IKIGANIRO C’UKWIGA CA 12
URURIRIMBO RWA 119 Dutegerezwa kugira ukwizera
Guma ugenda wisunga ukwizera
«Tugenda twisunga ukwizera, [ntitwi]sunga ibiboneka.»—2 KOR. 5:7.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene twoguma tugenda twisunga ukwizera igihe dufata ingingo zihambaye.
1. Igihe intumwa Pawulo yatereza amaso inyuma, kubera iki yumvise aryohewe?
INTUMWA PAWULO yaramenye ko hari hasigaye igihe gito ngo yicwe. Naho ari ukwo, asubije amaso inyuma yumvise aryohewe cane. Yavuze ati: «[Narirutse] mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, ndagumya ukwizera.» (2 Tim. 4:6-8) Yari yarafashe ingingo nziza yo gukoresha ubuzima bwiwe mu gukorera Yehova, akaba rero atakekeranya ko Imana yamushima. Na twebwe twipfuza gufata ingingo nziza kugira ngo dushimwe n’Imana. None twobigira gute?
2. Kugenda twisunga ukwizera bisobanura iki?
2 Pawulo yavuze ku bimwerekeye be n’abandi bakirisu b’abizigirwa ati: «Tugenda twisunga ukwizera, [ntitwi]sunga ibiboneka.» (2 Kor. 5:7) None aho yashaka kuvuga iki? Muri Bibiliya, ijambo ‘kugenda’, rimwe na rimwe ryerekeza ku kuntu umuntu ahitamwo gukoresha ubuzima bwiwe. Umuntu agenda yisunga ivyo abona, afata ingingo yisunze gusa ivyo abonesha amaso, ivyo yumva, be n’ibishobisho. Ariko umuntu agenda yisunga ukwizera, afata ingingo yisunze uko Yehova abona ibintu. Ivyo akora birerekana ko yemera adakeka yuko gukurikiza impanuro Yehova aduha muri Bibiliya bimugirira akamaro, be n’uko azomuha impera muri kazoza.—Zab. 119:66; Heb. 11:6.
3. Kugenda twisunga ukwizera bivamwo ivyiza ibihe? (2 Abakorinto 4:18)
3 Ego ni ko, hariho ingingo zimwezimwe twese dufata twisunze ivyo tubona, ivyo twumva, canke twisunze ibishobisho. Ariko rero, hamwe twofata ingingo zihambaye twisunze gusa ivyo tubona canke ivyo twumva, twoshobora kugira ingorane. Uti kubera iki? Kubera ko ivyo tubona canke ivyo twumva bishobora kuduhenda. Ariko naho bitoduhenda, hamwe twogenda twisunga ivyo tubona gusa, amaherezo twoshobora kutumvira impanuro Imana iduha maze tugakora ibihushanye n’ivyo igomba. (Umus. 11:9; Mat. 24:37-39) Ariko mu gihe tugenda twisunga ukwizera, birashobora gutuma dufata ingingo «Umukama yemera.» (Ef. 5:10) Gukurikiza impanuro Imana iduha biratuma tugira amahoro yo mu mutima be n’umunezero nyakuri. (Zab. 16:8, 9; Yes. 48:17, 18) Vyongeye, tubandanije kugenda twisunga ukwizera tuzoronka ubuzima budahera.—Soma 2 Abakorinto 4:18.
4. Umuntu yomenya gute nimba ariko agenda yisunga ukwizera canke yisunga ivyo abona?
4 None twomenya gute ko turiko tugenda twisunga ukwizera canke ibiboneka? Mu bisanzwe, vyose bihagaze ku vyo twisunga mu gufata ingingo. Twoba twisunga gusa ivyo tubona, canke turizigira Yehova tukisunga impanuro aduha? Reka turabe ingene twobandanya kugenda twisunga ukwizera muri ibi bintu bitatu bihambaye: Igihe duhitamwo akazi twokora, igihe duhitamwo uwo twokwubakana be n’igihe duhawe ubuyobozi. Kuri kimwekimwe cose muri ivyo, turaza kuraba ibintu dukwiye kuzirikanako kugira ngo dufate ingingo nziza.
IGIHE DUHITAMWO AKAZI TWOKORA
5. Ni igiki dukwiye kuzirikanako igihe duhitamwo akazi twokora?
5 Twese turipfuza kwironsa ivyo dukeneye no kubironsa umuryango wacu. (Umus. 7:12; 1 Tim. 5:8) Ubuzi bumwebumwe usanga buhemba neza. Mwene ubwo buzi usanga bufasha umuntu kwironsa ivyo akeneye buri musi, akaronka n’utwo aziganya. Ubundi na bwo usanga buhemba umushahara ubayabaye, ushoboza gusa umuntu kuronsa umuryango wiwe ivya nkenerwa. Birumvikana rero ko imbere yo kwemera akazi kanaka, tubanza kuzirikana ku mushahara tuzohembwa. Ariko nka hamwe umuntu yofatira kuri ico gusa, ahanini yoba ariko agenda yisunga ibiboneka.
6. Twokwerekana gute ko tugenda twisunga ukwizera igihe duhitamwo akazi twokora? (Abaheburayo 13:5)
6 Igihe tugenda twisunga ukwizera, turazirikana no ku ngaruka ako kazi kogira ku bucuti dufitaniye na Yehova. Turibaza duti: «Ako kazi koba kazotuma ngira uruhara mu bintu Yehova yanka?» (Imig. 6:16-19) «Koba kazobangamira ibikorwa vyanje bijanye no gusenga, kumbure kanatume mara igihe kinini ntari kumwe n’umuryango wanje?» (Flp. 1:10) Nimba inyishu z’ivyo bibazo ari egome, vyoba vyiza ako kazi utakemeye, naho usanga bitoroshe kuronka akandi. Kubera ko tugenda twisunga ukwizera, twipfuza gufata ingingo zerekana ko twizigira yuko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.—Mat. 6:33; soma Abaheburayo 13:5.
7-8. Umuvukanyi umwe wo muri Amerika y’Epfo, yerekanye gute ko agenda yisunga ukwizera? (Raba n’ifoto.)
7 Raba ingene umuvukanyi yitwa Javiera wo muri Amerika y’Epfo yabonye akamaro ko kugenda yisunga ukwizera. Avuga ati: «Nararondeye akazi kiyubashe kotumye mpembwa umushahara uruta incuro zibiri uwo nahora mpembwa, kandi kotumye ndyohererwa ubuzima.» Ariko rero, Javier yaripfuza cane gukora ubutsimvyi. Abandanya ati: «Naratowe mu babazwa ibibazo n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rimwe. Imbere y’uko tubonana, narasenze Yehova ndamusaba ngo amfashe, kubera ko nari nzi neza yuko yari azi icari kumbera ciza. Naho nashaka akazi kiyubashe kandi gahemba neza, sinashaka ko kombuza gushikira imigambi yanje yo mu vy’impwemu.»
8 Javier avuga ati: «Mu kiyago twagiraniye na wa muyobozi, yarambwiye ko nzoza ndakora umwanya wiyongereye. Ndabigiranye urupfasoni, naramubwiye yuko bitoshoboka kubera ibikorwa vyanje bijanye no gusenga.» Javier rero yafashe ingingo yo kwanka ako kazi. Inyuma y’indwi zibiri yaciye atangura ubutsimvyi. Mu nyuma muri uwo mwaka, yahavuye aronka akazi k’igihe gito. Avuga ati: «Yehova yarumvise amasengesho yanje arandonsa akazi gatuma nkora neza ubutsimvyi. Ndahimbawe cane kubona mfise akazi gatuma ndonka umwanya wiyongereye wo gukorera Yehova n’abavukanyi banje.»
Nibakuduza igiti ku kazi uzokora iki? Ingingo uzofata izokwerekana ko wizigira yuko Yehova ari we azi icokubera ciza (Raba ingingo ya 7-8)
9. Ivyashikiye Trésor bikwigisha iki?
9 Twokora iki nka hamwe twosanga akazi dukora kariko karatubuza kugenda twisunga ukwizera? Raba ivyashikiye umuvukanyi yitwa Trésor wo muri Kongo Brazaville. Avuga ati: «Nari mperutse kuronka kazi namye nipfuza kuva kera. Naronka umushahara wigwije incuro zitatu ku wo nahora mpembwa, kandi narubahwa cane.» Yamara Trésor yama asiba amakoraniro kubera gukora umwanya wiyongereye. Vyongeye, abo bakorana bama bamuhatira gukora ibintu bisaba ko abesha kugira ngo bikingire. Naho Trésor yipfuza guheba ako kazi, yaguma ahagaritse umutima ko azoca ashomera. None ni igiki camufashije? Avuga ati: «Ibivugwa muri Habakuki 3:17-19 vyaramfashije gutahura ko naho ntoba ngifise ako kazi, Yehova azonyitwararika. Naciye rero ndagaheba.» Mu gusozera avuga ati: «Abakoresha benshi biyumvira yuko umuntu yokwemera guheba ibintu vyose, mbere n’umuryango wiwe canke ivy’Imana, kugira ntatakaze akazi gahemba neza. Ndahimbawe kuba narazigamye ubucuti mfitaniye na Yehova be n’umuryango wanje. Haciye umwaka, Yehova yaramfashije kuronka akazi kambeshaho, kagatuma ndonka n’umwanya ukwiye wo kumukorera. Nitwashira Yehova mu kibanza ca mbere, azotwitwararika naho vyoshika tukamara igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi.» Emwe, nitwakurikiza impanuro Yehova aduha kandi tukizigira ivyo yadusezeraniye, tuzobandanya kugenda twisunga ukwizera kandi azoduhezagira!
IGIHE DUHITAMWO UWO TWOKWUBAKANA
10. Ni ibiki vyoshobora gutuma tugenda twisunga ivyo tubona igihe duhitamwo uwo twokwubakana?
10 Umubano ni ingabire itangwa na Yehova, kandi umuntu yipfuje kwubaka urwiwe ni ibisanzwe. Igihe mushiki wacu ariko ariyumvira ivyo kwubakana n’umuvukanyi kanaka, hari aho yozirikana ku kuntu uwo muvukanyi ameze, uko asa, ukuntu azwi, ukuntu akoresha amahera, nimba mu muryango iwabo hari abamuzeyeko uburaro n’uburamuko, akazirikana n’ingene yumva amerewe iyo ari kumwe n’uwo muvukanyi.b Ivyo bintu vyose birahambaye. Ariko nka hamwe uwo mushiki wacu yozirikana kuri ivyo bintu gusa, yoba ariko agenda yisunga ibiboneka.
11. Twokwerekana gute ko tugenda twisunga ukwizera igihe duhitamwo uwo twokwubakana? (1 Abakorinto 7:39)
11 Yehova arakunda cane abavukanyi na bashiki bacu bakurikiza impanuro ziwe igihe bahitamwo uwo bokwubakana. Nk’akarorero, imbere yo kuja mu vyo gukundana barakurikiza impanuro ibaremesha kurindira gushika barenganye «imyaka y’ubuto.» (1 Kor. 7:36) Igihe bahitamwo uwo bokwubakana, ahanini baraba ko afise kamere Yehova avuga ko ziranga umugabo mwiza canke umugore mwiza. (Imig. 31:10-13, 26-28; Ef. 5:33; 1 Tim. 5:8) Iyo hagize uwudasenga Yehova aza kubaresha ntibamwemerera, ahubwo baragamburuka impanuro ibasaba kwubakana «gusa n’umwigishwa w’Umukama», nk’uko biri mu 1 Abakorinto 7:39. (Soma.) Ivyo vyose babigira kugira babandanye kugenda bisunga ukwizera, bizigiye ko Yehova azobitwararika, kubera ko ari we azi neza ico umutima wabo ushaka.—Zab. 55:22.
12. Akarorero ka Rosa kakwigisha iki?
12 Raba ivyashikiye umutsimvyi umwe yitwa Rosa wo muri Kolombiya. Akazi yakora, katuma ahura kenshi n’umugabo umwe atari Icabona. Uwo mugabo yaratanguye kumwereka ko amukunda, kandi na Rosa yaramwiyumvamwo. Rosa avuga ati: «Nabona ari umuntu ameze neza cane. Yaritanga agafasha abantu mu kibano iwabo, kandi nabona yigenza neza. Narakunda ukuntu anyitaho. Emwe, nari nkeneye umugabo ameze gutyo nyene, ni uko gusa atari Icabona.» Rosa abandanya ati: «Vyari bigoye kumuhakanira kuko namwiyumvamwo. Ico gihe nari mfise irungu kandi numva nipfuza kwubaka urwanje, mugabo sinari bwaronke uwo twokwubakana asenga Yehova. Naho ari ukwo, Rosa ntiyagumije gusa umutima ku vyo yabona. Yaranazirikanye ku kuntu iyo ngingo yogeramiye ubucuti afitaniye na Yehova. Yaciye rero ahagarika burundu imigenderanire yose yari afitaniye n’uyo mugabo, aca aguma yituniye ku murimo arangurira Yehova. Gatoyi inyuma y’aho, yaratumiwe mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, ubu akaba ari umutsimvyi adasanzwe. Rosa avuga ati: «Yehova yaratumye mpimbarwa cane.» Naho kugenda twisunga ukwizera bishobora kutatworohera na canecane iyo hari ikintu twipfuza cane, kubigira vyama ari ngirakamaro.
IGIHE DUHAWE UBUYOBOZI
13. Ni ibiki vyohava bituma tugenda twisunga ivyo tubona igihe duhawe ubuyobozi?
13 Kenshi turakunda kuronka ubuyobozi budufasha kubona ingene twokorera Yehova. Hari igihe tubuhabwa n’abakurambere, umuhagarikizi w’umuzunguruko, ibiro vy’ishami, canke Inama Nyobozi. Ariko none vyogenda gute nka hamwe vyoshika ntidutahure icatumye butangwa? Hari aho twoshobora kubona gusa ingorane twogira kubera ubwo buyobozi, mbere tugatangura no kwibanda ku busembwa bw’abavukanyi babutanze.
14. Ni ibiki vyodufasha kugenda twisunga ukwizera igihe duhawe ubuyobozi? (Abaheburayo 13:17)
14 Igihe tugenda twisunga ukwizera, tuba twizigiye ko Yehova ari we ayoboye ishirahamwe ryiwe be n’uko azi neza uko ivyacu vyifashe. Ivyo bituma tugamburuka tudatebaganye, kandi tukabigirana umutima mwiza. (Soma Abaheburayo 13:17.) Turatahura yuko iyo tugamburutse bituma ishengero ryunga ubumwe. (Ef. 4:2, 3) Turizigira ko iyo tugamburukiye abavukanyi batuja imbere naho badatunganye, Yehova aduhezagira. (1 Sam. 15:22) Turizigira kandi ko Yehova azokosora ibikenewe vyose ku gihe kibereye.—Mika 7:7.
15-16. Ni ibiki vyafashije umuvukanyi umwe kugenda yisunga ukwizera naho yari afise amakenga ku bijanye n’ubuyobozi bwari bwatanzwe? (Raba n’ifoto.)
15 Raba akarorero kerekana akamaro ko kugenda twisunga ukwizera. Naho igisupanyoli kivugwa cane muri Peru, abantu benshi babayo bavuga indimi kavukire. Rumwe muri zo ni igikecuwa. Abavukanyi bavuga igikecuwa baramaze imyaka myinshi barondera abantu bavuga urwo rurimi mu cibare cabo. Ariko kugira twubahirize ivyo leta yasaba, hari ivyahinduwe ku kuntu abo bantu bakwiye kuronderwa. (Rom. 13:1) Abavukanyi bamwebamwe baciye biyumvira ko ivyo bitazokworohereza igikorwa cabo. Mugabo kubera ko bagamburutse ubwo buyobozi, Yehova yarahezagiye utwigoro twabo bararonka abantu benshi bavuga igikecuwa.
16 Kevin ni umukurambere wo mw’ishengero rikoresha igikecuwa, akaba yari umwe muri abo bari bahagaritse umutima. Avuga ati: «Naribaza nti: ‘Mbega yemwe tuzoronka gute abantu bavuga igikecuwa?’» None Kevin yakoze iki? Avuga ati: «Naributse ibivugwa mu Migani 3:5, ndazirikana no ku bijanye na Musa. Yehova yamuhaye ubuyobozi bwasa n’ubutumvikana. Yamusavye gukura Abisirayeli mu Misiri akabajana ku kiyaga Gitukura, ahantu batari kuronka n’aho bahungira Abanyamisiri bari babomye inyuma. Naho ari ukwo, yaragamburutse kandi Yehova yaramuhezagiye mu buryo budasanzwe.» (Kuv. 14:1, 2, 9-11, 21, 22) Kevin yaremeye kujana n’amahinduka. None vyavuyemwo iki? Avuga ati: «Naratangaye cane mbonye ingene Yehova yaduhezagiye. Mu ntango twahora tugenda umwanya muremure, rimwe na rimwe tukaronka umuntu umwe gusa canke babiri bavuga igikecuwa. Ariko ubu dusigaye twibanda canecane mu vyibare birimwo abantu benshi bavuga urwo rurimi. Ivyo vyatumye turonka abantu benshi tuyaga, turaronka amasubirayo n’inyigisho za Bibiliya. N’abitaba amakoraniro barongerekanye.» Vy’ukuri, igihe cose tugenda twisunga ukwizera Yehova yama aduhezagira.
Abantu benshi barabwira abavukanyi aho bosanga abavuga igikecuwa (Raba ingingo ya 15-16)
17. Iki cigwa cakwigishije iki?
17 Twabonye ukuntu twobandanya kugenda twisunga ukwizera mu bintu bitatu. Ariko rero, dutegerezwa kuguma tugenda twisunga ukwizera mu mice yose y’ubuzima bwacu, nk’igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza canke bwo kwisamaza, igihe dufata ingingo zijanye n’amashure twokwiga, canke ingene tworera abana bacu. Igihe cose rero tugomba gufata ingingo, ntidukwiye kuyoborwa gusa n’ivyo tubona. Turakwiye no kwibuka ubucuti dufitaniye na Yehova, tugakurikiza impanuro aduha, kandi tukizigira ko azotwitwararika. Aho ni ho gusa tuzoshobora «[ku]gendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika ibihe bidahera.»—Mika 4:5.
URURIRIMBO RWA 156 Ndabona n’amaso y’ukwizera
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b Kugira tworoshe ibintu, iyi ngingo yerekeza kuri mushiki wacu ariko ararondera umugabo. Ariko impanuro zirimwo ziraraba n’umuvukanyi ariko ararondera umugore.