ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/10 rup. 24-28
  • Inyigisho yabandanije mu buzima bwanje gushika n’ubu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyigisho yabandanije mu buzima bwanje gushika n’ubu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyiza vyavuye ku twosho twiza
  • Nkomezwa n’ibigeragezo
  • Mpangana n’ukwiyumvamwo ko ata co nshoboye
  • Mva mw’ikontina igadutse nkaja mw’izinga rigereranywa n’akabuyenge
  • Twamamaza twongera twigisha i Sri Lanka
  • Amahinduka no gusubiza amaso inyuma
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kumenya ikibereye no kugikora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yehova yamenyereje kuva nkiri muto
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/10 rup. 24-28

Inkuru y’ubuzima

Inyigisho yabandanije mu buzima bwanje gushika n’ubu

NK’UKO VYAVUZWE NA HAROLD GLUYAS

Ico kintu nabonye kuva mu bwana bwanje kiracandi mu bwenge naho haciye imyaka irenga 70. Nari nicaye mu gikoni mawe yatekeramwo, ndiko nihweza agapapuro kari kanditseko amajambo avuga ngo: “Icayi c’ i Ceylon”. Nya gapapuro kariko n’ifoto y’abagore bariko baha amababi y’icayi mu mirima itoshe isa n’urwatsi rutoto y’i Ceylon (ubu hakaba ari muri Sri Lanka). Aho hantu nabonye kuri nya gapapuro, naho hari kure rwose y’akarere twabamwo kagadutse ko muri Ositaraliya y’Epfo, hatumye nca niha ishusho y’ivyaho. Ese ukuntu Ceylon gitegerezwa kuba cari igihugu ciza kandi giteye igomwe! Ico gihe sinari nzi ko nomaze imyaka 45 yo mu buzima bwanje ndi umumisiyonari muri iryo zinga rihimbaye.

NAVUTSE muri Ndamukiza 1922, mvukira mw’isi yari itandukanye rwose n’iyo muri kino gihe. Umuryango wacu warima ibiterwa vy’intete mw’itongo ryari ukwa ryonyene hafi y’igisagara ca Kimba co mu gihugu hagati cari kure cane, ico gisagara kikaba cari giherereye hagati na hagati mw’ikontina nini ya Ositaraliya no ku nkengera yo mu Bumanuko ya bwa bugaragwa bunini bw’iyo kontina. Ubuzima bwo ngaho bwari bwuzuyemwo ingorane, kubera ko hama hari uruzuba, udukoko twatema tugatongora be n’ubushuhe bukaze cane. Mawe yarakora agatama kugira ngo abungabunge dawe na twebwe abana batandatu mu kazu gasanzwe ko mu rutoke kari kubakishijwe ibibatibati.

Mugabo kuri jewe, muri ako karere ko mu gihugu hagati hari ahantu h’umwidegemvyo kandi hashimishije. Ndibuka ubwoba nagira nkiri muto igihe naba mbonye ibipfizi vy’inguvu biriko bikura ivyatsi mu murima be n’igihe ibivumbuzi vyavumbura inkungugu n’urwamo n’akantu mu mitumba. Urumva rero ko inyigisho naronse mu buzima yari yatanguye vy’ukuri kuva kera cane imbere y’uko ntangura kuja mu gashure gatoya kigishwa n’umwigisha umwe, kari ku rugendo rw’ibilometero bitanu uvuye i muhira.

Abavyeyi banje barakunda ivy’Imana, naho batigera baja mu misa, ahanini bikaba vyava ku rugendo rwari hagati y’aho twarimira n’igisagara. Naho ibintu vyari ukwo, mu ntango z’imyaka ya 1930, mawe yaratanguye kwumviriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya zashikirizwa n’umucamanza Rutherford, zikaba zacishwa ku ndwi ku ndwi ku nsamirizi yasamiranira mu gisagara ca Adelaide. Niyumvira ko umucamanza Rutherford yari umuvugabutumwa w’i Adelaide, ari co gituma ntavyitaho cane. Mugabo ku ndwi ku ndwi mawe yararindirana igishika ikiganiro co ku nsamirizi cashikirizwa na Rutherford kandi akumviriza yitonze igihe ijwi ryiwe ryaba ririko ryumvikanira nabinabi ku karadiyo kacu ka kera kakoreshwa n’amapile.

Umusi umwe ku muhingamo hashushe cane kandi hari ivumbi ryinshi, nagize gutya mbona agakamyonete gashaje gahagaze imbere y’inzu yacu, maze havamwo abagabo babiri bambaye neza. Bari Ivyabona vya Yehova. Mawe yarumvirije ubutumwa bariko barashikiriza yongera aratanga intererano ku bitabu bitari bike bamuhaye, akaba yaciye atangura kubisoma akimara kubironka. Ivyo bitabu vyaramukoze ku mutima cane ku buryo bidatevye yaciye asaba dawe ngo amutware ku babanyi kugira ngo abayagire ivyo yariko ariga.

Ivyiza vyavuye ku twosho twiza

Hataraca n’igihe ivyo bibaye, ivyo muri nya karere ko mu gihugu hagati vyari vyifashe nabi vyatumye twimukira mu gisagara ca Adelaide cari ku bilometero 500 uvuye aho twaba. Umuryango wacu waciye utangura kwifatanya n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Adelaide maze uragira iterambere mu vy’impwemu. Ukwimuka kwacu kwatumye ntabandanya amashure. Nahagaritse amashure igihe nari mfise imyaka 13 y’amavuka, nkaba nari ndangije umwaka w’indwi. Nari umuntu atanegwa ibintu, ivyo bikaba vyari gutuma ntakurikirana ivy’impwemu iyo ntahabona abavukanyi batari bake bameze neza banyitwararitse, abo bakaba bari abatsimvyi ari bo basuku b’igihe cose.

Uko igihe cagiye kirarengana, akosho abo bavukanyi b’abanyamwete bangizeko karankanguye mu vy’impwemu. Narashima kuba ndi kumwe na bo nkongera ngashima agatima bari bafise ko gukora bagatama. Ku bw’ivyo, igihe kw’ihwaniro rimwe ryabereye i Adelaide mu 1940 hashikirizwa itangazo riremesha umurimo w’igihe cose, sinzi ukuntu nagiye nsanga natanze izina ryanje. Ico gihe sinari bwanabatizwe, eka mbere nari mfise ubuhanga bukeya mu vy’ugushinga intahe. Ariko rero, ico nticabujije ko hashize imisi mikeyi ntumirwa gukorana n’umugwi mutoya w’abatsimvyi wakorera i Warrnambool, ico kikaba cari igisagara cari ku bilometero amajana uvuye i Adelaide, muri Leta twahana urubibe ya Victoria.

Naho natanguye ntazi neza ico nariko nkurikirana, sinatevye gutsimbataza ugukunda ubusuku bwo mu ndimiro, urwo rukaba ari urukundo mpimbarwa no kuvuga ko rutagabanutse uko imyaka yagiye irengana. Ico mu vy’ukuri cari igihe c’ihinduka rihambaye kuri jewe, nkaba rero naciye ntangura kugira iterambere nyakuri mu vy’impwemu. Naramenye akamaro ko kwiyegereza abakunda ivy’impwemu. Nariboneye ukuntu akosho kabo keza gashobora kugira ikintu ciza gakoze kuri twebwe tutaravye amashure twize uko angana, nongera ndibonera ingene ivyo tuba twarabigiyeko bishobora kutugirira akamaro mu buzima bwacu bwose.

Nkomezwa n’ibigeragezo

Nari maze igihe gitoya gusa mu murimo w’ubutsimvyi igihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cabuzwa muri Ositaraliya. Kubera ko ntabona ico ndi bukore, nararondereye ubuyobozi ku bavukanyi, bano bakaba baciye bavuga yuko bitari bibujijwe kubwira abantu ivyerekeye Bibiliya. Ku bw’ivyo ndi kumwe n’abandi batsimvyi, naratanguye kugenda inzu ku nzu nshikiriza ubutumwa bworoshe bwo muri Bibiliya. Ivyo vyarankomeje birantegura ku bw’ibigeragezo vyari biraririye gushika.

Haciye amezi ane, narashikanye imyaka 18 y’amavuka nca rero ndahamagarwa ngo nje mu bikorwa vya gisirikare. Ivyo vyarandonkeje akaryo ko kuburanira ukwizera kwanje imbere y’abakuru benshi mu vya gisirikare be n’imbere y’umucamanza. Ico gihe, hari abavukanyi nka 20 bari bapfungiwe i Adelaide bahorwa impagararo yabo y’ukutagira aho bahengamiye, maze bidatevye ndabasangayo. Twahawe gukora ibikorwa vy’umuruho, twimba amabuye twongera dusanura amabarabara. Ivyo vyaramfashije gutsimbataza kamere zimwezimwe nk’ukwihangana no kwumira kw’ibanga. Inyigenzo yacu nziza be n’ugushikama kwacu amaherezo vyatumye benshi mu bacunzi b’ibohero batwubaha.

Aho ndekuriwe, aho hakaba hari haciye amezi atari make, narafunguye imfungurwa zimeze neza nca nsubira gukora ubutsimvyi. Ariko rero, umuntu ntiyakunda kuronka abo bafashanya ubutsimvyi, ari co gituma nasabwe ko nokora ndi jenyene mu karere k’indimo ka kure muri Ositaraliya y’Epfo. Naremeye hanyuma ndurira ubwato nja mu karere ka Yorke ahanini gakikijwe n’ikiyaga, ngenda mfise gusa ivyo gukoresha mu gushinga intahe be n’ikinga. Nshitseyo, umuryango w’abantu bashimishijwe n’ukuri waranyoboye ku nzu ntoyi yakira ingenzi aho umugore umwe w’umutima mwiza yamfashe nk’umwana wiwe. Ku murango, naraca mu mabarabara y’ibivu ndi kw’ikinga, nkaja kwamamaza mu dusagara twari hirya no hino muri ako karere. Kugira mpeture uturere twa kure, rimwe na rimwe narara ku duhoteri canke ku nzu ntonto zakira ingenzi. Muri ubwo buryo, naragenze ibilometero amajana n’amajana ndi kw’ikinga ndongera ndibonera ibintu bitari bike bishimishije. Sinigeze ndazwa ishinga birenze urugero n’uko nari jenyene mu murimo, kandi uko nibonera ukuntu Yehova anyitaho, ni ko narushiriza kumwiyegereza.

Mpangana n’ukwiyumvamwo ko ata co nshoboye

Mu 1946, nararonse ikete rintumira kuja mu gikorwa c’ubugenduzi ndi umusuku w’abavukanyi (uwitwa ubu umucungezi w’umuzunguruko). Ivyo vyasaba kugendera amashengero atari make yaba agize umuzunguruko munaka. Mvugishije ukuri, nasanze amabanga y’ico gikorwa atoroshe na gato. Umusi umwe, sinzi ukuntu nagiye numva umuvukanyi umwe avuze ati: “Harold ku mukiruruko nta kigenda, mugabo mu ndimiro arahumva”. Ayo majambo yarandemesheje cane. Nari nzi neza yuko mfise ubushobozi buke mu vy’ugushikiriza insiguro no mu vyo gutunganya ibintu, mugabo naratahura ko igikorwa co kwamamaza ari co gikorwa nyamukuru ku bakirisu.

Mu 1947 harabaye akanyamuneza kenshi igihe twagenderwa n’abavukanyi Nathan Knorr be na Milton Henschel bavuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn. Ubwo bwari bwo bwa mbere tugenderwa muri ubwo buryo kuva aho umuvukanyi Rutherford aziye mu 1938. Muri ico gihe twari twagendewe, i Sydney haragizwe ihwaniro rininiya. Cokimwe n’abandi batsimvyi bakiri bato benshi, na jewe naripfuza ukumenyerezwa mu vy’ubumisiyonari kwatangirwa muri rya shure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi ryari riherutse kwugururwa mu ntara ya South Lansing i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abatari bake muri twebwe bari kuri iryo hwaniro twaribaza niba kugira ngo umuntu yemererwe kurijamwo yasabwa kuba yarize amashure menshi. Ariko rero, umuvukanyi Knorr yasiguye ko nimba dushoboye gusoma ikiganiro co mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kandi tugashobora kwibuka ivyiyumviro nyamukuru, tutobuze kuvyifatamwo neza i Gileyadi.

Nariyumvamwo ko udushure dukeyi nari narize twotumye ntakwiza ibisabwa. Ntanavyiteze, haciye amezi atari make narasabwe kwuzuza urukaratasi rwo gusaba kuja kumenyerezwa i Gileyadi. Mu nyuma, naremerewe, nca nitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 16 vyatanzwe mu 1950. Ivyo vyabaye ikintu ciza igitangaza catumye ndushiriza gushira umutima mu nda. Ivyo vyaranyeretse yuko amashure menshi umuntu yize atari co kintu nyamukuru cotumye abishobora. Ahubwo riho, umwete be n’ukugamburuka vyari vyo bintu nyamukuru vyasabwa. Abigisha bacu baraturemesha gukora uko dushoboye kwose. Uko nagenda nkurikiza impanuro baduha, nagumye ntera imbere maze ndashobora gukurikira neza ivyigwa vyose vyagiye biratangwa.

Mva mw’ikontina igadutse nkaja mw’izinga rigereranywa n’akabuyenge

Turangije ivyigwa, twe n’abandi bavukanyi babiri bo muri Ositaraliya twararungitswe gukorera i Ceylon (ubu hitwa Sri Lanka). Twashitse ku murwa mukuru Colombo, muri Nyakanga 1951. Hari hashushe kandi hasisiye, tukaba twarabonye ibintu bishasha, turumva amajwi mashasha twongera turumva n’akamoto tutari tumenyereye. Tukiva mu bwato, umwe mu bamisiyonari bari basanzwe bakorera muri ico gihugu yansanganije agapapuro k’ubutumire kamenyesha insiguro y’icese yategerezwa gushikirizwa ku musi w’iyinga mu kibanza kimwe co mu gisagara. Ngize ntya, mbona izina ryanje riri kuri nya gapapuro, yuko ari jewe nari gushikiriza nya nsiguro! Ca wiyumvira ukuntu nahagaritse umutima. Mugabo imyaka namaze nkorera muri Ositaraliya yari yaranyigishije kwemera ibanga iryo ari ryo ryose nshinzwe. Ku bw’ivyo, ndabifashijwemwo na Yehova, narashikirije nya nsiguro biragenda neza. Twebwe batatu turi kumwe n’abavukanyi bane b’abirebange bari basanzwe baba mu nzu y’abamisiyonari, twaratanguye kwiga ururimi rugoye rw’igisinala no kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Akenshi twarikorana, kandi twarahimbarwa no gusanga abantu bo muri ako karere ari abantu bubaha kandi bafise agatima k’ubwakiranyi. Hataraca n’igihe, igitigiri c’abitaba amakoraniro caratanguye kwongerekana.

Haciye igihe, naratanguye kwiyumvira ata gufyina umuvukanyikazi umwe nagomwe ari we Sybil, tukaba twari twabonanye igihe nari ku rugendo mu bwato ngiye kw’ishure ry’i Gileyadi. Yari agiye kwitaba ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i New York. Mu nyuma, yahavuye yitaba ivyigwa vy’i Gileyadi vy’umugwi ugira 21 hanyuma arungikwa gukorera i Hong Kong mu 1953. Narafashe ingingo yo kumwandikira hanyuma turabandanya kwandikiranira gushika mu 1955 igihe yansanga i Ceylon, ari na ho twagiriye ubugeni.

Ahantu ha mbere twarungitswe gukorera bwa bamisiyonari bubakanye habaye i Jaffna, ico kikaba ari igisagara kiri kure cane amaja mu Buraruko bwa Sri Lanka. Hagati mu myaka ya 1950, ukutavuga rumwe mu vya politike kwari gutanguye kwatumye haba amacakubiri hagati y’abavuga ururimi rw’igisinala n’abavuga igitamili, bikaba vyatumye haduka intambara mu myaka mirongo yakurikiye. Ese ukuntu cari ikintu ceza umutima kubona Ivyabona bavuga ururimi rw’igisinala be n’abavuga urw’igitamili bamwe baranyegeje abandi mu kiringo c’amezi muri iyo myaka itari yoroshe! Ivyo bigeragezo vyaratyoroye ukwizera kw’abavukanyi vyongera biragukomeza.

Twamamaza twongera twigisha i Sri Lanka

Kumenyera kubana n’abahindu be n’abisilamu vyasaba ukwihangana n’ukwumira kw’ibanga. Naho vyari ukwo, twahavuye dutahura imico kama yabo be na kamere zabo z’igikundiro. Kubera ko abantu batari bamenyereye kubona abanyamahanga bagendera mu mabisi yo muri ako karere, igihe twaba turi muri yo abantu baradutamarira. Sybil yafashe ingingo y’uko bamuravye yociye abamwenyurira rwose. Ese ukuntu vyari biteye umunezero kubona abo bantu baba badutamariye baca na bo bamwenyurana akanyamuneza!

Igihe kimwe, baraduhagaritse kw’ibariyeri. Uwari acunze iyo bariyeri amaze kutubaza iyo tuvuye n’iyo turiko turaja, yahavuye anatubaza ibibazo vyinjira no mu bintu bitamuraba.

Yabajije ati: “Uyu mugore ni nde?”.

Nanje nti: “Ni umugore wanje”.

Uri uwundi ati: “Mumaze igihe kingana gute mwubakanye?”.

Natwe duti: “Imyaka umunani”.

Na we ati: “Murafise abana?”.

Duti: “Oya”.

Na we ngo: “Mukama w’ikigongwe! None mwaragiye kwa muganga?”.

Ukwo gushaka kumenya ibintu gusanzwe kwabanje kudutangaza, mugabo hashize umwanya twarabonye ko ari uburyo abantu bo ngaho basanzwe baseruramwo ubwitwararitsi bafitiye abandi. Nkako, iyo yari imwe muri kamere zabo nziza kuruta izindi. Wakira gusa guhagarara ahantu hahurira abantu benshi, mu kanya gatoya ukaza ubona umuntu arakwegereye hanyuma akakubaza n’umutima mwiza ko hari ico yogufasha.

Amahinduka no gusubiza amaso inyuma

Mu myaka itari mike yagiye irengana, twarahawe ibikebere bitandukanye uretse igikorwa c’ubumisiyonari twakorera i Sri Lanka. Narashinzwe gukora igikorwa c’umuzunguruko be n’ic’intara ndongera ndaba mu bagize komite y’ishami. Mu 1996, nari ngeze mu myaka nka 75 y’amavuka. Naragize umunezero wo gutereza amaso inyuma ku myaka 45 namaze nkora umurimo w’ubumisiyonari muri Sri Lanka. Ikoraniro rya mbere nitavye i Colombo, ryari ryitabwe n’abantu nka 20. Muri uwo mwaka wa 1996 ico gitigiri cari carongerekanye gishika ku bantu barenga 3.500! Benshi muri abo bantu bakundwa, twe na Sybil twababona nk’abana n’abuzukuru bacu bo mu vy’impwemu. Ariko ntiwumve, hari hakiri igikorwa kinini cane gikeneye kurangurwa muri ico gihugu cose, na co kikaba casaba inguvu n’ubuhanga vy’abantu bakiri bato ugereranije na twebwe. Dufise ico kintu mu muzirikanyi, twaremeye igihe Inama Nyobozi yadusaba gusubira muri Ositaraliya. Ivyo vyatumye abubakanye bakiri bato babishoboye baja muri Sri Lanka kudusubirira mu gikorwa c’ubumisiyonari.

Ubu mfise imyaka 83 y’amavuka, twe na Sybil tukaba duhimbarwa no kubona tugifise amagara atuma tubandanya umurimo wacu w’ubutsimvyi budasanzwe mu karere twahora tubamwo ka Adelaide. Ubusuku turangura butuma tuguma dukerebutse mu bwenge kandi tukagerageza guhuza n’ukuntu ibintu vyifashe. Vyaradufashije kandi guhuza n’uburyo bwo kubaho bwo muri ico gihugu butandukanye rwose n’ubw’ahandi.

Yehova yarabandanije kuturonsa ivyo dukeneye vyose vy’umubiri kandi abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero dukukira, baradukunda cane kandi bakadushigikira rwose. Mperutse gushingwa ibanga rishasha. Ubu ndi umunyamabanga mw’ishengero iwacu. Gutyo, narabonye ko uko nita ku rutare ngo nsukurire Yehova ntahemuka, mbandanya kumenyerezwa. Iyo ntereje amaso inyuma kuri iyo myaka yose iheze, nguma ntangazwa n’ukuntu nashoboye kuronka mwene iyo nyigisho nziza igitangaza kandi nari agahungu gasanzwe ko mu rutoke kandi katanegwa ibintu, iyo nyigisho ikaba yarabandanije mu buzima bwanje gushika n’ubu.

[Ifoto ku rup. 26]

Ku musi w’ubugeni bwacu, mu 1955

[Ifoto ku rup. 27]

Mu 1957, turi mu murimo wo mu ndimiro twe na Rajan Kadirgamar, umuvukanyi w’aho nakorera

[Ifoto ku rup. 28]

Twe na Sybil muri iki gihe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika