URWARUKA RURIBAZA
Imbuga hwaniro ziriko zingirako ingaruka izihe?
Abavyeyi bawe boba bakwemerera kuja ku mbuga hwaniro? Nimba ari ukwo biri, iki kiganiro kiragufasha mu mice itatu ihambaye.
Ibi ni vyo tuza kubona muri iki kiganiro:
Umwanya mara ndi ku mbuga hwaniro ungana gute?
Gukoresha imbuga hwaniro ni nko kugendera kw’ifarasi yiruka cane. Bikunaniye kuyiyobora, ni yo ikuyobora.
«Hari igihe nja ku mbuga hwaniro nibwira ko nza kumara iminota mike ndiko ndayikoresha ariko ngasanga namaze amasaha n’ayandi! Imbuga hwaniro zirashobora kwizizira umuntu no kumutwara umwanya.»—Joanna.
Wari ubizi? Imbuga hwaniro zirizizira umuntu kubera ko ari co zagenewe. Abazitunganije barazi ko igihe umuhora uzwi n’abantu benshi kandi abantu bakamara umwanya munini bawujako, bica bituma abamenyekanisha ibintu vyabo kuri uwo muhora bariha amahera menshi.
Niwibaze uti: «Noba ntamenya ukuntu umwanya ugenda iyo ndi ku mbuga hwaniro? Noba nokoresha uwo mwanya mu bindi bintu bihambaye?»
Ivyo wokora. Niwishingire umwanya utorenza uriko urakoresha imbuga hwaniro kandi uvyubahirize.
Niwishingire umwanya utorenza uriko urakoresha imbuga hwaniro
«Ndaregera telefone yanje ku buryo ishobora kwugara application zimwezimwe iyo maze umwanya kanaka ndiko ndazikoresha. Igihe nihatira kuvyubahiriza, vyaramfashije kumenya umwanya nkwiye kumara ndi ku mbuga hwaniro, bigatuma nirinda gukoresha nabi umwanya.»—Tina.
Ico Bibiliya ivuga: «[Mukoreshe] neza umwanya wanyu.»—Abanyefeso 5:16.
Imbuga hwaniro zoba zituma ndyama umwanya udakwiye?
Abahinga benshi bavuga ko abana b’imiyabaga bakwiye kuryama n’imiburiburi amasaha umunani mw’ijoro, ariko benshi ntibayakwiza. Imwe mu mvo zibituma ni ugukoresha imbuga hwaniro.
«Imbere yuko nja kuryama, ndafata telefone nshaka gusa kuraba ko hari ubutumwa buhambaye. Ariko nsanga namaze amasaha menshi ndiko ndaraba ivyo abandi bashizeko. Ndiko ndagerageza guheba ako akamenyero kabi.»—Maria.
Wari ubizi? Kutaryama umwanya ukwiye birashobora gutuma umuntu arwara akabonge kandi akagira amaganya. Umuhinga mu vy’inyifato yitwa Jean Twenge, avuga ko kutaryama umwanya ukwiye bishobora gutuma umuntu atiyumva neza kandi akabura umunezero. Avuga kandi yuko igihe umuntu «amaze igihe kinini» ataryama umwanya ukwiye bishobora gukwega «ingorane zikomeye z’amagara.»a
Niwibaze uti: «Ndyama umwanya ungana gute mw’ijoro?» «Noba mara umwanya munini ku mbuga hwaniro kandi nari kuba ndyamye?»
Ivyo wokora. Mw’ijoro nushire utwuma twawe two mu buhinga bwa none kure y’aho uryama. Nimba bishoboka, imbere y’uko uja kuryama numare amasaha abiri utariko urakoresha telefone canke orodinateri. Nimba na ho wifuza agakengeri kakuvyura mu gitondo koresha akandi kuma atari telefone canke tablete.
Imbere y’uko uja kuryama numare umwanya utariko urakoresha imbuga hwaniro
«Rimwe na rimwe ndyama ntevye kubera telefone yanje, ariko iyo ngorane ndiko ndagerageza kuyitorera umuti. Nshaka kuba umuntu akuze afise vyinshi akora. Ku bw’ivyo, nkeneye kwishingira umugambi wo kuza ndaryama kare kugira umusi ukurikira nzobe nshoboye gukora ibintu vyose nategekanije.»—Jeremy.
Ico Bibiliya ivuga: «[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.»—Abafilipi 1:10.
Imbuga hwaniro zihindura gute uko niyumva?
Mu cigwa kimwe cagizwe, hafi igice c’abakobwa bo mu mashure yisumbuye bavuze ko bafise «umubabaro udahera kandi ko bacika intege.» Birashoboka ko imbuga hwaniro ari zo ahanini zituma biyumva gutyo. Uwitwa Leonard Sax,b akaba ari umuganga n’umuhinga mu vy’inyifato yavuze ati: «Kumara umwanya munini ukoresha imbuga hwaniro wigereranya n’abandi, birashobora gutuma urushiriza kwumva wihebuye.»
«Ni ibisanzwe ko abakiri bato bigereranya n’abandi, kandi gukoresha imbuga hwaniro biratuma ivyo birushiriza gukomera. Urashobora kumara amasaha uriko uraraba amafoto abandi bashize ku mbuga hwaniro maze ugaca utangura kugereranya ubuzima bwawe hamwe n’ubwabo. Canke na ho ukabona ku mafoto ivyo abagenzi bawe barimwo ugaca wumva umengo hari ico uhomvye.»—Phoebe.
Wari ubizi? Naho imbuga hwaniro zidufasha kuyaga n’abagenzi, ntitwozigereranya no kuyaga na bo amaso mu yandi. Nicholas Kardaras, umuhinga mu bijanye n’ukwizizirwa n’utwuma two mu buhinga bwa none yanditse ati:«Kuyaga n’abandi biciye ku buhinga bwa none ntibitanga umunezero co kimwe no kuyaga na bo amaso mu yandi. Ntibidukora ku mutima kubera ko abantu twese dukenera canecane ikiyago tugirana n’abandi.»c
Niwibaze uti: «Noba numva irungu iyo ndavye amafoto y’abagenzi banje bariko bariryohera?» «Amafoto abagenzi banje bashira ku mbuga hwaniro yoba atuma numva ntahimbariwe ubuzima bwanje?» «Noba ncika intege iyo ari bake canke ata numwe yashimye ivyo nashize ku mbuga hwaniro?»
Ivyo wokora. Gerageza kumara imisi kanaka, indwi, canke ukwezi udakoresha imbuga hwaniro. Niwongereze umwanya umara uriko uraganira n’abagenzi bawe amaso mu yandi. Nurabe ko utanguye kwumva utekanye canke uhimbawe kubera wahagaritse gukoresha imbuga hwaniro.
Ubona gute wongereje umwanya umara n’abagenzi bawe amaso mu yandi?
«Igihe naba ndiko nkoresha imbuga hwaniro, nasanga nitaho cane kuraba ivyo abandi barimwo. Maze guhagarika kuzikoresha, numvise ndemurutse kandi naciye ndonka umwanya ukwiye wo gukora ibindi bintu bihambaye.»—Briana.
Ico bibiliya ivuga: «Umwe wese nasuzume ibikorwa vyiwe bwite, ni ho azogira imvo yo kunezererwa ivyo akora, atari kubera yigereranije n’uwundi.»—Abagalatiya 6:4.