Thai Liang Lim/E+ via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Abantu barahagaritse umutima kubera ukuntu imbuga hwaniro ziriko zironona abakiri bato
Mu 2025, abategetsi bo hirya no hino kw’isi baravuze ko barajwe ishinga cane n’ukuntu imbuga hwaniro ziriko zironona abana bakiri bato be n’imiyabaga. Hari igihugu kimwe kimaze gusohora itegeko ribuza abana batarashikana imyaka 16 gukoresha imbuga hwaniro, kandi n’ibindi bihugu biriko biriyumvira gufata ingingo nk’iyo.
Igishimishije, ni uko hari n’imiyabaga ibona ko gukoresha imbuga hwaniro biteye akaga. Amakuru yatanzwe muri Ndamukiza 2025 n’ikigo kimwe gikora amatohoza muri Amerika (Pew Research Center), yerekanye ko «hafi igice c’imiyabaga (ni ukuvuga ibice 48 kw’ijana), bavuga [ko imbuga hwaniro] zimaze kwonona abandi bana bari mu runganwe rumwe.»
Abahingamu vy’ubuvuzi baramaze kugabisha ko imbuga hwaniro ziriko ziragira ingaruka mbi ku vyo abakiri bato biyumvira be no ku kuntu biyumva. Mu 2024, igihe muganga Vivek Murthy yari akiri umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Amerika, yavuze ati: «Birihutirwa cane ko twitwararika amagara yo mu mutwe y’abakiri bato, kandi twahavuye dusanga kimwe mu bintu nyamukuru bituma batagira amagara meza yo mu mutwe ari imbuga hwaniro.»
None abavyeyi bokingira gute abana babo akaga ko gukoresha imbuga hwaniro? Bibiliya irimwo impanuro zobafasha.
Ivyo abavyeyi bokora
Rimbura izi mpanuro zo muri Bibiliya.
«Umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»—Imigani 14:15.
Kubera ko imbuga hwaniro zishobora kugirira nabi umwana wawe, niwibuke ko atari ngombwa ngo ureke umwana wawe akoreshe izo mbuga. Imbere y’uko ureka ngo umwana wawe akoreshe imbuga hwaniro, nurabe neza nimba akuze bihagije ku buryo ashobora gukurikiza amategeko umushiriraho, nk’ayajanye n’umwanya yomara akoresha izo mbuga, kuguma afise abagenzi beza no kwirinda ibintu bitabereye biri kuri mwene izo mbuga.
Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?» be n’ikivuga ngo «Niwigishe abana bawe b’imiyabaga ukuntu bokoresha neza imbuga hwaniro.»
«[Mukoreshe] neza umwanya wanyu.»—Abanyefeso 5:16.
Nimba uretse ngo umwana wawe akoreshe imbuga hwaniro, numushingire amategeko y’ukuntu yozikoresha wongere umusigurire igituma ayo mategeko azomukingira. Nuze uraraba nimba umwana wawe atoba atanguye guhindura ukuntu yigenza, kugira bigufashe kumenya nimba bitoba vyiza umushingiye uturimbi tw’ukuntu yokoresha imbuga hwaniro.
Koresha akavidewo kavuga ngo Nukoreshe neza ubuhinga bwa none kugira ufashe umwana wawe gutahura igituma bikenewe ko akoresha neza imbuga hwaniro.
Kugira ubone izindi mpanuro zo muri Bibiliya zofasha abavyeyi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?»
Numenye n’ibindi
Bibiliya ivuga ko tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1-5) Ariko kandi, iratanga impanuro zitigera zita igihe zishobora kudufasha kwihangana. Nurabe urutonde rw’ibiganiro 20 bishingiye kuri Bibiliya vyofasha abavyeyi n’abana, ruri mu kiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene indwara zo mu mutwe zirushiriza kwongerekana ku bakiri bato?»