ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jl icig. 13
  • Umutsimvyi ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umutsimvyi ni iki?
  • Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ivyo bijanye
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
jl icig. 13

ICIGWA CA 13

Umutsimvyi ni iki?

Umwamamaji w’Injili w’igihe cose ari mu busuku bwo ku mugaragaro

Muri Kanada

Abamamaji b’Injili b’igihe cose bari mu gikorwa co kwamamaza

Inzu ku nzu

Abamamaji b’Injili b’abatsimvyi bariko barayobora inyigisho ya Bibiliya

Inyigisho ya Bibiliya

Umusuku w’umutsimvyi ariko ariga Bibiliya

Ukwiyigisha

Imvugo ngo “umutsimvyi” akenshi yerekeza ku bantu batangura kugerera mu turere dushasha, gutyo bakaba baciriye inzira abandi. Yezu yari ameze nk’umutsimvyi, kubera ko yarungitswe ngaha kw’isi ngo arangure ubusuku butanga ubuzima yongere atume abantu baronka akaryo ko kuzorokoka. (Matayo 20:28) Muri iki gihe, abayoboke biwe baramwigana mu kumara umwanya mwinshi ushoboka bariko ‘barahindura abantu abigishwa.’ (Matayo 28:19, 20) Hari n’abashoboye gukora ico twita umurimo w’ubutsimvyi.

Umutsimvyi ni umwamamazanjili w’igihe cose. Ivyabona vya Yehova bose ni abamamaji b’inkuru nziza. Ariko rero, hari abatunganije ivyabo ku buryo bashobora gukora ubutsimvyi busanzwe, bakamara amasaha 70 buri kwezi bariko baramamaza. Kugira ngo ivyo babishikeko, benshi muri bo usanga bakora akazi k’imisi mikemike. Abandi bararungikwa gukora ubutsimvyi budasanzwe mu turere aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi, bakamara amasaha 130 canke arenga buri kwezi bariko baramamaza. Abatsimvyi barahimbarwa no kubaho mu buzima buciye bugufi, bizigiye ko Yehova azobaronsa ivyo bakeneye. (Matayo 6:31-33; 1 Timoteyo 6:6-8) Abadashobora kuba abatsimvyi b’igihe cose barakora ubutsimvyi bwo gufasha igihe babishoboye, bakongereza umwanya bamara bariko baramamaza bagashikana amasaha 30 canke 50 ku kwezi.

Uwukora ubutsimvyi abitumwa n’urukundo akunda Imana n’abantu. Nka kumwe kwa Yezu, turabona ukuntu abantu benshi muri iki gihe bakeneye cane kumenya ivyerekeye Imana be n’imigambi yayo. (Mariko 6:34) Kandi turazi ibintu bishobora kubafasha muri iki gihe, bigatuma bagira icizigiro gikomeye ca kazoza. Urukundo umutsimvyi akunda abantu nka we ruratuma atanga abikunze umwanya wiwe be n’inguvu ziwe kugira ngo abafashe kumenya inkuru nziza. (Matayo 22:39; 1 Abatesalonika 2:8) Ivyo biratuma ukwizera kwiwe gukomera, akarushiriza kwiyegereza Imana kandi akarushiriza kwumva ahimbawe.—Ivyakozwe 20:35.

  • Wodondora gute umutsimvyi?

  • Ni igiki gituma bamwe bakora ubutsimvyi igihe cose?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika