ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 120
  • Nokora iki abavyeyi banje batanyemereye gukoresha imbuga hwaniro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki abavyeyi banje batanyemereye gukoresha imbuga hwaniro?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Imbuga hwaniro ziriko zingirako ingaruka izihe?
    Urwaruka ruribaza
  • Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?
    Icofasha umuryango
  • Abantu barahagaritse umutima kubera ukuntu imbuga hwaniro ziriko zironona abakiri bato
    Ibindi biganiro
  • Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 120
Umwigeme akiri muto ashavuye afise telefone mu gihe nyina wiwe ariko aragerageza kumufasha kuzirikana.

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki abavyeyi banje batanyemereye gukoresha imbuga hwaniro?

Bisa n’uko abagenzi bawe bose bakoresha imbuga hwaniro, kandi usanga baguma bavuga ivyazo umwanya wose. Kumbure baranagutwenga kubera udakoresha izo mbuga. Ni ibiki ukwiye kumenya nimba ibintu vyifashe ukwo? Kandi wokora iki muri ico gihe?

Ico ukwiye kumenya

Uri mu bandi. Abavyeyi benshi ntibemerera abana babo gukoresha imbuga hwaniro. Ivyo bashobora kuba babigira kubera bazi ko gukoresha imbuga hwaniro bishobora gutuma:

  • umuntu agwara akabonge canke akagira izindi ngorane ku magara yo mu mutwe.

  • umuntu agwa ku mashusho y’ibiterasoni, arungika canke aronka amasanamu canke ubutumwa birimwo ivy’ubuhumbu, canke na ho agatotezwa n’abandi kuri internet.

  • haba ugucanamwo bidakenewe hagati y’abagenzi.

Abakiri bato benshi barahisemwo guhagarika gukoresha imbuga hwaniro. Bihitiyemwo kudakoresha imbuga hwaniro kubera ko basanze ivyiza bahakura ari bikeya ugereranije n’ibibi bahakura. Raba uburorero bw’ibintu vyabaye:

  • Priscilla yasanze umwanya yakoresha ku mbuga hwaniro yari kuwukoresha mu bindi bintu vy’akamaro.

  • Jeremy yasanze adashobora gucungera ibintu bitabereye vyaza muri telefone yiwe igihe yaba ari ku mbuga hwaniro.

  • Bethany yasanze vyatuma aguma yiyumvira cane ivyo abandi baba bariko barakora.

«Nahisemwo gufuta agaprograma kanje kanshikana ku mbuga hwaniro, kandi vyarampimbaye kuba narabikoze. Mvugishije ukuri sinigera ndabikumbura, kandi ndahimbarwa no kuba ndonka umwanya wiyongereye wo gukora ibintu mbona ko bihambaye.»​—Vyavuzwe na Sierra.

«Sinashima ukuntu imbuga hwaniro zishobora kwizizira umuntu. Rimwe na rimwe nararazwa ishinga n’ingene abantu babona ivyo nashira ku mbuga hwaniro. Ntivyanyoroheye gufuta konte nakoresha ku mbuga hwaniro, ariko naciye niyumva neza ngiheza kuyifuta. Numva mfise amahoro menshi kubera ntagikoresha imbuga hwaniro.»​—Vyavuzwe na Kate.

Ico wokora

Nugamburuke amategeko abavyeyi bawe baguha. Nubereke ko ukuze bihagije mu kugamburuka amategeko baguha utarinze gushavura canke kwidoga.

Ico Bibiliya ivuga: «Igipfu gisuka ivyo ishavu ryaco ryose, ariko umunyabwenge we, iyo rije araritsindagira, akarihwamika.»​—Imigani 29:11, Bibiliya yera.

Hari abashobora kuguhanura kunyegeza abavyeyi bawe ko ukoresha imbuga hwaniro canke gukoresha konte batazi. Iryo ryoba ari ikosa. Niwabesha bizoguhagarika umutima kandi uzokwumva wiyagirije. Abavyeyi bawe nibasanga warabanyegeje ko ukoresha imbuga hwaniro, bizogutera ingorane kandi bizotuma bataba bakikwizigira.

Ico Bibiliya ivuga: «Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»​—Abaheburayo 13:18.

Itara.

Impanuro: Niwibuke yuko imbuga hwaniro zitameze nk’imfungurwa, amazi, canke impemu. Urashobora kubandanya ubaho n’igihe utoba uzikoresha.

Niwifatire ingingo. Cokimwe n’abakiri bato bavuzwe aho haruguru, urashobora kuzirikana ku mpamvu zotuma wirinda imbuga hwaniro. Nimba ubona ko gukoresha imbuga hwaniro bikugirira nabi, nubihebe atari gusa kubera ingingo abavyeyi bagufatiye, ariko kubera ari vyo ubona ko bibereye. Ku bw’ivyo, nivyashika abagenzi bawe bakakubaza impamvu udakoresha imbuga hwaniro, ntuzomaramara ngo ubure ico uvuga. Ivyo bizotuma, bataronka imvo yo kugutwenga kubera ko udakoresha imbuga hwaniro.

Wa mwigeme ariko ayagira abo bigana mu bubiko bw’ibitabu.
Itara.

Impanuro: Kumbure hari uwokubwira ati: «Ukwo ni ukuri? Ntukoresha imbuga hwaniro?» Urashobora kwishura uti: «Nafashe ingingo yo kudakoresha imbuga hwaniro; kubera ko ari vyo bimpa amahoro.» Canke na ho urashobora kuvuga uti: «Ndashobora kuzokoresha imbuga hwaniro muri kazoza, ariko ubu numva mpimbawe kuba ntariko ndazikoresha.»

Iciyumviro nyamukuru: Nusenyere ku mugozi umwe n’abavyeyi bawe, murondere ico muhurizako ku bijanye n’ugukoresha imbuga hwaniro. Bizotuma ingingo bazofata muyihurizako. Gutyo, bizogufasha kworoherwa no kubaho udakoresha imbuga hwaniro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika