumbe w’isi cerekana ikwiragira ry’indwara z’ibiza ku migabane yayo itandukanye.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’indwara z’ibiza?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya yari yaravuze ko mu misi y’iherezo hoteye indwara z’ibiza. (Luka 21:11) Ivyo biza si igihano kiva ku Mana. Ahubwo vuba Imana igiye gukuraho ingorane zose z’amagara, harimwo n’indwara z’ibiza, biciye ku Bwami bwayo.

  • Bibiliya yoba yari yaravuze ko hoteye ibiza?

  • Imana yoba yarigeze guhana abantu ikoresheje indwara?

  • Indwara z’ibiza zihari muri kino gihe zoba ari ibihano vy’Imana?

  • Indwara z’ibiza zoba zizokwigera zihera?

  • Ivyanditswe bivuga ibijanye n’indwara

Bibiliya yoba yari yaravuze ko hoteye ibiza?

Bibiliya ntiyari yaravuze amazina y’indwara z’ibiza zoteye, nka korona, SIDA canke ya nyonko yo muri Espanye. Yavuze gusa ko hoteye “ibiza.” (Luka 21:11; Ivyahishuwe 6:8) Izo ndwara z’ibiza ziri mu bigize ikimenyetso c’“imisi ya nyuma,” iyitwa kandi “insozero y’ivy’isi.”​—2 Timoteyo 3:1; Matayo 24:3.

Imana yoba yarigeze guhana abantu ikoresheje indwara?

Bibiliya iravuga ibihe bimwebimwe aho Imana yigeze guhana abantu ikoresheje indwara. Nk’akarorero, hari abantu yateje imibembe. (Guharūra 12:1-16; 2 Abami 5:20-27; 2 Ngoma 26:16-21) Ariko izo ndwara ntiyaziteza abantu ata co bazira. Ahubwo, yaziteza abantu baba bayigararije mu buryo buboneka kugira ibahane.

Indwara z’ibiza zihari muri kino gihe zoba ari ibihano vy’Imana?

Oya. Abantu bamwebamwe bavuga ko Imana iriko ikoresha indwara z’ibiza n’izindi ndwara mu guhana abantu. Ariko Bibiliya ntishigikira ico ciyumviro. Uti kubera iki?

Kimwe coco, abasavyi b’Imana bamwebamwe, baba abo muri kahise canke abo muri iki gihe, vyarashitse bararwara. Nk’akarorero, wa musavyi wa Yehova w’umwizigirwa Timoteyo ‘yararwaragurika.’ (1 Timoteyo 5:23) Ariko nta ho Bibiliya ivuga yuko cari ikimenyetso c’uko Imana itamushima. No muri kino gihe, abasavyi b’Imana bamwebamwe b’abizigirwa bararwara indwara z’ibiza. Akenshi ivyo biva ku kuba bari mu karere kateyemwo ico kiza.​—Umusiguzi 9:11.

Vyongeye, Bibiliya yigisha ko igihe c’uko Imana ihana ababisha kitaragera. Nk’ako, iki kiringo tubayemwo Bibiliya icita “umusi w’ubukiriro,” ni ukuvuga igihe Imana iriko iratera akamo abantu bose ngo bayiyegereze kugira bazokizwe. (2 Abakorinto 6:2) Ibatera ako kamo biciye ku gikorwa co kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” kiriko kirarangurwa kw’isi yose.​—Matayo 24:14.

Indwara z’ibiza zoba zizokwigera zihera?

Ego. Bibiliya ivuga ko vuba ata muntu n’umwe azoba akirwara. Igihe isi izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana, Imana izokuraho indwara zose. (Yesaya 33:24; 35:5, 6) Izokuraho kandi amarushwa, ububabare n’urupfu. (Ivyahishuwe 21:4) Vyongeye, izozura abapfuye kugira ngo basubire kuba ng’aha kw’isi bafise amagara meza.​—Zaburi 37:29; Ivyakozwe 24:15.

Ivyanditswe bivuga ibijanye n’indwara

Matayo 4:23: “[Yezu] agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’ubwami, akiza n’indwara z’ubwoko bwose be n’ubumuga bw’ubwoko bwose mu bantu.”

Ico bisobanura: Ibitangaro Yezu yakoze ni imponjo y’ivyo Ubwami bw’Imana bugiye gukorera abantu.

Luka 21:11: “Hazoba . . . ibiza.”

Ico bisobanura: Ukwongerekana kw’indwara ni kimwe mu bimenyetso biranga imisi ya nyuma.

Ivyahishuwe 6:8: “Ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu yamukurikira agendera hafi yiwe. Bahabwa ububasha . . . ngo bicishe . . . ikiza cica.”

Ico bisobanura: Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe bujanye n’abagendera ku mafarasi bane burerekana ko indwara z’ibiza zobayeho muri kino gihe cacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika