ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb16 rup. 130
  • Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Ivyo bijanye
  • Umutsimvyi ni iki?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
yb16 rup. 130

ENDONEZIYA

Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe

Alisten Lumare

  • YAVUTSE 1927

  • YABATIJWE 1962

  • IVYIWE MURI MAKE Uwahoze ari umukuru mu gipolisi yarakoze ubutsimvyi budasanzwe imyaka irenga 50.

Alisten Lumare

MU 1964, nararungitswe kuba umutsimvyi adasanzwe mw’ishengero ritoyi ry’i Manokwari, mu burengero bwa Papouasie. Abakuru b’amadini b’aho barahama cane iryo shengero. Haciye igihe gito nshitse, hari umupasitori w’umuporoti nagiye mbona anteye muhira.

Nagiye numva akankama ati: “Ngira mbomore iyi nzu, nomore n’Ivyabona vya Yehova i Manokwari.”

Kubera ko nigeze kuba umupolisi, iryo terabwoba ryiwe ntiryankanze. Ariko ntiwumve namwishuranye ubwitonzi, maze asubira inyuma ata co yononye.​—1 Pet. 3:15.

Ico gihe i Manokwari hari abamamaji umunani. Ubu inyuma y’imyaka 50, hariyo amashengero indwi. Abantu barenga 1.200 baritavye ihwaniro ryabereye muri ako karere mu 2014. Iyo mbonye ivyo Yehova yakoze vyose aha hantu hari iyo catawe, numva mpimbawe vy’ukuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika