Ibibazo vy’abasomyi
Uwanditse Imigani 30:18, 19 yavuze ko ‘inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi imusiga ubwenge.’ None aho yashaka kuvuga iki?
Abantu benshi ayo majambo yarabagoye gutahura, ushizemwo n’abahinga bamwebamwe mu vya Bibiliya. Muri Bibiliya y’isi nshasha ico canditswe kivuga giti: «Hari ibintu bitatu ntatahura [canke bintangaza cane; akajambo k’epfo], emwe ibintu bine binsiga ubwenge: Inzira y’inkona mu kirere, inzira y’inzoka ku gitandara, inzira y’ubwato mu kiyaga n’inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi.»—Imig. 30:18, 19.
Kera twatahura ko iryo ryungane rivuga ngo «inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi» ryerekeza ku kintu kibi. Uti kubera iki? Imirongo y’imbere y’aho, ivuga ibintu bibi bitigera bihaga canke ngo bivuge ngo «birakwiye.» (Imig. 30:15, 16) Umurongo wa 20 na wo uvuga ibijanye n’«umugore arenga ibigo» maze akavuga ko ata kibi yakoze. Ivyo vyatumye twiyumvira ko nka kurya nyene umuntu adashobora kumenya aho inkona ica mu kirere, aho inzoka ica ku gitandara canke aho ubwato buca mu kiyaga, ari na ko umuntu w’umugabo ashobora gukora ikintu ntihagire uwubica n’ikanda. Dufatiye kuri ivyo, twabona ko ya mvugo ngo «inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi» yerekeza ku kintu kibi, ni ukuvuga ku kuntu umusore ashobora gukoresha amayeri kugira ngo aryosharyoshe umukobwa atabona kure, nya mukobwa ntabice n’ikanda.
Ariko rero, hariho imvo zotuma tubona ko iyo mirongo yerekeza ku kintu ciza. Uwavyanditse yariko aradondora gusa ukuntu yatangarira ivyo bintu yavuze.
Ivyandikano vyo mu ntango vy’igiheburayo na vyo nyene vyerekana ko uwo murongo werekeza ku kintu ciza. Twisunze inyizamvugo imwe (Theological Lexicon of the Old Testament), ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «bisiga ubwenge» mu Migani 30:18, «ryerekeza ku kintu umuntu . . . abona ko kidasanzwe, ko kidashoboka, mbere ko gitangaje.»
Umwigisha yitwa Crawford H. Toy wo kuri kaminuza ya Harvard muri Amerika, na we nyene avuga ko ico canditswe kiterekeza ku kintu kibi. Yavuze ati: «Ahubwo nyabuna iciyumviro nyamukuru [uwo mwanditsi yari afise,] kwari ugutangarira ivyo bintu yariko aravuga.»
Ntitwoba twihenze rero tuvuze ko amajambo dusanga mu Migani 30:18, 19 adondora ibintu bitanganje cane, mbere bisiga ubwenge bwacu. Cokimwe n’uwo mwanditsi wa Bibiliya, turatangazwa cane n’ingene inkona yarara mu kirere, ingene inzoka yurira igitandara kandi itagira amaguru, ingene ubwato buremereye cane buca mu kiyaga, n’ingene umusore n’inkumi bashobora gukundana maze bakibanira bahimbawe.