ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Nyakanga rup. 14-19
  • Niwubahe abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwubahe abandi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KWUBAHA ABANDI BISOBANURA IKI?
  • NIWUBAHE ABO MU MURYANGO WAWE
  • NIWUBAHE ABO DUSANGIYE UKWEMERA
  • NIWUBAHE ABADASENGA YEHOVA
  • Icubahiro caroye he?
    Be maso!—2024
  • Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Kwubaha uwo mwubakanye
    Be maso!—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Nyakanga rup. 14-19

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 38

URURIRIMBO RWA 120 Twigane ubwitonzi bwa Kristu

Niwubahe abandi

«Icubahiro kiraruta ifeza n’inzahabu.»—IMIG. 22:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona igituma dukwiye kwubaha abandi, n’ingene dukwiye kubigira mbere n’igihe biba bitoroshe.

1. Kubera iki abantu bahimbarwa iyo bubashwe? (Imigani 22:1)

WOBA uhimbarwa igihe abandi bakwubashe? Nta nkeka ko biguhimbara. Nta muntu n’umwe atipfuza kwubahwa. Iyo umuntu yubashwe biramunezera cane. Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga iti: «Icubahiro kiraruta ifeza n’inzahabu.»—Soma Imigani 22:1.

2-3. Kubera iki bitama vyoroshe kwubaha abandi, kandi ni bande dukwiye kwubaha?

2 Vyoshobora kutama bitworohera kwubaha abandi. Kimwe mu vyotuma bitoroha, ni uko tuba tuzi utunenge twabo. Ikindi kandi, tubayeho mu gihe abantu batacubaha abandi. Ariko twebwe ntidukwiye kuba nka bo. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yipfuza ko dutera iteka canke twubaha «abantu b’uburyo bwose.»—1 Pet. 2:17.

3 Muri iki kiganiro, turaza kubona ico kwubaha abandi bisobanura, be n’ingene twokwerekana ko twubaha (1) abo mu muryango wacu, (2) abo dusangiye ukwemera, (3) abadasenga Yehova. Tuza kwibanda canecane ku kuntu twobagaragariza icubahiro n’igihe biba bitoroshe.

KWUBAHA ABANDI BISOBANURA IKI?

4. Kwubaha abandi bisobanura iki?

4 Icubahiro wogisigura gute? Mu ndimi zimwezimwe ijambo «kwubaha» be n’ijambo «gutera iteka» arafitaniye isano. Uti gute? «Kwubaha» umuntu ahanini bihagaze ku kuntu tumubona. Igihe twubashe umuntu, tuba twerekanye ko tumusonera kandi ko tumwitwararika, kumbure kubera kamere ziwe, ivyiza akora, canke kubera ubukuru afise. Ariko «gutera iteka» umuntu, bihagaze ku kuntu tumufata. Igihe duteye iteka umuntu, tumufata mu buryo butuma yumva ko ari n’agaciro, ko ashimwa, kandi ko yubahitse. Ariko ntiwumve, gutera iteka umuntu ata buryarya canke kumwubaha vy’ukuri, bikwiye kuva ku mutima.—Mat. 15:8.

5. Ni igiki gikwiye gutuma twubaha abandi?

5 Yehova yipfuza ko twubaha abandi. Nk’akarorero, adusaba kwubaha «abakuru batuganza.» (Rom. 13:​1, 7) Mugabo hari abovuga bati: «Jewe sinokwubaha uwutiyubaha.» None ivyo vyoba ari vyo? Twebwe abasavyi ba Yehova, turazi ko tutubaha abantu dufatiye gusa ku vyo bakora. Imvo nyamukuru ikwiye gutuma tububaha ni urukundo dukunda Yehova n’icipfuzo dufise co kumuhimbara.—Yos. 4:14; 1 Pet. 3:15.

6. Vyoba bishoboka kwubaha umuntu atakwubaha? Sigura. (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)

6 Hari abokwibaza bati: «Vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu yubaha uwutamwubaha?» Ego cane. Raba uburorero bumwebumwe: Umwami Sawuli yaramaramaje umuhungu wiwe Yonatani imbere y’abantu bose. (1 Sam. 20:​30-34) Naho ari uko, Yonatani yagumye yubaha se wiwe yongera aramushigikira mu ntambara yarwana gushika umusi yapfiriyeko. (Kuv. 20:12; 2 Sam. 1:23) Umuherezi mukuru Eli yagirije Hana ko yari yaborewe.(1 Sam. 1:​12-14) Naho ari ukwo, Hana yaramuvugishije abigiranye icubahiro, naho Abisirayeli bose bari bazi ko Eli atashitsa neza ibanga yari afise ryo kuba umuvyeyi no kuba umuherezi mukuru. (1 Sam. 1:​15-18; 2:​22-24) Intumwa Pawulo na we, abagabo b’i Atene baramututse bamwita «umuswaganyi.» (Ivyak. 17:18) Naho ari ukwo, Pawulo yabayagishije abigiranye icubahiro. (Ivyak. 17:22) Ubwo burorero, buratwereka ko urukundo rugera kure dukunda Yehova be n’icipfuzo co kumuhimbara, bishobora gutuma twubaha abandi n’igihe bitaba vyoroshe. Reka turabe abo dukwiye kwubaha be n’igituma dukwiye kubigira.

Yonatani, Sawuli, n’abasoda b’Abisirayeli, bari ku rugamba. Bafise inkota, amacumu be n’inkinzo.

Naho se wa Yonatani yamumaramaje, Yonatani yarabandanije kumurwanira no kumushigikira igihe cose yari akiri umwami (Raba ingingo ya 6)


NIWUBAHE ABO MU MURYANGO WAWE

7. Kubera iki bishobora kutugora kwubaha abo mu muryango wacu?

7 Igituma bigoye. Kubera ko tumarana umwanya munini n’abo mu muryango, tuba tuzi aho bakomeye n’aho bagoyagoya. Bamwe muri bo bashobora kuba barwaye indwara ituma bitatworohera kubitwararika canke bakaba bafise amaganya arenze. Abandi boshobora kuvuga canke gukora ikintu kitubabaza. Abandi na bo usanga bateza uruhagarara mu muryango kubera ukutubaha abawugize, bigatuma hatarangwa amahoro. Ivyo bica bituma abagize umuryango badahuza. Nka kurya nyene indwara ya rumatizime ituma ibihimba vy’umubiri bidakorana neza, kutubahana bituma abagize umuryango badasenyera ku mugozi umwe. Ariko nka kurya indwara nyinshi zishobora kuvurwa, n’agatima ko kutubahana mu muryango turashobora kukarwanya kandi tukagatsinda.

8. Kubera iki bihambaye ko twubaha abo mu muryango wacu? (1 Timoteyo 5:​4, 8)

8 Igituma twobubaha. (Soma 1 Timoteyo 5:​4, 8.) Mw’ikete rya mbere Pawulo yandikiye Timoteyo, yaravuze ingene abagize umuryango bakwiye kwitwararikana. Yavuze ko ahanini dukwiye kwubaha abagize umuryango tubitumwe n’«ukwihebera Imana», aho kubigira gusa kubera ari vyo dusabwa. Ivyo bisobanura ko tubigira kubera ko dukunda Yehova no kubera ko biri mu bigize ugusenga kwacu. Yehova ni we yatanguje umuryango. (Ef. 3:​14, 15) Igihe rero twubashe uwo mu muryango wacu, ku bwa ngingo tuba twubashe Yehova, we yatanguje umuryango. Emwe, iyo ni imvo ihambaye ikwiye gutuma twubaha abo mu muryango.

9. Umugabo n’umugore bokwerekana gute ko bubahana? (Raba n’amafoto.)

9 Ingene twogaragaza icubahiro. Umugabo yubaha umugore wiwe, aramwereka ko ari uw’agaciro, baba ari bonyene canke bari mu bandi. (Imig. 31:28; 1 Pet. 3:7) Ntiyigera amukubita, ntamumaramaza, canke ngo atume yumva ko ata co amaze. Umuvukanyi umwe yitwa Ariela wo muri Arjantine, avuga ati: «Kubera ko umugore wanje arwaye, birashika akambwira amajambo ababaza. Iyo bishitse, nca ngerageza kwibuka ko atabikoze abishaka. Mu bihe nk’ivyo, ndiyibutsa ibivugwa mu 1 Abakorinto 13:​5, ahandemesha kumuyagisha mu buryo buranga icubahiro aho kumubwira amajambo amushira hasi.» (Imig. 19:11) Umugore na we arerekana ko yubaha umugabo wiwe mu kumuvuga neza mu bandi. (Ef. 5:33) Aririnda kumubwira amajambo y’agahemo, yo kumucokora, akirinda no kumwita amazina atabereye. Aratahura ko kugaragaza iyo nyifato, bimeze nk’ingese yonona umubano. (Imig. 14:1) Hari mushiki wacu umwe wo mu Butaliyano afise umugabo arwaye indwara yo kugira amaganya arenze. Avuga ati: «Rimwe na rimwe mbona ko umugabo wanje ahagarika umutima birenze urugero. Kera nahora nca ndamubwira amajambo ataranga icubahiro, canke nkagira ibimenyetso vyo mu maso bitaranga icubahiro. Ariko nasanze kwifatanya kenshi n’abantu bavuga neza abandi, bituma ndushiriza kwubaha umugabo wanje.»

Amafoto: Umugabo n’umugore bubahana. 1. Wa mugabo ariko arayagisha neza umugore wiwe bariko barateka. 2. Wa mugore ariko aravuga neza umugabo wiwe imbere y’abashitsi, uwo mugabo akaba ariko arazimana umuvukanyi yitereye mu myaka.

Igihe twubashe abo mu muryango wacu, tuba twubashe Yehova we Mutwe w’umuryango (Raba ingingo ya 9)


10. Abana bokwerekana gute ko bubaha abavyeyi babo?

10 Bana, nimwubahe amategeko mushingirwa n’abavyeyi banyu. (Ef. 6:​1-3) Nimuyagishe abavyeyi banyu mu rupfasoni. (Kuv. 21:17) Uko abavyeyi banyu biterera mu myaka, vyoshobora gukenerwa ko murushiriza kubitwararika. Nimukore ukwo mushoboye kwose kugira mubitwararike. Raba akarorero ka mushiki wacu yitwa María, se wiwe akaba atari Icabona ca Yehova. Igihe se wiwe yarwara, yaragoye cane María ku buryo bitamworohera kumwitwararika. María avuga ati: «Aho gusenga Yehova ndamusaba gusa ngo amfashe kwubaha papa, naranamusaba ngo amfashe kubimwereka mu bikorwa. Nabona ko nimba Yehova ansaba kwubaha abavyeyi banje, atoreka rero kumfasha kubagaragariza icubahiro. Mu nyuma, nahavuye ntahura ko papa atari akwiye kubanza guhindura inyifato yiwe kugira mbone kumwubaha.» Iyo twubashe abo mu muryango wacu naho tuba tuzi amafuti yabo, tuba twerekanye ko twubaha Yehova, we yatanguje umuryango.

NIWUBAHE ABO DUSANGIYE UKWEMERA

11. Kubera iki bishobora kutugora kwubaha abo dusangiye ukwemera?

11 Igituma bigoye. Naho abo dusangiye ukwizera babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, birashika bakadufata nabi, bakatwiyumvira uko tutari, canke bakadushavuza. Bishitse uwo dusangiye ukwizera agakora ikintu gituma ‘tumwidogera’, vyoshobora kutugora kuguma tumwubaha. (Kol. 3:13) None ni igiki codufasha mu bihe nk’ivyo?

12. Kubera iki bihambaye ko twubaha abo dusangiye ukwemera? (2 Petero 2:​9-12)

12 Igituma twobubaha. (Soma 2 Petero 2:​9-12.) Mw’ikete rya kabiri Petero yanditse, yaravuze ko abantu bamwebamwe bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere bavuga nabi «abo Imana yateye iteka», ni ukuvuga abakurambere. None abamarayika b’intahemuka bariko baravyihweza, bavyakiriye gute? «Kubera ko bubaha Yehova», ntibubahutse kubwira ijambo na rimwe ry’igitutsi abo bantu batubaha ubukuru. Iyumvire nawe ico kintu! Abamarayika batunganye baririnze kuvuga nabi abo bantu b’abanyabwibone. Bahisemwo kubirekera mu maboko ya Yehova, ngo abe ari we abacira urubanza yongere abahe igihano baberanye. (Rom. 14:​10-12; gereranya na Yuda 9.) Abo bamarayika baratwigisha icigwa gikomeye. Nimba dusabwa gusonera abaturwanya, hari akantu abo dusangiye ukwemera? Aho kubasuzugura, dukwiye nyabuna ‘kuba aba mbere’ mu kubatera iteka. (Rom. 12:10) Tubigize tuba twerekanye ko twubaha Yehova.

13-14. Twokwerekana gute ko twubaha abagize ishengero? Tanga uburorero. (Raba n’amafoto.)

13 Ingene twogaragaza icubahiro. Bakurambere, nimwihatire kwigisha abandi mwishimikije urukundo. (Flm. 8, 9) Igihe mushaka gutanga impanuro, nimubigirane umutima mwiza kandi mudashavuye. Bashiki bacu, mwirinze insaku canke kwambika ibara abandi, murashobora gutuma mw’ishengero haguma harangwa agatima ko kwubahana. (Tito 2:​3-5) Twese turashobora kwerekana ko dukengurukira abakurambere mu gusenyera ku mugozi umwe na bo, no mu kubakengurukira kubera ibikorwa bitoroshe bakora. Muri ivyo bikorwa harimwo kuyobora amakoraniro, gutunganya igikorwa co kwamamaza, no gufasha abafashe «inzira itari yo.»—Gal. 6:1; 1 Tim. 5:17.

14 Mushiki wacu umwe yitwa Rocío, vyarigeze kumugora kwubaha umukurambere umwe yamuhaye impanuro. Avuga ati: «Narababaye kuko nabona ko yankariye cane. Ngeze i muhira, naramuvuze nabi. Naho ntashotse ndabimwereka, muri jewe nabona umengo ntiyanyitwararitse, kandi n’impanuro yampaye sinayikurikije.» Ni igiki none cafashije Rocío guhindura inyifato? Avuga ati: «Igihe nariko ndasoma Bibiliya, narasomye mu 1 Abatesalonika 5:​12, 13. Maze kubona ko ntari ncubaha uwo muvukanyi, ijwi ryo mu mutima ryaratanguye kumbuza amahoro. Naciye nsenga Yehova nongera ndagira ubushakashatsi mu bitabu vyacu, kugira ndonke amakuru yomfasha guhindura iyo nyifato. Burya rero, nahavuye nsanga ingorane itari ihagaze kuri uwo muvukanyi, ahubwo yari ihagaze ku bwibone nari mfise. Ubu ndatahura ko kugira nubahe abandi, bisaba ko mba nicisha bugufi. Naho ngifise ivyo kuryohora, iyo nihatiye kwubaha abandi ndumva ko mfitaniye amahoro na Yehova.»

Amafoto: Umudada yitereye mu myaka ariko arasoma Bibiliya. Aciye azirikana ku bikorwa bitandukanye abakurambere bakorana umwete. 1. Umukurambere ariko aratanga insiguro kw’ikoraniro. 2. Ariko arafasha umuvukanyi yicaye mu gakinga k’abamugaye. 3. Ariko arakuraho ibibarafu imbere y’Ingoro y’Ubwami.

Twese turashobora kwerekana ko twubaha abakurambere, mu gusenyera ku mugozi umwe na bo no mu kubashimira ku bikorwa bitoroshe bakora (Raba ingingo ya 13-14)


NIWUBAHE ABADASENGA YEHOVA

15. Kubera iki bishobora kutugora kwubaha abadasenga Yehova?

15 Igituma bigoye. Iyo turi mu ndimiro, kenshi turahura n’abantu badaha agaciro ukuri. (Ef. 4:18) Hari abanka kwumviriza inkuru nziza kubera ivyo bakuze bigishwa. Ku rundi ruhande, hari igihe usanga abakoresha bacu canke abigisha bacu bagoye gushimisha, canke na ho ugasanga abo dukorana canke abo twigana ntiboroshe. Uko haca igihe, icubahiro dufitiye abantu nk’abo coshobora kugabanuka, ntitube tukibafata nk’uko twipfuza ko abandi badufata.

16. Kubera iki bihambaye ko twubaha abo tudasangiye ukwizera? (1 Petero 2:12; 3:15)

16 Igituma twobubaha. Niwibuke ko Yehova abona ingene dufata abo tudasangiye ukwizera. Intumwa Petero yaribukije abakirisu ko ingeso zabo nziza zishobora gutuma bamwebamwe «baninahaza Imana.» Ni co gituma yabaremesheje kuburanira ukwizera kwabo ‘babigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.’ (Soma 1 Petero 2:12; 3:15.) Igihe rero abakirisu baburanira ukwizera kwabo, haba imbere y’abacamanza canke imbere y’uwundi muntu uwo ari we wese, bategerezwa kubigirana icubahiro nk’uko bobigira bari imbere y’Imana. Kanatsinda, Yehova arabona kandi akumviriza ivyo tuvuga be n’ingene tubivuga. Uca wumva ko iyo ari imvo ikomeye ikwiye gutuma twubaha abo tudasangiye ukwizera.

17. Twogaragariza gute icubahiro abadasenga Yehova?

17 Ingene twogaragaza icubahiro. Mu ndimiro, turirinda gukengera abo tuyagisha kubera gusa ko tubarusha ubumenyi bwo muri Bibiliya. Ahubwo, tubona ko ari ab’agaciro kuri Yehova be n’uko baturuta. (Hag. 2:7; Flp. 2:3) Hagize uwugutuka aguhora ivyo wemera, nturondere kumwihora. Nk’akarorero, niwirinde kumubwira amajambo y’agahemo. (1 Pet. 2:23) Bishitse na ho ukavuga ikintu kitabereye, nuce usaba imbabazi ubwo nyene. Bite ho ku kazi? Wogaragariza gute icubahiro abo mukorana? Nukorane umwete wongere urondere iciza mu bo mukorana no mu bakoresha bawe. (Tito 2:​9, 10) Ubaye umukozi w’inziraburyarya kandi w’umunyamwete, uzoshimisha Yehova naho abantu bobo batogushima.—Kol. 3:​22, 23.

18. Kubera iki bibereye ko twubaha abandi?

18 Turi n’imvo zumvikana zotuma twubaha abandi. Twabonye ko iyo twubashe abo mu muryango wacu, tuba twubashe Yehova we Mutwe w’uwo muryango. Igihe na ho twubashe abo dusangiye ukwemera, tuba twerekanye ko twubaha Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Vyongeye, iyo twubashe abadasenga Yehova, turatuma baronka akaryo ko kuninahaza canke gutera iteka iyo Mana yacu ikomeye. Emwe, birabereye ko twerekana ko twubaha abandi, mbere naho abantu bamwebamwe boba batatwubaha. Kubera iki? Kubera ko Yehova azoduhezagira. Asezerana ko ‘abamutera iteka azobatera iteka.’—1 Sam. 2:30.

WOKWISHURA GUTE?

  • Twokwerekana gute ko twubaha abo mu muryango wacu?

  • Twokwerekana gute ko twubaha abo dusangiye ukwemera?

  • Twokwerekana gute ko twubaha abadasenga Yehova?

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika