Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
“Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”—ROM. 12:10.
1. Ni igiki kitakimenyerewe mu mihingo myinshi yo kw’isi?
MU MIHINGO imwimwe yo kw’isi, usanga bimenyerewe ko abana bakiri bato batera iteka abantu bakuze mu kuguma bapfukamye babigiranye icubahiro igihe baba bari kumwe na bo. Muri ubwo buryo, ntibaheza ngo basumbe uburebure ababakurira. Muri ivyo bibano, igihe umwana ahaye umugongo umuntu akuze, na vyo nyene bibonwa ko ari ukubura urupfasoni. Naho icubahiro kigaragazwa mu buryo butandukanye mu mico kama itari imwe, ubwo buryo bwo kukigaragaza buratwibutsa ivyo Itegeko rya Musa ryavuga. Ryarimwo ibwirizwa rigira riti: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.” (Lew. 19:32) Ikibabaje ni uko mu mihingo myinshi, gutera iteka abandi bitakimenyerewe. Nkako, ukudasonera abantu ni vyo vyeze muri kino gihe.
2. Ijambo ry’Imana ritubwira ko ari bande twotera iteka?
2 Ijambo ry’Imana riraha agaciro kanini ibijanye no gutera iteka abandi. Ritubwira ko dukwiye gutera iteka Yehova na Yezu. (Yoh. 5:23) Dusabwa kandi gutera iteka abagize imiryango yacu be n’abo dusangiye ukwemera, tutibagiye n’abatari abo mw’ishengero. (Rom. 12:10; Ef. 6:1, 2; 1 Pet. 2:17) Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twerekana ko dutera iteka Yehova? Ni gute dutera iteka, canke tugaragariza icubahiro kigera kure, abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu? Nimuze turimbure ivyo bibazo be n’ibindi bijanye na vyo.
Dutere iteka Yehova be n’izina ryiwe
3. Uburyo bumwe buhambaye bwo gutera iteka Yehova ni ubuhe?
3 Uburyo bumwe buhambaye bwo gutera iteka Yehova ni mu kugaragariza izina ryiwe icubahiro kibereye. Nakare, twese turi “igisata ku bw’izina [ryiwe].” (Ibik. 15:14) Vy’ukuri ni agateka kwitirirwa izina ry’Imana Mushoboravyose, ari ryo Yehova. Umuhanuzi Mika yavuze ati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina [“rya Yehova,” NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.” (Mika 4:5) ‘Tugendera mw’izina rya Yehova’ mu kwihatira kubaho ku musi ku musi mu buryo butuma izina twitirirwa ribonwa neza. Nk’uko Paulo yavyibukije abakirisu b’i Roma, igihe tutabayeho duhuza n’inkuru nziza twamamaza, izina ry’Imana “ri[ra]rogotwako,” ni ukuvuga ko ritaba rikibonwa neza.—Rom. 2:21-24.
4. Ubona gute agateka ufise ko gushingira intahe Yehova?
4 Turatera iteka kandi Yehova biciye ku gikorwa cacu co gushinga intahe. Muri kahise, Yehova yarateye akamo abari bagize ihanga rya Isirayeli ngo babe ivyabona vyiwe, ariko barananiwe gushitsa iryo banga. (Yes. 43:1-12) Akenshi baratera ibitugu Yehova, “bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.” (Zab. 78:40, 41) Amaherezo, iryo hanga ryaratakaje buhere ubutoni bwa Yehova. Ariko rero twebwe muri kino gihe, turakenguruka kubona dufise agateka ko gushingira intahe Yehova gutyo tugatuma izina ryiwe rimenyekana. Ivyo tubigira kubera yuko tumukunda tukaba kandi twipfuza cane ko izina ryiwe ryezwa. None wumva tworeka kwamamaza kandi tuzi ukuri kwerekeye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’imigambi yiwe? Twumva tumerewe nk’uko intumwa Paulo yari amerewe igihe yavuga ati: “Ndi n’ikingobera. Mu vy’ukuri, noba ngowe hamwe ntomenyesha inkuru nziza!”—1 Kor. 9:16.
5. Ni mu buryo ki kwizera Yehova bifitaniye isano no kumwubaha?
5 Umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze ati: “Abazi izina ryawe bazokwizigira, kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.” (Zab. 9:10) Nimba tuzi vy’ukuri Yehova kandi tugahanga amaso izina ryiwe tubigiranye icubahiro kubera insobanuro yaryo, tuzomwizigira nka kurya nyene abasavyi biwe b’abizigirwa ba kera bamwizigira. Kwizigira Yehova no kumwizera muri ubwo buryo, ni ikindi kintu cerekana ko tumutera iteka. Raba ukuntu Ijambo ry’Imana ryerekana isano riri hagati yo kwizigira Yehova be no kumwubaha. Igihe Isirayeli ya kera yananirwa kwizigira Yehova, Yehova yabajije Musa ati: “Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, [“uravye ibimenyetso nakoreye,” NW] hagati muri bo?” (Guh. 14:11, ni twe dushimitse.) Igihushane c’ivyo na co nyene kirashoboka. Igihe twizigira ko Yehova ashobora kudukingira no kuturonsa ivyo dukeneye mbere n’igihe turi mu bigeragezo, tuba twerekanye ko tumwubaha.
6. Ni igiki kituvyurira umutima wo kugaragariza Yehova icubahiro kigera kure?
6 Yezu yarerekanye yuko kwubaha Yehova bitegerezwa kuva mu mutima. Igihe yariko abwira abantu basenga babigiranye uburyarya, Yezu yarasubiyemwo amajambo Yehova yavuze ati: “Aba bantu bantera iteka n’iminwa, yamara umutima wabo uri kure yanje cane.” (Mat. 15:8) Icubahiro kivuye ku mutima tugaragariza Yehova kiva ku rukundo nyakuri tumufitiye. (1 Yoh. 5:3) Vyongeye kandi turagumiza ku muzirikanyi umuhango wa Yehova ugira uti: “Abantera iteka nzobatera iteka.”−1 Sam. 2:30, NW.
Abacungezi b’ishengero baragaragariza abandi icubahiro
7. (a) Ni kubera iki abavukanyi bafise amabanga bakwiye gutera iteka abo bahagarikiye? (b) Paulo yagaragarije gute icubahiro abo basangiye ukwemera?
7 Intumwa Paulo yahanuye abo basangiye ukwemera ati: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10) Abavukanyi bafise amabanga mw’ishengero, bakwiye gutanga akarorero, ni ukuvuga “[bakaba] aba mbere” mu gutera iteka abo bahagarikiye. Mu bijanye n’ivyo, abafise amabanga aremereye vyoba vyiza bakurikije akarorero Paulo yatanze. (Soma 1 Abanyatesalonika 2:7, 8.) Abavukanyi bo mu mashengero Paulo yagendeye bari bazi yuko atari kwigera abasaba gukora ibintu we ubwiwe atashima gukora. Paulo yaragaragarije icubahiro abo basangiye ukwemera, maze ivyo bituma na bo bamwubaha. Igihe Paulo yavuga ati: “Ndabinginga rero, munyigane,” turashobora guhera amazinda yuko benshi bamwiganye babigiranye umutima ukunze kubera akarorero keza yatanze.—1 Kor. 4:16.
8. (a) Uburyo bumwe buhambaye Yezu yagaragarijemwo abigishwa biwe icubahiro ni ubuhe? (b) Abacungezi bashobora gute gukurikiza akarorero ka Yezu muri kino gihe?
8 Ubundi buryo umuvukanyi afise amabanga agaragarizamwo icubahiro abo ahagarikiye, ni ukubasigurira igituma abasavye ibintu binaka canke abahaye ubuyobozi bunaka. Ivyo abigize, aba yiganye Yezu. Nk’akarorero, igihe Yezu yariko abwira abigishwa biwe gusenga basaba ko abakozi biyongereye borungikwa mw’iyimbura, yarababwiye igituma. Yababwiye ati: “Iyimbura ni rinini mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Muri ubwo buryo nyene, igihe yabwira abigishwa biwe ‘kuguma bateramye,’ yarabasiguriye igituma. Yavuze ati: “Kubera ko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako.” (Mat. 24:42) Akatari gake, Yezu ntiyabwira gusa abigishwa biwe ico bategerezwa gukora ariko kandi yarababwira igituma bakwiye kugikora. Muri ubwo buryo, yarabagaragarije icubahiro yongera arabatera iteka. Ese ukuntu ari akarorero keza abacungezi bakirisu bokurikiza!
Twubahe ishengero rya Yehova be n’ubuyobozi ritanga
9. Kwubaha ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose be n’abariserukira vyerekana iki? Sigura.
9 Kugira ngo dutere iteka Yehova, turakeneye kandi gutera iteka ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose be n’abariserukira. Igihe twumvira impanuro zishingiye ku Vyanditswe duhabwa n’umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa, tuba twerekanye ko twubaha indinganizo ya Yehova. Mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere, intumwa Yohani yarabonye yuko vyari bikenewe ko biyamiriza abantu batubaha abagabo bagenywe. (Soma 3 Yohani 9-11.) Amajambo Yohani yavuze arerekana yuko hariho abantu batasonera gusa abacungezi ariko kandi batanasonera inyigisho bigisha be n’ubuyobozi batanga. Igishimishije, ni uko abakirisu benshi cane atari ukwo bari bameze. Igihe intumwa zari zikiriho, ikivukano muri rusangi biboneka ko cubaha cane abaja imbere abandi.—Flp. 2:12.
10, 11. Sigura wisunze Ivyanditswe igituma bibereye ko abantu bamwebamwe bagira ubukuru bunaka mw’ishengero rya gikirisu.
10 Hari bamwebamwe biyumviriye yuko, kubera ko Yezu yabwiye abigishwa biwe ko ‘bose ari abavukanyi,’ hatari hakwiye kuba ubukuru mw’ishengero rya gikirisu. (Mat. 23:8) Ariko rero, Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’ivy’ikigiriki birimwo uburorero bwinshi bw’abagabo bari bafise ubukuru bahawe n’Imana. Inkuru zivuga ivya ba sekuruza b’imiryango, abacamanza be n’abami bari mu Bisirayeli ba kera ziratanga ibimenyamenya bihagije vy’uko Yehova atanga ubuyobozi abicishije ku bantu bamuserukira. Igihe abantu baba badateye iteka mu buryo bubereye abagenywe n’Imana, Yehova yarabatoza indero.—2 Abm. 1:2-17; 2:19, 23, 24.
11 Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bo mu kinjana ca mbere baremera ubukuru intumwa zari zifise. (Ibik. 2:42) Nk’akarorero, Paulo yarahaye ubuyobozi abavukanyi biwe. (1 Kor. 16:1; 1 Tes. 4:2) Yamara rero, yaranayobokera abari bafise ubukuru kumurusha abigiranye umutima ukunze. (Ibik. 15:22; Gal. 2:9, 10) Vy’ukuri, Paulo yarabona mu buryo bubereye ibijanye n’ubukuru mw’ishengero rya gikirisu.
12. Ku bijanye n’ubukuru, ni icigwa ikihe kiri mu mice ibiri dushobora kwigira ku burorero bwo muri Bibiliya?
12 Icigwa tuhakura kiri mu mice ibiri. Ubwa mbere, ni ikintu gishingiye ku Vyanditswe kuba “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” abicishije ku Nama Nyobozi, agena abagabo kugira ngo bashingwe amabanga, bamwe muri bo bakaba bagenwa kugira ngo bahagarikire abandi bagabo bagenywe. (Mat. 24:45-47; 1 Pet. 5:1-3) Ubwa kabiri, twese, ushizemwo n’abagabo bagenywe, dukwiye gutera iteka abadufiseko ubukuru. None ni uburyo bumwebumwe ngirakamaro ubuhe twoshobora guteramwo iteka abakora ari abahagarikizi mw’ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose?
Kugaragariza icubahiro abacungezi b’ingenzi
13. Dushobora gute kugaragariza icubahiro abaserukira ishengero rya gikirisu muri kino gihe?
13 Paulo yavuze ati: “Turabasaba . . . , bavukanyi, guha iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira mu Mukama bakongera bakabakebura; no kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo, kubera igikorwa cabo. Mubane amahoro.” (1 Tes. 5:12, 13) Nta gukeka ko abacungezi b’ingenzi bari mu bantu “bakora cane.” Nimuze rero “[tubiyumvire] mu buryo burengeye ubudasanzwe.” Uburyo bumwe bwo kubigira ni mu kwemera tubigiranye umutima wacu wose impanuro be n’indemesho baduha. Nk’igihe umucungezi aturonkeje ubuyobozi buvuye ku mugwi wa wa mushumba, “ubukerebutsi buva hejuru” buzotuvyurira umutima wo kuba ‘abagabirije kugamburuka.’—Yak. 3:17.
14. Ni gute ishengero ritanga ikimenyamenya c’uko ryubaha abacungezi b’ingenzi bimwe bivuye ku mutima, kandi ivyo bivamwo iki?
14 Ariko none, tuvuge iki nka hamwe tworonka ubuyobozi bwo gukora ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo twari tumenyereye? Kugaragaza icubahiro vyoshobora rimwe na rimwe gusaba ko twirinda kurwanya ubuyobozi mu kuvuga ngo “Ino iwacu si ukwo dukora ibintu” canke ngo “Ivyo vyoshoboka ahandi mugabo atari mw’ishengero ryacu.” Aho kuvuga ukwo turihatira kugamburuka. Kugumiza hafi mu muzirikanyi yuko ishengero ari irya Yehova be n’uko Yezu ari we Mutwe waryo, bizodufasha kubigira. Igihe ishengero ryakiriye neza ubuyobozi butanzwe n’umucungezi w’ingenzi kandi rikabukurikiza, kiba ari ikimenyamenya cerekana ko rigaragaza icubahiro nyakuri. Intumwa Paulo yarakeje abavukanyi b’i Korinto kubera ukugamburuka kurimwo icubahiro berekanye igihe bahabwa ubuyobozi n’umukurambere yari yabagendeye ari we Tito. (2 Kor. 7:13-16) Na twebwe muri kino gihe turashobora guhera amazinda yuko ukuba dushira mu ngiro ubuyobozi duhabwa n’abacungezi b’ingenzi tubigiranye umutima ukunze, bigira ico biterereye cane ku munezero tugira mu gikorwa cacu co kwamamaza.—Soma 2 Abakorinto 13:11.
“Mutere iteka abantu b’uburyo bwose”
15. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe duteramwo iteka abo dusangiye ukwemera?
15 Paulo yanditse ati: “Ntugakarire umugabo ahumuye. Ahubwo, umwinginge nka so, abagabo bakiri bato nka bene wanyu, abagore bahumuye nka ba nyoko, abagore bakiri bato nka bashikawe mu kutandura kwose. Utere iteka abapfakazi b’abapfakazi vy’ukuri.” (1 Tim. 5:1-3) Vy’ukuri, Ijambo ry’Imana riduhanura gutera iteka umuntu wese mw’ishengero rya gikirisu. Bite none mu gihe hari ivyo udahurizako n’umuvukanyi canke umuvukanyikazi wawe? Ivyo vyoba bizotuma udashitsa ibanga ufise ryo gutera iteka umukirisu mugenzawe? Canke woba ushobora guhindura ukuntu ubona ibintu mu kwemera kamere z’ivy’impwemu uwo musavyi w’Imana afise? Abafise ubukuru barakwiye canecane kuguma babona mu buryo buranga icubahiro abavukanyi babo, ntibigere ‘bakandamiza ubusho.’ (1 Pet. 5:3) Mu vy’ukuri, mw’ishengero rya gikirisu, irimenyekanira ku rukundo nyakuri rurangwa mu barigize, turafise uturyo twinshi two guterana iteka.—Soma Yohani 13:34, 35.
16, 17. (a) Ni kubera iki bihambaye ko tudatera iteka gusa abo tubwira inkuru nziza ariko kandi ko turitera n’abaturwanya? (b) ‘Dutera iteka abantu b’uburyo bwose’ gute?
16 Birumvikana ko tudatera iteka gusa abari mw’ishengero rya gikirisu. Paulo yandikiye abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Tugifise umwanya ubereye wo kubikora, dukorere bose iciza.” (Gal. 6:10) Tuvugishije ukuri, gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako birashobora kuba urugamba igihe uwo dukorana canke uwo twigana atadufatana ubuntu. Muri ivyo bihe, tuba dukeneye kwibuka aya majambo agira ati: “Ntugahagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi.” (Zab. 37:1) Gushira mu ngiro iyo mpanuro bizodufasha kuguma tugaragaza icubahiro mbere no ku baturwanya. Muri ubwo buryo nyene, igihe turiko turamamaza, ukubona ibitwerekeye mu buryo buranga ukwicisha bugufi birashobora kudufasha kwishura abantu bose tubigiranye “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Mbere ukuntu tuboneka be n’ukuntu twambara birashobora kwerekana yuko twubaha abo tubwira ubutumwa.
17 Mu vy’ukuri, twaba turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera canke abatari abo mw’ishengero, twipfuza gukora uko dushoboye kugira ngo dushire mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose, mugirire urukundo umuryango wose w’abavukanyi, mutinye Imana, mutere iteka umwami.”—1 Pet. 2:17.
Wokwishura gute?
Ni gute wogaragariza icubahiro kibereye:
• Yehova?
• Abakurambere bo mw’ishengero be n’abacungezi b’ingenzi?
• Umwumwe wese mu bagize ishengero?
• Abo ubwira inkuru nziza?
[Ifoto ku rup. 23]
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barubaha ubukuru bw’inama nyobozi
[Ifoto ku rup. 24]
Abakurambere bo mu bihugu vyose baratera iteka abacungezi b’ingenzi, abagenwa n’Inama Nyobozi