ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA
Yezu «yarize kugamburuka»
Yezu yamye agamburukira Yehova. (Yoh. 8:29) Kubera iki none Bibiliya ivuga ko «[yize] kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye»?—Heb. 5:8.
Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarashikiwe n’ibintu bitigeze bimushikira akiba mw’ijuru. Yarezwe n’abavyeyi bakunda Imana ariko badatunganye. (Luka 2:51) Yarafashwe nabi n’abakuru b’amadini yongera ararenganywa n’abategetsi mu ntwaro. (Mat. 26:59; Mrk. 15:15) Vyongeye, «yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu» kandi yapfuye urupfu rubabaje cane.—Flp. 2:8.
Ivyo bintu vyashikiye Yezu, vyaramwigishije kugamburuka mu bundi buryo atari bwige igihe yari akiba mw’ijuru. Ivyo vyatumye aba Umwami n’Umuherezi mukuru akwije ibisabwa kandi ashoboye kudutahura neza. (Heb. 4:15; 5:9) Aho Yezu amariye kwiga kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye, yararushirije kuba kirumara kuri Yehova. Na twebwe tugumye tugamburuka mu bihe bitoroshe, turashobora kurushiriza kuba kirumara kuri Yehova no mu gikorwa ico ari co cose twohabwa.—Yak. 1:4.