IKIGANIRO C’UKWIGA CA 14
URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu
«Nimwihitiremwo . . . uwo muzokorera»
«Nayo jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova.»—YOS. 24:15.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza kutwibutsa imvo zatumye duhitamwo gukorera Yehova.
1. Dutegerezwa gukora iki kugira duhimbarwe vy’ukuri, kandi kubera iki? (Yesaya 48:17, 18)
UMUVYEYI wacu wo mw’ijuru aradukunda cane, kandi ashaka ko tubaho duhimbawe haba muri iki gihe eka no muri kazoza. (Umus. 3:12, 13) Naho yaturemanye impano zimwezimwe zidasanzwe, ntiyaduhaye ubushobozi bwo kwiyobora canke bwo kwishingira iciza n’ikibi. (Umus. 8:9; Yer. 10:23) Arazi yuko kugira tubeho duhimbawe dutegerezwa kumukorera, kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe.—Soma Yesaya 48:17, 18.
2. Shetani yipfuza ko twemera iki, kandi Yehova yamuhinyuje gute?
2 Shetani yipfuza ko twemera yuko twebwe abantu twokwiyobora tukaroranirwa, ko rero tudakeneye Yehova kugira duhimbarwe. (Ita. 3:4, 5) Kugira Yehova ahinyuze Shetani, yaciye areka abantu baramara igihe bitegeka. Ariko rero ingorane tubona hirya no hino, zirerekana ko kwitegeka ata ciza vyavuyemwo. Ku rundi ruhande, Ivyanditswe biravuga abagabo n’abagore benshi bahimbawe mu buzima kubera ko bakoreye Yehova. Muri abo Yezu Kristu ni we aza kw’isonga. Reka tubanze turabe imvo zatumye ahitamwo gukorera Yehova. Ubukurikira, turaza kuraba igituma bibereye ko dusenga Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Mu gusozera, turaza kuraba imvo zimwezimwe zituma natwe duhitamwo gukorera Yehova.
IGITUMA YEZU YAHISEMWO GUKORERA YEHOVA
3. Shetani yemereye iki Yezu, ariko Yezu yahisemwo iki?
3 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi yabwirijwe guhitamwo uwo yokorera. Gatoyi inyuma y’aho Yezu abatirijwe, Shetani yamubwiye ko hamwe yomupfukamira rimwe gusa akamusenga, yoca amuha ubwami bwose bwo kw’isi. Yezu yamwishuye ati: «Mvako Shetani! Kuko vyanditswe ngo: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”» (Mat. 4:8-10) Ni kubera iki none Yezu yahisemwo gukorera Yehova? Raba imvo zimwezimwe zabitumye.
4-5. Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye Yezu ahitamwo gukorera Yehova?
4 Imvo nyamukuru yatumye Yezu ahitamwo gukorera Yehova ni urukundo. Urukundo akunda Se wiwe nta coshobora kuruhungabanya. (Yoh. 14:31) Vyongeye, Yezu akorera Yehova kubera ko azi ko ari vyo bibereye. (Yoh. 8:28, 29; Ivyah. 4:11) Arazi ko Yehova ari we Soko ry’ubuzima be n’uko ari umwizigirwa, kandi ko atanga cane. (Zab. 33:4; 36:9; Yak. 1:17) Yehova yamye abwiza ukuri Yezu, kandi n’ibintu vyose Yezu yari afise ni we yabimuhaye. (Yoh. 1:14) Ariko Shetani wewe yakweze urupfu. Ni umubeshi yuzuye umwina be n’ubwikunzi. (Yoh. 8:44) Kuba Yezu yari azi ivyo bintu vyose vyatumye ataniyumvira kwigana Shetani ngo agararize Yehova.—Flp. 2:5-8.
5 Ikindi kintu catumye Yezu ahitamwo gukorera Yehova, ni uko yari azi ko hovuyemwo ivyiza vyinshi. (Heb. 12:2) Yari azi ko agumye ari intahemuka yokwejeje izina rya Se, kandi agatuma ingorane zose zakwezwe na Shetani zivaho.
IGITUMA BIBEREYE KO DUSENGA YEHOVA
6-7. Kubera iki muri iki gihe abantu benshi badakorera Yehova, ariko ni kubera iki bibereye ko tumusenga?
6 Abantu benshi muri iki gihe ntibakorera Yehova kubera ko bataramenya kamere ziwe nziza be n’ibintu vyiza vyose yabakoreye. Ni ko vyari bimeze no kuri ba bantu intumwa Pawulo yabwira inkuru nziza i Atene.—Ivyak. 17:19, 20, 30, 34.
7 Pawulo yababwiye ko Imana y’ukuri «ari yo iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.» Yongeyeko ati: «[Ni] yo dukesha ubuzima, kandi ni yo ituma tugendagenda tukongera tukabaho.» Kubera yuko Imana ari yo «yaremye amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe», birabereye rero ko tuyisenga.—Ivyak. 17:25, 26, 28.
8. Ni igiki Yehova atigera akora? Sigura.
8 Kubera ko Yehova ari Umuremyi akaba na we Segaba w’ibiriho vyose, yoshobora guhata abantu ngo bamukorere. Ariko ivyo nta vyo azokwigera akora. Aho kuduhata yaraduhaye ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko abaho, kandi ko akunda cane umwe wese muri twebwe. Yipfuza ko abantu benshi bashoboka baba abagenzi biwe ibihe bidahera. (1 Tim. 2:3, 4) Ni co gituma Yehova atumenyereza kwigisha abandi ibijanye n’imigambi yiwe no kubamenyesha ibintu vyiza azokorera abantu. (Mat. 10:11-13; 28:19, 20) Vyongeye, yaradushize mw’ishengero yongera aturonsa abungere bakundana bo kutwitwararika.—Ivyak. 20:28.
9. Ni ibiki vyerekana ko Yehova akunda abantu bose?
9 Urukundo rudasanzwe akunda abantu ruragaragarira mu kuntu afata abatemera ko abaho. Zirikana kuri ibi bintu: Kuva kera na rindi abantu amamiliyaridi bagiye barabaho bisunga uko ubwabo babona ikibi n’iciza, aho kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Naho ari ukwo, Yehova abigiranye umutima ukunze yagiye arabaronsa ibibabeshaho kandi bituma ubuzima buryoha. (Mat. 5:44, 45; Ivyak. 14:16, 17) Yarabahaye ububasha bwo gukunda no gukundwa, kwibaruka abana no kwinovora ivyiza biva mu vyo bakora. (Zab. 127:3; Umus. 2:24) Ivyo bimenyamenya birerekana neza ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru akunda abantu bose. (Kuv. 34:6) Nimuze ubu na ho twiyibutse imvo zimwezimwe zituma duhitamwo gukorera Yehova be n’ivyo na we aca adukorera.
IGITUMA DUHITAMWO GUKORERA YEHOVA
10. (a) Ni imvo nyamukuru iyihe ituma dukorera Yehova? (Matayo 22:37) (b) Wungukiye gute ku mbabazi za Yehova? (Zaburi 103:13, 14)
10 Cokimwe na Yezu, imvo nyamukuru ituma dukorera Yehova ni uko tumukunda cane. (Soma Matayo 22:37.) Kumenya kamere ziranga Yehova biratuma turushiriza kumwiyegereza. Nk’akarorero, zirikana ku mbabazi Yehova atugaragariza. Igihe Abisirayeli bamugarariza yabinginze ati: «Ndabasavye muhindukire muhebe ingendo yanyu mbi.» (Yer. 18:11) Yehova aribuka ko turi abantu badatunganye, mbere ko turi umukungugu. (Soma Zaburi 103:13, 14.) Iyo uzirikanye ku mbabazi za Yehova no ku zindi kamere nziza zimuranga, ntibikuvyurira none umutima wo kumukorera ibihe bidahera?
11. Ni izindi mvo izihe zituma duhitamwo gukorera Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?
11 Dukorera kandi Yehova kubera ko ari vyo bibereye. (Mat. 4:10) Vyongeye, turazi ko kuguma tumukorera tudahemuka bivamwo ivyiza vyinshi. Igihe tugumye turi intahemuka birafasha mu bijanye no kweza izina rya Yehova, bikerekana ko Shetani ari umubeshi, bikongera bikanezereza umutima wa Yehova. N’ikindi kandi, duhisemwo gukorera Yehova muri iki gihe bizotuma dushobora kumukorera ibihe bidahera.—Yoh. 17:3.
12-13. Ivyashikiye Jane na Pam bitwigisha iki?
12 N’igihe umuntu aba akiri muto, arashobora gukunda Yehova cane kandi urwo rukundo rukazogenda rurakomera uko akura. Ivyo turabibona turavye akarorero k’ivyashikiye abakobwa babiri bavukana ari bo Jane na Pam.a Igihe batangura kwiga Bibiliya, Jane yari afise imyaka 11, Pam na we 10. Naho abavyeyi babo batashaka kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, baremereye abo bana babo kwiga Bibiliya, ariko babategeka ko ku mpera y’indwi boza barajana na bo mu misa. Jane avuga ati: «Ibintu Ivyabona vya Yehova banyigishije muri Bibiliya vyaramfashije kwirinda abagenzi banyosha kunywa ibiyayuramutwe no gukora ubusambanyi.»
13 Abo bakobwa bompi bahavuye babatizwa bari mu gushikana imyaka 20. Mu nyuma baratanguye igikorwa c’ubutsimvyi, ariko kandi babandanya kwitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Jane asubije amaso inyuma avuga ati: «Nariboneye ko Yehova aguma yitwararika abagenzi biwe adahemuka be n’uko ‘azi abiwe’, nk’uko bivugwa muri 2 Timoteyo 2:19.» Emwe, abakunda Yehova bakongera bakamukorera yama abitwararika vy’ukuri!
14. Twobeshuza gute ibinyoma bivugwa kuri Yehova biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora? (Raba n’ifoto.)
14 Twipfuza kubeshuza ibinyoma vyose bivugwa kuri Yehova. Iyumvire iki kintu: Dufate ko ufise umugenzi somambike w’umutima mwiza, akunda gutanga, kandi ababarira abandi. Umusi umwe ugiye wumva uwagiriza uwo mugenzi wawe ko ari umuntu mubi kandi w’umubeshi. None woca ukora iki? Uramuburanira. Muri ubwo buryo nyene, igihe Shetani n’abayoboke biwe bagerageje gusiga iceyi Yehova mu gukwiragiza ibinyoma ku bimwerekeye, duca tugira ico dukoze mu kubwira abandi ukuri ku vyerekeye iyo Mana yacu, kandi tukaburanira izina ryayo twivuye inyuma. (Zab. 34:1; Yes. 43:10) Turerekana ko dushaka gukorera Yehova n’umutima wacu wose biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora.
Woba uzoburanira izina rya Yehova? (Raba ingingo ya 14)b
15. Ni ivyiza ibihe intumwa Pawulo yironkeye igihe yahindura ingendo? (Abafilipi 3:7, 8)
15 Turemera kugira ivyo duhinduye mu buzima kugira dushobore gukorera Yehova mu buryo yemera canke kugira dushobore kumukorera cane. Nk’akarorero, intumwa Pawulo yahisemwo guheba icubahiro yari afise mu kibano kugira abe umwigishwa wa Kristu yongere akorere Yehova. (Gal. 1:14) Ivyo vyatumye yironkera ivyiza vyinshi mu buzima yongera aterwa iteka ryo kuzofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru. Ntiyigeze yicuza kubera ingingo yafashe yo gukorera Yehova, kandi na twebwe ntituzokwigera twicuza.—Soma Abafilipi 3:7, 8.
16. Ivyashikiye Julia bitwigisha iki? (Raba n’amafoto.)
16 Iyo dushize imbere gukorera Yehova biratuma tugira ubuzima bwiza muri iki gihe, eka mbere no muri kazoza. Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Julia. Imbere y’uko Julia amenya ukuri yari umuririmvyi muri korare kuva akiri muto. Umuhinga umwe mu vy’umuziki yarabonye ubuhanga afise aca atangura kumumenyereza mu bijanye n’umuziki. Julia ntiyatevye kuba icamamare, aca atangura kuririmbira mu bibanza bikomakomeye. Igihe yiga kw’ishure rizwi cane mu bijanye n’umuziki, hari umunyeshure bigana yatanguye kumubwira ivyerekeye Imana, aramubwira ko Imana yitwa Yehova. Gatoyi inyuma y’aho, Julia yari asigaye yiga Bibiliya kabiri mu ndwi. Yahavuye afata ingingo yo gushira imbere ivyo gukorera Yehova aho gukurikirana ivy’umuziki. Iyo ngingo ntiyamworoheye gufata. Avuga ati: «Abantu benshi bambwira ko ndiko ndapfisha ubusa impano yanje. Ariko jeho nashaka gukoresha ubuzima bwanje mu gukorera Yehova nivuye inyuma.» None ubu yiyumva gute inyuma y’imyaka 30 amaze afashe iyo ngingo? Avuga ati: «Numva mpimbawe cane, kandi ndizigiye ko muri kazoza Yehova azondonsa ibintu vyose umutima wanje wipfuza.»—Zab. 145:16.
Igihe dushize imbere gukorera Yehova turironkera ivyiza vyinshi cane (Raba ingingo ya 16)c
NUBANDANYE GUKORERA YEHOVA
17. (a) Abatarahitamwo gukorera Yehova bakwiye gukora iki, kandi kubera iki? (b) Ni igiki abamaze guhitamwo gukorera Imana bazi neza?
17 Tubayeho mu kiringo gisozera imisi ya nyuma. Intumwa Pawulo yanditse ati: «Kuko hasigaye “akanya gato cane”, kandi “umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba.”» (Heb. 10:37) None ivyo bisobanura iki? Kimwe coco ku batarahitamwo gukorera Yehova igihe gisigaye ni kigufi. Barakwiye rero kugira ico bakoze badatebaganye. (1 Kor. 7:29) Nimba na ho tumaze guhitamwo kumukorera, turazi ko naho tuzoshikirwa n’ingorane, zizoba ari iz’akanya gato cane.
18. Yehova na Yezu bipfuza ko dukora iki?
18 Yezu ntiyaremesheje abigishwa biwe kumukurikira gusa, ahubwo yabaremesheje no kuguma bamukurikira. (Mat. 16:24) Nimba rero tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova nimuze twiyemeze kubandanya tumukorera. Ivyo bisaba ko tuguma tugira akigoro. Naho bitoroshe, tubigize turashobora kwironkera imihezagiro myinshi no muri iki gihe.—Zab. 35:27.
19. Ivyashikiye Gene bitwigisha iki?
19 Hari abiyumvira ko gukorera Yehova ari amananiza. Nimba ukiri muto, woba ubona ko gukorera Yehova bituma ugira ivyo uhomba? Umuvukanyi umwe akiri muto yitwa Gene avuga ati: «Nabona ko kuba Icabona ca Yehova bimboha. Abana benshi twakuranye nabona ko bama biryohera mu bintu bitandukanye, nko kwama mu kirori, gukundana n’abakobwa, canke gukina udukino twa videwo tw’ububisha, mu gihe nanje naba ndi mu vy’amakoraniro no mu ndimiro.» None kubona ibintu gutyo vyagize ingaruka iyihe kuri Gene? Avuga ati: «Naciye ntangura kugira ubuzima burimwo tubiri, nanje mara igihe niryohera. Ariko ivyo nta munezero nyakuri vyampaye. Naciye ntangura kuzirikana ku kuri kwo muri Bibiliya nari nahisemwo kwirengagiza, hanyuma nca mfata ingingo yo gukorera Yehova n’umutima wanje wose. Kuva ico gihe, mbona ko Yehova yagiye arishura amasengesho yanje yose.»
20. Dukwiye kwiyemeza iki?
20 Umwanditsi umwe w’izaburi yaririmbiye Yehova ati: «Hahiriwe umuntu utora ukamwiyegereza kugira yibere mu bigo vyawe!» (Zab. 65:4) Nimuze rero twese tugire umwiyemezo nk’uwa Yosuwa, uwavuze ati: «Nayo jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova.»—Yos. 24:15.
URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b INSOBANURO Y’AMAFOTO: Umukenyezi umwe arumvise ivyo abaturwanya bavugira hanze y’ahariko habera ihwaniro. Aciye yegera abariko baramamaza ku mugaragaro kugira amenye ukuri ku bitwerekeye.
c INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe vyerekana ihitamwo Julia yagize ryo gushira imbere mu buzima ivyo gukorera Yehova.