22-28 RUHESHI 2026
URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye
Niwigane ya «Mana y’uruhoza rwose»
‘Duhoze abandi biciye ku ruhoza Imana iduha.’—2 KOR. 1:4.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ingene twohoza abandi mu kwigana Yehova n’abandi bamwiganye.
1. Ni kubera iki dukwiye guhoza abandi?
TWESE turashikirwa «n’ibigeragezo bitandukanye.» Ni co gituma rero rimwe na rimwe dukeneye guhozwa no kuremeshwa. (1 Pet. 1:6) Turakenguruka cane igihe abandi baduhojeje turi mu ngorane. Na twebwe rero turakwiye kwihutira kuremesha abandi igihe bari mu ngorane. (Mat. 7:12) Yehova «Imana y’uruhoza rwose», aratwereka ingene ‘twohoza abari mu bigeragezo vy’ubwoko bwose.’ Turashobora kwigana akarorero kiwe mu ‘guhozanya.’ (2 Kor. 1:3, 4; 1 Tes. 4:18) Ivyo ntitubikora kubera ari itegeko, ahubwo tubikora kubera dukunda abavukanyi bacu. Muri iki kiganiro turaza kuraba (1) ingene ijambo «uruhoza» rikoreshwa muri Bibiliya, (2) ingene twohoza abandi, (3) n’ico twokora igihe dukeneye uruhoza.
INGENE IJAMBO «URUHOZA» RIKORESHWA MURI BIBILIYA
2. Muri Bibiliya, ijambo «uruhoza» rishobora kugira insobanuro izihe?
2 Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «uruhoza» rirashobora kugira insobanuro zitandukanye bivanye n’ibiriko biravugwa. Rirashobora gusigura «kuremesha» canke «guhimiriza.» (Rom. 12:8; akajambo k’epfo.) Rihinduwe urudome ku rundi, risobanura «guhamagara umuntu ngo aze iruhande yawe.» Duca tubona mu bwenge umuntu aje ariruka kugira afashe umugenzi wiwe ari mu ngorane, akamuronsa ivyo akeneye vyose. Imfashanyo iyo ari yo yose yomuha iramuremesha, igatuma agarukana agatege.
3. Ni gute Barunaba yadusigiye akarorero keza mu bijanye no guhoza abandi? (Raba n’ifoto.)
3 Raba akarorero ko muri Bibiliya. Umukirisu yitwa Yozefu yararemesha cane abandi akongera akabahoza, ku buryo intumwa zahavuye zimutazira Barunaba, bikaba bisigura ngo «Umwana w’uruhoza.» (Ivyak. 4:36) Iryo zina yararigendeye ku buryo ata na hamwe Bibiliya isubira kumwita Yozefu. Barunaba yarahaserutse akatari gake kugira afashe abakirisu bagenziwe bari mu nkenero. Nk’akarorero, haciye igihe gito Sawuli acitse umukirisu, yaraduze i Yeruzalemu. Ico gihe yashaka kubonana n’abakirisu baho. Ariko baramutinye kubera bari bazi ko yahora abahama. Barunaba wewe yarizigiye Sawuli, aramufasha kumenyana n’izindi ntumwa.—Ivyak. 9:26-28.
Barunaba yaragendeye izina ryiwe (Raba ingingo ya 3)
INGENE TWOHOZA ABANDI
4. Bumwe mu buryo bwiza bwo kuremesha abandi ni ubuhe? (Abaroma 1:11, 12)
4 Nubagendere nimba bishoboka. Yehova arakoresha abasavyi biwe kugira aremeshe abandi. Nk’akarorero, igihe umuhanuzi Eliya yari yihebuye, Yehova yarakoresheje umumarayika kugira amuremeshe. (1 Abm. 19:4-7) Intumwa Pawulo na we nyene yaratahura ko vyari bihambaye kugendera abavukanyi biwe kugira abakomeze. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Igihe ugendeye abandi kugira ubaremeshe, numarane na bo umwanya uhagije. (1 Kor. 16:7) Ariko nimba bidakunda ko ubagendera, nubaterefone, ubandikire agakete canke akamesaje kugira ubakomeze. Woba uzokwemera ko Yehova agukoresha kugira ahoze abandi?
5. Ni kubera iki rimwe na rimwe bishobora kutatworohera kuremesha abavukanyi?
5 Kubera ko ino misi y’iherezo irushiriza kuba mibi, turashobora kwitega yuko bitazotworohera kugendera abavukanyi bacu kugira tubaremeshe amaso mu yandi. Igihe Pawulo yari apfungiwe i Roma, Onesiforo yaravuye i Efeso aja kumurondera, naho vyari gutuma na we nyene apfungwa canke akahasiga ubuzima. (2 Tim. 1:16-18) Ivyabona bo mu Burusiya na bo nyene baragaragaza agatima nk’ako mu gushigikira abavukanyi babo igihe bariko barahamwa kubera ivyo bemera. Igihe Ivyabona barengutse muri sentare, abavukanyi babo barahashika bakabashigikira, naho ivyo bishobora gutuma na bo nyene bafatwa. Ni igiki none cogufasha kwigana umutima rugabo wabo? Urashobora kwiga ivyo abasavyi b’Imana ba kera n’abo muri iki gihe bakoze kugira bashigikirane, no kugira bagumane umunezero naho baba bariko barahamwa.
6. Twokwigana gute Yehova igihe turemesha abandi? (Raba n’ifoto.)
6 Nubumvirize. Igihe umuhanuzi Eliya yabona ko ubuzima bwiwe buri mu kaga, yarasukiye Yehova ivyari ku mutima. Yehova yaramuteze yompi naho yari asanzwe azi ivyari bimuraje ishinga. Yaramwumvirije yihanganye, naho yaguma asubiramwo ivyo yavuze! (1 Abm. 19:9, 10, 14) Yehova kandi yararetse umuhanuzi Habakuki araserura ibimuraje ishinga n’amakenga yari afise, naho yabivuga umenga ariko aramuhambarira. (Hab. 1:2, 3) No muri iki gihe, Yehova arumviriza yitonze amasengesho yacu naho aba asanzwe azi ivyo dukeneye. Turashobora kumwigana mu kwumviriza abavukanyi bacu twitonze kandi tubigiranye icubahiro igihe baduserurira akari ku mutima. Igihe bariko baravuga, ‘nunyaruke kwumva’ kandi wirinde kubaciramwo canke kubabara, naho bovuga ibitari vyo canke bakaguma basubiramwo ivyo bavuze.—Yak. 1:19; Umus. 7:9.
Niwigane Yehova mu kwumviriza abavukanyi bawe witonze igihe baguserurira akari ku mutima (Ingingo ya 6)
7. Twomenya gute ivyo umuntu akeneye igihe ari mu ngorane?
7 Nurondere kumenya ivyo bakeneye. Ntidushobora kumenya ibiri mu mutima w’umuntu nka Yehova. Dushobora kumenya ivyo akeneye, igihe gusa tumwumvirije twitonze. Ntuce wibaza ko uzi ivyo akeneye kubera uzi ivyo wari gukenera iyaba ari wewe washikiwe n’iyo ngorane. Abantu baratandukanye. Nufate umwanya rero umwumvirize witonze kandi umubaze utubazo dutuma aserura iryo agona.—Imig. 20:5.
8. Yezu yaremesheje gute Marita na Mariya inyuma y’urupfu rwa Lazaro? (Raba n’amafoto.)
8 Raba ingene Yezu yaremesheje Marita na Mariya inyuma y’urupfu rwa musaza wabo Lazaro. Bompi bari bashikiwe n’ingorane imwe, ariko Yezu yabaremesheje mu buryo butandukanye. Yezu amaze kwumviriza Marita, yaciye amubwira ivyerekeye izuka yongera aramufasha kwizera cane iyo ntunganyo iranga urukundo. Ariko igihe Mariya yamwegera ariko ararira, biboneka ko Yezu atigeze amubwira ivyerekeye izuka. Ahubwo yarariranye na we, aca amubaza aho bari bahamvye Lazaro. (Yoh. 11:20-35) None ivyo bitwigisha iki? Igihe turemesha abari mu ngorane, turakeneye kumenya ivyo umwe wese akeneye aho gukoresha uburyo bumwe kuri bose.
Igihe uremesha abandi, niwihatire kumenya ivyo bakeneye (Raba ingingo ya 8)a
9. Twokoresha gute Bibiliya kugira turemeshe abandi? (Abaroma 15:4, 5)
9 Nukoreshe Bibiliya. Iyo dusomeye umuntu ivyanditswe biremesha, tuba tumufashije gukomeza icizigiro ciwe. (Soma Abaroma 15:4, 5.) Ico cizigiro na co gica kirushiriza kumuhumuriza no kumuremesha. (Yes. 40:31) None woronka gute ivyanditswe wokoresha kugira uremeshe abandi? Hari abategura urutonde rw’ivyanditswe bashobora kwikorako igihe bikenewe, nka birya dusanga mu gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima, munsi y’agatwe kavuga ngo «Uruhoza.» Nusabe Yehova agufashe gukoresha neza Ijambo ryiwe kugira uremeshe abandi. Impwemu yiwe izogufasha kwibuka ivyanditswe bihumuriza wokoresha igihe ubikeneye.—Yoh. 14:26.
10. Ni kubera iki dukwiye kugaragaza umutima mwiza igihe turemesha abandi?
10 Nubayagishe n’umutima mwiza. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «uruhoza» rirashobora kandi guhindurwa ngo «guhimiriza.» Rimwe na rimwe hari igihe vyokenerwa ko uhimiriza umuntu uriko uraremesha kugira umufashe kubogora ivyiyumviro vyiwe. Igihe ivyo bishitse, nuzirikane imbere yo kuvuga kugira amajambo umubwira amuremeshe aho kumuca intege. (Imig. 12:18) Raba akarorero keza Yehova yaduhaye igihe yaganiriza Eliya. Eliya yiyumvira yuko igikorwa ciwe ata co kikimaze be n’uko ari we wenyene asigaye ari intahemuka muri Isirayeli yose. Yehova abigiranye umutima mwiza, yaramufashije kubogora ivyiyumviro vyiwe atarinze kumwereka ko ari mu makosa. (1 Abm. 19:15-18) Na wewe urashobora gufasha abavukanyi bawe mu kugaragaza umutima mwiza no mu kuzirikana ku vyo uvuga. Igihe ushikiriza ikiganiro canke igihe utanga inyishu ku makoraniro, niwame wihatira kuvuga amajambo meza kandi yubaka.
11. Abari mu ngorane akenshi baba bakeneye iki? (1 Yohani 3:18)
11 Nubafashe mu buryo bufadika. Abari mu ngorane akenshi baba bakeneye n’ibindi uretse gusa amajambo y’indemesho. (Soma 1 Yohani 3:18.) Ivyo turabibonera ku karorero keza Barunaba yadusigiye. Yaragurishije itongo ryiwe maze amahera avuyemwo aca arayatanga kugira ashigikire abavukanyi bari baherutse kubatizwa bari mu nkenero. (Ivyak. 4:36, 37) Muri iki gihe, abavukanyi benshi barigana ako karorero keza mu gufasha mu buryo bufadika abari mu nkenero. Uwitwa Gabriela wo muri Polonye yarihebuye rwose kubera inzu yabamwo yari yononekaye cane bivuye ku mwuzurira. Avuga ati: «Naragize ubwoba bwinshi nongera ndahagarika umutima, kandi n’abavyeyi banje twabana kwari ukwo nyene. Sinabona uko nzobigenza. Ariko abavukanyi bo mu mashengero mabanyi baciye baza, kandi ku musi umwe gusa bari bahejeje kuyisanura. Ico kintu carakomeje ukwizera kwanje, kiranyereka ko Yehova akoresha abasavyi biwe kugira aremeshe abari mu ngorane.»
12. Igihe twihanganira ibigeragezo, bifasha gute abavukanyi bacu?
12 Niwihanganire ibigeragezo. Pawulo yabwiye Abatesalonika yuko yahojejwe yongera aragarukana agatege, igihe yumva ko bagumye ari intahemuka mu bigeragezo. Yaciye abona ko akuya yabize ariko arabafasha katabaye impfagusa. (1 Tes. 3:5-8) Pawulo na we nyene yari azi ko agumye ari intahemuka mu bigeragezo vyoremesheje abavukanyi biwe, eka mbere n’abatari bwamubone. (Kol. 2:1, 2) No muri iki gihe, igihe abavukanyi bacu biboneye ingene Yehova ariko aradufasha kwihanganira ibigeragezo, birabaremesha cane.
13. Ni kamere iyihe dukeneye kugira tubandanye kuremesha abandi?
13 Niwihangane. Utwigoro tugira kugira turemeshe abavukanyi bacu turashobora kudaca tuvamwo ivyiza ubwo nyene. Ariko Ivyanditswe bituremesha ‘kuguma turemeshanya.’ Ivyo vyerekana ko atari ikintu dukora rimwe gusa. (1 Tes. 5:11) Niwihangane rero igihe uremesha abari mu ngorane. (1 Tes. 5:14) Ariko ntiwumve, rimwe na rimwe twese turakenera ko abandi baturemesha. None twokora iki igihe dukeneye indemesho?
IGIHE DUKENEYE URUHOZA
14-15. Ni ibiki dukwiye gukora igihe turengewe n’amaganya?
14 Nusenge Yehova. Numusabe aguhumurize igihe urengewe n’amaganya. (Zab. 94:19) Nusenge udomako, umusukire ibiri ku mutima. (Zab. 62:8) Ni ivy’ukuri ko Yehova aba asanzwe azi ukuntu wiyumva n’imbere y’uko ubimubwira. Ariko igihe umuseruriye akari ku mutima mw’isengesho, uba umweretse ko umwizeye. Kandi Yehova yama yishura amasengesho mwene ayo, naho ashobora kubigira mu buryo tutari twiteze. (Mrk. 11:24) Mu Bafilipi 4:6, 7 haduhimiriza hati: «Ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana . . . Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.»
15 Nusabe abandi bagufashe. Niwiture umugenzi ahumuye canke umukurambere wizigiye maze umubwire uko wiyumva. Abavukanyi bawe barashobora kukuremesha, ariko ntibashobora kumenya uko wiyumva canke ivyo ukeneye utabibabwiye. (Imig. 14:10) Nubasabe rero bagutege yompi canke bakubwire icanditswe canke ikiganiro babona ko cokuremesha.
16. Ni igiki gishobora gushika igihe abavukanyi bariko baragerageza kukuremesha, kandi ni igiki ukwiye kwibuka?
16 Niwihangane kandi utange imbabazi. Abavukanyi barashobora kugutsitarako igihe bariko baragerageza kukuremesha. Nk’akarorero, boshobora kuvuga canke gukora ikintu gituma wumva ucitse intege, aho kukuremesha. Nubihanganire igihe ivyo bishitse. (1 Kor. 13:4, 7) Uraca wibuka amajambo dusanga muri Yakobo 3:2 agira ati: «Nimba hari uwudatsitara mu vyo avuga, aba ari umuntu atunganye.» Nushire umutima ku ntumbero baba bafise: baba bipfuza kugufasha, ariko bigashika bagakora ikosa.—Mat. 26:41.
17. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?
17 Twese turakenera guhozwa no kuremeshwa. Kandi uko ibintu birushiriza kwunyuka muri ino misi ya nyuma n’uruhamo rukongerekana, ni ko tuzorushiriza kubikenera. Nimuze rero twiyemeze gukora ibishoboka vyose kugira turemeshanye.
URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi
a INSOBANURO Y’IFOTO: Umukurambere ariko arumviriza n’impuhwe nyinshi umuvukanyi aherutse kubura umugore wiwe. Mu nyuma, aragendera uwundi muvukanyi haciye imyaka abuze umugore wiwe. Bariko baraganira ku bintu vyiza bamwibukirako