ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb12 rup. 3-5
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyigwa dukura kuri “wa mwigishwa Yezu yakunda”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
yb12 rup. 3-5

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Vyabona vya Yehova bagenzi bacu bakundwa,

Turahimbawe cane no kubandikira mwebwe basavyi ba Yehova b’abizigirwa bakundwa, ubu murenga imiliyoni indwi. Igihe uhuye n’uwo musangiye ukwizera wo mu kandi karere k’isi, uca ubwo nyene wiyumvamwo ubucuti budasanzwe burangwa igishika mufitaniye. (Yoh. 13:34, 35) Nta gukeka ko uzokwiyumvamwo ubwo bucuti nyene igihe uzoba uriko urasoma inkuru zishimishije zo muri iki Gitabu c’umwaka zigana ukwizera be n’ukudahemuka kw’abavukanyi bawe bo mu bihugu bitandukanye.

Raporo zo hirya no hino kw’isi zirerekana ko abenshi cane muri mwebwe bafatana uburemere ya porogarama y’Ugusenga kwo mu muryango. Abo muri mwebwe bafise abana bakiri bato nta ko batagize kugira batume abo bana baryoherwa n’iyo porogarama kandi bagatega yompi. (Ef. 6:4) Abubakanye bararushiriza kwiyegerezanya kubera ko iyo porogarama ituma baganira ku vy’impwemu. (Ef. 5:28-33) Mu vy’ukuri, yaba umuntu ku giti ciwe canke abagize imiryango, umwe wese ariko arungukira kuri iyo ntunganyo yo kwiga bimwe bigera kure Ijambo ry’Imana.—Yos. 1:8, 9.

Turasangiye umubabaro na mwebwe mwese mwabuze abanyu n’ivyanyu muri vya vyago vy’ivyaduka biheruka. Tuboneyeho akaryo ko gushimira abatari bake bagize uruhara ata guhigimanga mu gikorwa co gutabara mu gihe c’ivyo vyago. (Ivyak. 11:28-30; Gal. 6:9, 10) Vyongeye, muri buri shengero hari abo muri mwebwe babona abavukanyi bari n’ivyo bakeneye bagaca bagerageza kubafasha. Nka kumwe kwa Doruka wo mu gihe ca kera, muragwije ‘ibikorwa vyiza, kandi murafasha cane aboro.’ (Ivyak. 9:36) Mumenye neza ko ivyo vyose Yehova abibona be n’uko azobibishura.—Mat. 6:3, 4.

Mu bihugu bimwebimwe, agateka kanyu kariko karahonyangwa n’abitwaza amategeko kugira ngo ‘bategure ivyago bakoresheje ingingo zishinzwe.’ (Zab. 94:20-22) Kubera muzi yuko Yezu yari yaravuze ibijanye n’ukwo guhamwa, murihangana mubigiranye umutima rugabo kandi mukaronderera ubuhungiro kuri Yehova. (Yoh. 15:19, 20) Nimumenye neza bakundwa yuko twama tubashira mu masengesho yacu uko mubandanya “kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe.”—1 Pet. 3:13-15.

Turakeje n’igishika cinshi abenshi cane muri mwebwe baguma batanduye mu vy’inyifato runtu buri mwaka naho Shetani aguma atugabako ibitero vy’urutavanako akoresheje ivy’ubuhumbu, mu buryo budashoka bwibonekeza. Muri iki gihe aho ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu zo mw’isi zitera zidabuka, muguma “[m]wironsa ububasha mu Mukama no mu bushobozi bw’inkomezi ziwe.” (Ef. 6:10) Kubera ko “mwamba[ye] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana,” ni co gituma muhagaze mushikamye imbere “y’amayeri ya Shetani.” (Ef. 6:11, 12) Nimumenye yuko Yehova ariko arakoresha akarorero kanyu keza kugira ngo yishure umwe amucokora, ari we Shetani, ku buryo ataronka ico asubizayo!—Imig. 27:11.

Twarahimbawe cane no kumenya yuko mu 2011, abantu 19.374.737 ari bo bitavye Icibutso c’urupfu rw’Umukama wacu. Ico gitigiri kidasanzwe cabonetse bivuye ku kuba mwaritavye muri benshi akamo twatewe ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza mu mwaka uheze. Abantu amamiliyoni kw’isi barashoboye kwumva amajwi yo gushemeza Yehova Ivyabona vyiwe badahemuka badugije bahurije hamwe! (Rom. 10:18) Waba uri mu bamamaji 2.657.377 bakoze ubutsimvyi bwo gufasha muri ukwo kwezi canke uri mu bashoboye kwongereza umurimo wabo mu buryo bunaka, mwese mwaratumye akamwemwe kadusya kubera agatima kanyu ko kwitanga be n’umwete mufitiye igikorwa.—Zab. 110:3; Kol. 3:23.

Mu mwaka uheze, abantu 263.131 ni bo berekanye ko beguriye Yehova ubuzima bwabo. Turakengurukira Yehova ku bw’ico kintu, kandi turakengurukira mwebwe mwese mwifatanya natwe mu gutera akamo abandi bantu, muti: “‘Ingo!’ Kandi uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 22:17) Canecane inyuma y’aho kuri ya mahwaniro y’intara yo mu 2011 turimburiye ibintu vyerekana yuko Ubwami bw’Imana bwamaze gushingwa, ubu kuruta ikindi gihe cose turavuga twivuye inyuma duti: “Ubwami bw’Imana nibuze!” Kubera ko turemeshwa n’amajambo asubiriza umutima mu nda ya Yezu agira ati: “Ndaje ningoga,” turaduza amajwi yacu n’umutima wacu wose tukavuga nka kumwe kw’intumwa Yohani duti: “Amen! Ingo, Mukama Yezu.”—Ivyah. 22:20.

Uko muguma mugavye mureretse ico kiringo giteye umunezero, nimumenye ko dukunda vy’ukuri umwumwe wese muri mwebwe bavukanyi na bashiki bacu bakundwa muriko murerekana ko mukunda Yehova “mu bikorwa no mu kuri”!—1 Yoh. 3:18.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika