ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Nyakanga rup. 32
  • Yezu «yarize kugamburuka»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu «yarize kugamburuka»
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • «Yarize kugamburuka»
    “Ingo unkurikire”
  • Ukugamburuka—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Yehova araha agaciro ukugamburuka kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Dufashe abandi babe “abagamburuka bivuye ku mitima”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Nyakanga rup. 32

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA

Yezu «yarize kugamburuka»

Yezu yamye agamburukira Yehova. (Yoh. 8:29) Kubera iki none Bibiliya ivuga ko «[yize] kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye»?—Heb. 5:8.

Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarashikiwe n’ibintu bitigeze bimushikira akiba mw’ijuru. Yarezwe n’abavyeyi bakunda Imana ariko badatunganye. (Luka 2:51) Yarafashwe nabi n’abakuru b’amadini yongera ararenganywa n’abategetsi mu ntwaro. (Mat. 26:59; Mrk. 15:15) Vyongeye, «yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu» kandi yapfuye urupfu rubabaje cane.—Flp. 2:8.

Ivyo bintu vyashikiye Yezu, vyaramwigishije kugamburuka mu bundi buryo atari bwige igihe yari akiba mw’ijuru. Ivyo vyatumye aba Umwami n’Umuherezi mukuru akwije ibisabwa kandi ashoboye kudutahura neza. (Heb. 4:15; 5:9) Aho Yezu amariye kwiga kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye, yararushirije kuba kirumara kuri Yehova. Na twebwe tugumye tugamburuka mu bihe bitoroshe, turashobora kurushiriza kuba kirumara kuri Yehova no mu gikorwa ico ari co cose twohabwa.—Yak. 1:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika