ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 28-rup. 29 ing. 1
  • Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • Uwuheruka kuja mu bagize Inama Nyobozi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyigisho yabandanije mu buzima bwanje gushika n’ubu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 28-rup. 29 ing. 1
Ifoto ku rup. 28

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka

Ikarata ku rup. 29

ABAVUKANYI na bashiki bacu bo muri Sri Lanka, bambaye umwambaro kavukire, barakiriye n’igishika cinshi abashitsi 130 bari bavuye mu bihugu 19 baje kwitaba urubanza rwo kwegurira Imana inyubakwa z’ishami ryo muri iryo zinga ribereye ijisho. Umugwi w’abana wararirimvye indirimbo z’Ubwami, kandi bose barahimbawe no kuraba ibintu vyiza cane biranga imico kama yaho, barahimbarwa n’imfungurwa zaho ziryoshe cane, umuziki uryoheye ugutwi, bongera barahimbarwa no kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 11 Nzero 2014, inyubakwa zari zubatswe n’izari zasanuwe zareguriwe Yehova, abantu 893 bakaba barakurikiranye bitonze iyo porogarama mu ndimi zitatu. Barakomye amashi menshi cane igihe Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi yabaza ati: “Murashaka kwegurira Yehova Imana izi nyubakwa nshasha?”

Bukeye, abantu 7.701 barakurikiranye porogarama yari igizwe n’isubiramwo ry’ivyabaye ku wa gatandatu hamwe n’insiguro iremesha yashikirijwe n’umuvukanyi Sanderson. Abavukanyi bari mu bibanza bitanu binini vyo hirya no hino mu gihugu na bo nyene barakurikiranye iyo porogarama biciye ku buhinga bwa internet. Biciye kuri ubwo buhinga, vyarashobotse ko abavukanyi na bashiki bacu bari muri ivyo bibanza vyose babonana kandi bamwe bose bakumva amajwi ya bagenzi babo igihe baba bariko bararirimba indirimbo z’Ubwami, ivyo rikaba ryari ryo rya mbere bibaye. Ico kintu c’intibagirwa caratumye vy’ukuri abavukanyi bagira “akanyamuneza kenshi.”​—Neh. 12:43.

Ifoto ku rup. 29
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika