ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 24-rup. 27 ing. 1
  • Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • Ividewo nshasha ifasha gutanguza inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Amahwaniro yoroshe kwumva no kubona
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • “Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!”
    Be maso!—2016
  • Ikaseti Videwo Unis grâce à l’enseignement divin (Barafatanye mu Nda Bivuye ku Nyigisho Iva ku Mana): Ni Ikintu Cerekana Ubumwe Nyakuri Burangwa mu Bavukanyi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 24-rup. 27 ing. 1
Ifoto ku rup. 24

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane

KU WA gatandatu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2013, abantu bagera ku 257.294 bari mu bihugu 21 barakurikiranye ikoraniro riba buri mwaka rigira 129 ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Bamwe barikurikiranye ari ho bibereye abandi na bo barikurikirana biciye ku mboneshakure ikoresha ubuhinga bwa internet. Kuri iyo mpera y’umushamvu nyene, iryo koraniro rimaze kurangira, ibindi Vyabona barakurikiranye iyo porogarama biciye ku masanamu yari yafashwe. Abarikurikiranye bose hamwe baciye rero baba 1.413.676 mu bihugu 31. Iryo koraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi kuruta abigeze gukurikira iyindi porogarama iyo ari yo yose.

Mu 1920, Ivyabona vya Yehova baratanguye gusamiriza amakoraniro maninimanini yabo ku bantu baba bari mu bihugu bitandukanye, bakoresheje telefone be n’imirongo myinshi y’amaradiyo. Ubu, ubuhinga bwa internet buratuma bishoboka ko n’abantu bari mu mihingo ya kure cane bashobora kwumva bakanabona ibiriko biraba, canke bakabibona haciye igihe gito bibaye.

Abo ku biro vy’ishami bitandukanye vy’Ivyabona vya Yehova baramaze umwaka urenga bariko baratunganya ubwo buhinga bwa internet. Ku musi w’iryo koraniro, abo mu buhinga bw’ivyuma barakontorora ingene ivyuma biriko birerekana porogarama bari i Brooklyn muri New York, bakaguma bakurakuranwa igihe cose. Ivyo ni kubera ko yerekanywe mu mihingo y’isi igenda iratandukana ku masaha, gushika ku masaha 15.

Ibintu nyamukuru: Aho bakurikiranye iryo koraniro biciye ku buhinga bwa internet

  • Aho ryabereye: Ingoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova y’i Jersey City, muri New Jersey, muri Amerika Abaryitavye: 4.732

  • Aho barikurikiranye ari benshi kuruta: I Perth muri Ostraliya Abari bahari: 7.186

  • Mu buraruko bwa kure: I Fairbanks muri Alaska muri Amerika Abari bahari: 255

  • Mu bumanuko bwa kure: I Invercargill muri Nouvelle-Zélande Abari bahari: 190

  • Kure cane: I Perth muri Ostraliya, ku bilometero nka 18.700 uvuye i Jersey City

Ingene ubwo buhinga bukora

  1. Amakamera atari make arafata amasanamu y’iyo porogarama.

  2. Ayo makamera aca arungika ayo masanamu ku cuma kiyayungurura kigahitamwo meza kuruta.

  3. Ividewo cahisemwo ica ija muri orodinateri.

  4. Iyo orodinateri ica igira amakopi atatu, imwe ibona mu buryo bubayabaye, n’iyo hagati na hagati be n’iyibona neza cane.

  5. Ayo makopi aca aja muri orodinateri iyacamwo uduce tumara amasegunda cumicumi.

  6. Utwo duce duca turungikwa ku zindi orodinateri biciye ku buhinga bwa internet.

  7. Icuma kiba kiri mu karere kamwekamwe kose gica kivoma utwo duce, kigaca kidukorakoranya kugira ngo ya videwo iboneke idacikagurika.

  8. Abantu baca bakurikirana iryo koraniro.

Igicapo ku rup. 26, 27
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika