NUGUME URI MASO!
Idini n’intambara muri Ukraine: Bibiliya ibivugako iki?
Raba ingene abakuru b’amadini bazwi cane babona ibijanye n’intambara muri Ukraine:
“Umukuru w’idini ry’aborotodogisi mu Burusiya yitwa Kirill, nta co aranegura ku bijanye n’ivyo Uburusiya buriko burakora. . . . Iryo dini atwara rirabandanya gukwiragiza amakuru y’ikinyoma yerekeye Ukraine kandi Putin arakoresha ayo makuru mu kubandanya intambara muri ico gihugu.”—Ikinyamakuru EUobserver, 7 Ntwarante 2022.
“Umukuru w’idini ry’aborotodogisi mu Burusiya yitwa Kirill . . . yarashigikiye cane intambara y’Uburusiya muri Ukraine mu kuvuga ko iyo ntambara izofasha mu kurwanya igicumuro.”—Ikinyamakuru AP, 8 Ntwarante 2022.
“Umukuru w’idini ry’aborotodogisi i Kyiv muri Ukraine yitwa Epiphanius I, ku wa mbere yarahezagiye abo atwara ‘ngo babandanye kurwanya Uburusiya . . . [Yavuze] kandi ko kwica abasoda b’Abarusiya atari igicumuro.”—Ikinyamakuru Jerusalem Post, 16 Ntwarante 2022.
“Twebwe [Urunani rw’amadini n’amashirahamwe yegukira idini yo muri Ukraine (UCCRO)] turashigikiye abasirikare ba Ukraine hamwe n’abo bose bariko barafasha mu kurwana, turahezagiye utwigoro twose bariko baragira mu kwivuna umwansi kandi turabasengera bose.”—Vyavuzwe n’Urunani rw’amadini n’amashirahamwe yegukira idini yo muri Ukraine (UCCRO)a, 24 Ruhuhuma 2022.
Uvyibazako iki? Amadini avuga ko akurikira Yezu Kristu yoba yari akwiye kuremesha abanywanyi bayo kuja mu ntambara? Bibiliya ibivugako iki?
Ingene amadini yagiye aragira uruhara mu ntambara muri kahise
Kahise kerekana ko amadini yagiye aravuga ko atari bibi kuja mu ntambara ahubwo ko ari vyiza, mbere agahimiriza abantu kuja mu ntambara ngo bariko barondera amahoro. Haraciye imyaka mirongo Ivyabona vya Yehova berekana ko ukwo ari ukwiyorobeka. Raba uburorero bumwebumwe bwavuzwe mu bitabu vyacu.
Ikiganiro kivuga ngo “Intambara z’amadini zabaye ikintu giteye agahinda” (mu gifaransa) cavuze ko Ekleziya Gatolika yatumye abantu benshi bicwa bitwaza ngo bariko barakorera Imana na Kristu.
Ikiganiro kivuga ngo “Idini rya Gatolika muri Afrika” (mu gifaransa) caratanze akarorero k’ukuntu idini ryananiwe guhagarika intambara zifatiye ku moko canke ihonyabwoko.
Ibiganiro bivuga ngo “Amadini yoba ari yo yobibazwa?,” “Uruhara rw’amadini mu ntambara,” hamwe na “Amadini yaragize aho ahengamira” (Vyose biraboneka mu gifaransa), birasigura ukuntu abakuru b’idini ry’abagatolika, aborotodogisi n’abaporoti bashigikiye imigwi yompi yaba iri mu ntambara.
Amadini y’abakirisu yoba yari akwiye gushigikira intambara?
Ivyo Yezu yigishije: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) “Mubandanye gukunda abansi banyu.”—Matayo 5:44-47.
Rimbura iki kintu: Idini ryoba ryoshobora kuvuga ko rikurikiza amategeko ya Yezu ajanye n’urukundo ariko kandi rikaremesha abanywanyi baryo kwica abandi mu ntambara? Kugira uronke inyishu, soma ibiganiro bivuga ngo “Ukuntu abakirisu b’ukuri babona intambara” hamwe na “Vyoba bishoboka ko umuntu akunda abansi biwe?” (Vyompi biraboneka mu gifaransa.)
Ivyo Yezu yavuze: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe.” (Yohani 18:36) “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.”—Matayo 26:47-52.
Rimbura iki kintu: Nimba abakirisu batari bakwiye kurwana kugira bakingire Yezu, wumva hari iyindi mvo ikwiye gutuma bafata ibirwanisho? Soma ikiganiro kivuga ngo “Intambara yoba ijanye n’ubukirisu?” kugira ubone ingene abakirisu bo ntango biganye akarorero ka Yezu bongera barakurikiza inyigisho ziwe.
Ni ibiki bizoshikira amadini ashigikira intambara?
Bibiliya ivuga ko Imana yiyamiriza amadini avuga ko aserukira Yezu ariko ntakurikize inyigisho ziwe.—Matayo 7:21-23; Tito 1:16.
Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana ko Imana yagiriza mwene ayo madini amaraso “y’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:21, 24) Kugira umenye igituma, nusome ikiganiro kivuga ngo “Babiloni Akomeye ni iki?”
Yezu yavuze ko amadini atemerwa n’Imana azokurwaho kubera ibintu bibi akora, nka kurya nyene igiti kibi cama ivyamwa ataco bimaze “[gi]cibwa kigatererwa mu muriro.” (Matayo 7:15-20) Soma ikiganiro kivuga ngo “Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!” kugira ubone ingene ivyo bizoba.
Abo dukesha amafoto, uva ibubamfu uja iburyo: Photo by Sefa Karacan/Anadolu Agency/Getty Images; Maxym Marusenko/NurPhoto via Getty Images
a Urunani rw’amadini n’amashirahamwe yegukira idini yo muri Ukraine (UCCRO) rugizwe n’amadini 15 aserukira aborotodogisi, Ekleziya Gatolika, imigwi itandukanye y’abaporoti, abayuda n’abisilamu.