ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 45
  • Uburusiya bwarateye Ukraine

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburusiya bwarateye Ukraine
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twisunze Bibiliya, ibintu nk’ibi bitwereka iki?
  • Ni kubera iki wokwizigira ko kazoza ari keza?
  • ”Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Idini n’intambara muri Ukraine: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Umwaka uraheze intambara yo muri Ukraine itanguye: Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?
    Ibindi biganiro
  • “Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 45
Ikarata yerekana Ukraine n’ibihugu biyikikije.

Uburusiya bwarateye Ukraine

Mu gitondo co ku wa 24 Ruhuhuma 2022, Uburusiya bwaratanguye ibitero vya gisirikare kugira bwigarurire Ukraine. Ivyo vyabaye mu gihe ibihugu vyinshi vyariko bisaba ko hatoba iyo ntambara. None iyo ntambara ishobora kugira ingaruka iyihe ku bindi bihugu? Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres aherutse kuvuga ati: “Biragoye kwiyumvisha ukuntu abantu bazosinzikazwa n’iyi ntambara be n’ukuntu izogira ingaruka ku mutekano w’ibihugu vy’i Buraya, eka mbere kw’isi yose.”

Twisunze Bibiliya, ibintu nk’ibi bitwereka iki?

  • Yezu Kristu yari yaravuze ko hogeze igihe “ihanga [ryohagurukiye] irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami.” (Matayo 24:7) Bibiliya yerekana ko intambara zo muri iki gihe ari iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu. Kugira uvyibonere, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ni ikimenyetso ikihe kiranga ‘imisi ya nyuma’ canke ‘imisi y’iherezo’?”

  • Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kigereranya intambara n’umuntu agendera kw’“ifarasi y’ibara ry’umuriro” kandi “[a]kura amahoro kw’isi.” (Ivyahishuwe 6:4) Kugira urabe ingene ubu buhanuzi bwerekeza ku ntambara zo muri iki gihe, nusome ikiganiro kivuga ngo “Abagendera kuri za farasi zine ni bande?”

  • Igitabu ca Daniyeli cari caravuze urwanko rwobaye hagati y’“umwami wo mu buraruko” n’“umwami wo mu bumanuko.” (Daniyeli 11:25-45) Kugira umenye igituma Uburusiya n’ababushigikiye bashobora kugereranywa n’umwami wo mu buraruko,a nurabe ividewo ivuga ngo “Ubuhanuzi bwarangutse: Daniyeli ikigabane ca 11.”

  • Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga kandi ibijanye n’“intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:14, 16) Ariko iyo ntizoba ari intambara ihuza ibihugu nk’uko turiko turabibona ubu. Kugira uronke ayandi makuru ku bijanye n’iyo ntambara, nusome ikiganiro kivuga ngo “Intambara ya Harumagedoni ni iki?”

Ni kubera iki wokwizigira ko kazoza ari keza?

  • Bibiliya ivuga ko Imana “[izo]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9) Nusome ikiganiro kivuga ngo “Niwizigire ko kazoza ari keza” kugira umenye vyinshi ku vyerekeye kazoza Imana idusezeranira.

  • Yezu yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza. (Matayo 6:9, 10) Ubwo Bwami ni intwaro yo mw’ijuru izoshitsa ivyo Imana yasezeranye ko bizoba kw’isi, kandi muri ivyo harimwo amahoro kw’isi yose. Kugira umenye ingene ubwo Bwami bushobora kukugirira akamaro, nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

Muri Ukraine, hari Ivyabona vya Yehova barenga 129.000. Cokimwe n’ibindi Vyabona bo mu bindi bihugu, barigana Yezu mu kuguma ataho bahengamiye mu vya politike no mu kutaja mu ntambara. (Yohani 18:36) Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova barabandanya kuvuga “inkuru nziza y’ubwami,” bakerekana ko ari bwo buzotorera umuti ingorane abantu bafise, harimwo n’intambara. (Matayo 24:14) Turagutumiye ngo uturondere kugira umenye vyinshi ku vyerekeye ubutumwa butanga icizigiro buri muri Bibiliya.

a Kugira umenye amakuru yose ajanye n’ubu buhanuzi, raba ikiganiro kivuga ngo “‘Umwami wo mu buraruko’ mu gihe c’iherezo” n’ikivuga ngo “‘Umwami wo mu buraruko’ ni nde muri iki gihe?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika