ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Mukakaro rup. 2-7
  • Gira umutima rugabo nka Sadoki

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gira umutima rugabo nka Sadoki
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUSHIGIKIRE UBWAMI BW’IMANA
  • NUFASHE ABAVUKANYI BAWE
  • NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA
  • ‘Nugire umutima rugabo’
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Urashobora kugira umutima rugabo!
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Mukakaro rup. 2-7

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 27

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

Gira umutima rugabo nka Sadoki

«Sadoki, [yari] umusore w’intwari kandi arinda.» —1 NGO. 12:28.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene akarorero ka Sadoki gashobora kudufasha kugira umutima rugabo.

1-2. Sadoki yari nde? (1 Ngoma 12:​22, 26-28)

NIWIHE ishusho y’ivyariko biraba. Isinzi ry’abagabo barenga 340.000 bari bakoraniye hamwe kugira bimike Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli yose. Bamaze imisi itatu mu misozi y’ibitandara iri hafi y’i Heburoni batwenga, baganira bongera baririmba indirimbo zo gushemeza Yehova banezerewe. (1 Ngo. 12:39) Muri iryo sinzi harimwo umusore yitwa Sadoki. Ariko nta wokwigeze amenya ko ari ho yari ari, iyo Yehova atabitumenyesha. (Soma 1 Ngoma 12:​22, 26-28.) None Sadoki yari nde?

2 Sadoki yari umuherezi yakoranye n’umuherezi mukuru Abiyatari. Sadoki kandi yari yarahawe n’Imana ubukerebutsi budasanzwe be n’ubushobozi bwo gutahura imigambi yayo. (2 Sam. 15:27) Abantu baramwitura kugira ngo abahe impanuro ziranga ubukerebutsi. Vyongeye, yari afise umutima rugabo. Uwo mutima rugabo wiwe, ni wo nyene iki kiganiro kiza gushimikako.

3. (a) Kubera iki abasavyi ba Yehova bakeneye kugira umutima rugabo? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro?

3 Muri iyi misi ya nyuma, Shetani ariko aragwiza ibitero ku basavyi b’Imana. (1 Pet. 5:8) Turakeneye kugira umutima rugabo magingo tukirindiriye ko Yehova akuraho Shetani n’iyi si mbi yiwe. (Zab. 31:24) Nimuze turabe uburyo butatu twokwigana umutima rugabo wa Sadoki.

NUSHIGIKIRE UBWAMI BW’IMANA

4. Kubera iki abasavyi ba Yehova bakeneye umutima rugabo kugira bashigikire Ubwami bw’Imana? (Raba n’ifoto.)

4 Twebwe abasavyi ba Yehova turashigikira Ubwami bw’Imana n’umutima wacu wose. Ariko rero, kenshi ivyo bidusaba kugira umutima rugabo. (Mat. 6:33) Nk’akarorero, muri iyi si mbi bisaba ko tugira umutima rugabo kugira tubeho dukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova twongere twamamaze inkuru nziza y’Ubwami. (1 Tes. 2:2) Vyongeye, akenshi bisaba umutima rugabo kugira tugume ata ho duhengamiye mu vya politike, muri iyi si iguma irushiriza kwicamwo imice. (Yoh. 18:36) Abasavyi ba Yehova benshi baragira ingorane mu vy’ubutunzi, bagakubitwa canke bagapfungwa bahorwa kutagira uruhara mu vya politike canke kuja mu gisoda.

Umuvukanyi umwe be n’abo bakorana bari mu karuhuko ku kazi. Abo bagenziwe bariko baraserura ivyiyumviro vyabo bashimitse. Umwe muri bo atunze urutoki televiziyo, aho bariko barerekana ivyavuye mu matora y’abanyepolitike babiri bari bahanganye.

Abandi niberekana aho bahengamiye mu vya politike, wewe uzogira iki? (Raba ingingo ya 4)


5. Kubera iki Sadoki yari akeneye umutima rugabo kugira ashigikire Dawidi?

5 Sadoki ntiyari yagiye i Heburoni ajanywe gusa n’ibirori vyo kwimika umwami Dawidi. Yagiye atwaye ibigwanisho, yiteguriye urugamba. (1 Ngo. 12:38) Yari yiteguriye kuguma akurikira Dawidi no kurwanya abansi ba Isirayeli. Naho Sadoki ashobora kuba atari umurwanyi karuhariwe, umutima rugabo wowo yari awufise.

6. Dawidi yabereye gute akarorero keza Sadoki mu bijanye no kugaragaza umutima rugabo? (Zaburi 138:3)

6 None umuherezi nka Sadoki, uwo mutima rugabo yawukuye he? Yari azinanyi n’abantu benshi b’intwari kandi b’umutima rugabo. Nta nkeka ko yigiye ku karorero kabo. Nk’akarorero, kuba Dawidi «[yara]yobora Abisirayeli ku rugamba» abigiranye umutima rugabo, vyaratumye Abisirayeli bamushigikira n’umutima wabo wose. (1 Ngo. 11:​1, 2) Dawidi yama yiheka kuri Yehova kugira amufashe gutsinda abansi biwe. (Zab. 28:7; soma Zaburi 138:3.) Sadoki kandi yari afise abandi bantu bamubereye akarorero, nka Yehoyada, umuhungu wiwe w’umurwanyi Benaya be n’abandi bakuru 22 b’imiryango bashigikiye Dawidi. (1 Ngo. 11:​22-25; 12:​26-28) Abo bagabo bose barashigikiye intwaro ya Dawidi bivuye inyuma.

7. (a) Ni bande muri iki gihe twokwigirako ibijanye no kugaragaza umutima rugabo? (b) Akarorero k’umuvukanyi Nsilu kari muri iyo videwo kakwigisha iki?

7 Kuzirikana ku burorero bw’abantu bashigikiye Yehova n’Ubwami bwiwe babigiranye umutima rugabo, biradukomeza bikongera bigatuma tugira umutima rugabo. Umwami wacu Kristu Yezu yaranse yivuye inyuma kwisuka muri politike y’iyi si ya Shetani. (Mat. 4:​8-11; Yoh. 6:​14, 15) Yama yiheka kuri Yehova kugira amuronse inkomezi zo gukora ibigororotse. Turafise n’uburorero bw’abakiri bato benshi muri iki gihe banse kuja mu gisoda canke kugira uruhara muri politike. Ubona gute uravye inkuru za bamwebamwe muri bo kuri jw.org?a

NUFASHE ABAVUKANYI BAWE

8. Ni ryari abakurambere bokenera umutima rugabo kugira bafashe abo basangiye ukwemera?

8 Abasavyi ba Yehova barakunda gufashanya. (2 Kor. 8:4) Ariko rimwe na rimwe ivyo bisaba umutima rugabo. Nk’akarorero, iyo hadutse intambara abakurambere baca babona ko abavukanyi bo mw’ishengero bakeneye kuremeshwa, gushigikirwa canke kumbure kuronswa ivyo bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Kubera ko abakurambere bakunda intama za Yehova, barakora uko bashoboye kwose kugira bazironse ivyo zikeneye, n’igihe mbere kubigira vyoba biteye akaga. (Yoh. 15:​12, 13) Iyo babigize baba biganye umutima rugabo wa Sadoki.

9. Nk’uko muri 2 Samweli 15:​27-29 havyerekana, Dawidi yasavye Sadoki gukora iki? (Raba n’ifoto.)

9 Dawidi yari mu kaga. Umuhungu wiwe Abusalomu yari yiyemeje kumukura ku ngoma. (2 Sam. 15:​12, 13) Dawidi yategerezwa kuva i Yeruzalemu adatebaganye. Yaciye ahamagara abasuku biwe bose ababwira ati: «Nimuze duhunge, Abusalomu ntahave atumara twese!» (2 Sam. 15:14) Igihe abasuku ba Dawidi bariko barahunga, Dawidi yaciye abona ko hakenewe uwoguma i Yeruzalemu kugira aze aramubwira imigambi ya Abusalomu. Yaciye rero arungikayo Sadoki n’abandi baherezi, kugira baze baramusumira urusaku. (Soma 2 Samweli 15:​27-29.) Bategerezwa kwiyubara cane. Ico kintu Dawidi yari asavye abo baherezi cari giteye akaga. Iyumvire ivyo Abusalomu yari kubakorera amenye ko bariko barasuma urusaku kugira ngo bakingire Dawidi, uzi n’ukuntu Abusalomu yari umuntu w’umubisha, yikunda, kandi w’igihemu.

Umwami Dawidi ariko aravugana na Sadoki, mu gihe abandi basuku biwe bariko barahunga bava i Yeruzalemu.

Dawidi yarasavye Sadoki gukora igikorwa giteye akaga (Raba ingingo ya 9)


10. Sadoki n’abo bari kumwe bakingiye gute Dawidi?

10 Dawidi yarateguye umukenyuro, aca asaba Sadoki n’uwundi mugenzi wiwe w’intahemuka yitwa Hushayi ngo bamufashe kuwushira mu ngiro. (2 Sam. 15:​32-37) Hushayi yarawukoreyeko maze aritonesha kuri Abusalomu, amugira inama yo gutegura igitero azi neza ko cotumye Dawidi aronka umwanya wo kucitegurira. Hushayi yaciye abimenyesha Sadoki na Abiyatari. (2 Sam. 17:​8-16) Abo bagabo babiri na bo, baciye barungikira Dawidi ubwo butumwa. (2 Sam. 17:17) Sadoki n’abaherezi bagenziwe babifashijwemwo na Yehova, baragize uruhara rukomeye mu gukingira ubuzima bwa Dawidi.—2 Sam. 17:​21, 22.

11. Twokwigana gute umutima rugabo wa Sadoki igihe dufasha abavukanyi bacu?

11 Twogaragaza gute umutima rugabo nka Sadoki bishitse tugasabwa gufasha abavukanyi bacu bari mu kaga? (1) Nukurikize ubuyobozi. Mu bihe nk’ivyo, birahambaye ko tuguma twunze ubumwe. Nukurikize ubuyobozi uhabwa n’ibiro vy’Ishami. (Heb. 13:17) Abakurambere barakwiye kwama biyibutsa intunganyo zijanye no kwitegurira ivyago vy’ivyaduka mu karere iwacu be n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe bwerekana icokorwa igihe icago giteye. (1 Kor. 14:​33, 40) (2) Nugaragaze umutima rugabo ariko kandi ube maso. (Imig. 22:3) Nubanze wiyumvire kugira ntiwite mu kaga bidakenewe. (3) Niwiheke kuri Yehova. Niwibuke ko wewe n’abavukanyi bawe Yehova abipfuriza ineza. Arashobora rero kugufasha ugaseruka ku bavukanyi bawe kandi bikagenda neza.

12-13. Wigira iki ku karorero ka Viktor na Vitalii? (Raba n’ifoto.)

12 Raba akarorero k’abakurambere babiri ari bo Viktor na Vitalii. Baritanze cane barashira abavukanyi babo bo muri Ukraine ibifungurwa n’amazi. Viktor avuga ati: «Nta ho tutarondereye ibifungurwa, kandi akenshi amasase yaba ari urutavanako. Hari umuvukanyi umwe yatanze ibifungurwa vyari mu mangazini yiwe. Iyo mfashanyo yaratumye abavukanyi benshi baba baramaze na kabiri. Igihe twariko turapakira ivyo bifungurwa mu modoka, hari ikibombe caguye nko ku metero 20 y’aho twari. Kuri uwo musi wose, nagumye nsaba Yehova ngo ampe umutima rugabo kugira ngo mbandanye gufasha abavukanyi banje.»

13 Vitalii na we avuga ati: «Vyasaba umutima rugabo udasanzwe. Urugendo rwa mbere nagize rwamaze amasaha 12. Inzira yose nagenda ndasenga Yehova.» Naho umuvukanyi Vitalii yari afise umutima rugabo yariyubara. Yongerako ari: «Naguma nsaba Yehova ngo ampe ubukerebutsi no kwifata ruto. Naca gusa mu mabarabara twabwirwa n’abajejwe intwaro. Kwibonera ingene abavukanyi na bashiki bacu basenyera ku mugozi umwe, vyarakomeje ukwizera kwanje. Barakura mw’ibarabara ibintu vyaba birizibiye, bakegeranya imfashanyo bakongera bakazipakira umuduga, bakaduha n’ivyo dufungura be n’aho turuhukira turi ku rugendo.»

Abavukanyi babiri batwaye umuduga mu karere karimwo intambara. Inyuma yabo haraboneka ibibomoke, imyotsi n’umuriro.

Gufasha abavukanyi mu bihe bitoroshe, bisaba umutima rugabo no kuba maso (Raba ingingo ya 12-13)


NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA

14. Tumererwa gute igihe uwo dukunda ahevye Yehova?

14 Kimwe mu bintu bitubabaza cane ni igihe incuti canke umugenzi somambike ahevye Yehova. (Zab. 78:40; Imig. 24:10) Igihe muba mukundana cane, birarushiriza kukugora kwakira ibiba vyashitse. Nimba umaze gushikirwa n’ico kintu giteye intuntu, akarorero ka Sadoki k’ukudahemuka kokuremesha.

15. Kubera iki Sadoki yari akeneye umutima rugabo kugira agume ari intahemuka kuri Yehova? (1 Abami 1:​5-8)

15 Sadoki yagumye ari intahemuka kuri Yehova igihe umugenzi wiwe somambike yitwa Abiyatari yahemuka. Ivyo vyabaye mu mpera y’ingoma ya Dawidi. Igihe Dawidi yari ku mpfiro, umuhungu wiwe Adoniya yaragerageje kwigarurira ubutegetsi bwiwe, kandi Yehova yari yabusezeraniye Salomo. (1 Ngo. 22:​9, 10) Abiyatari yahisemwo gushigikira Adoniya. (Soma 1 Abami 1:​5-8.) Ico gihe Abiyatari ntiyari ahemukiye Dawidi gusa, ahubwo yari ahemukiye na Yehova. Iyumvire intuntu Sadoki yagize! Sadoki na Abiyatari bari bamaze imyaka irenga 40 bakorana ari abaherezi. (2 Sam. 8:17) Bari barafashanije kwitwararika «isandugu y’Imana y’ukuri.» (2 Sam. 15:29) Mu ntango, bompi barakoranye mu gushigikira ingoma y’umwami Dawidi bongera barakora n’ibindi vyinshi mu gikorwa ca Yehova.—2 Sam. 19:​11-14.

16. Ni igiki gishobora kuba carafashije Sadoki kuguma ari intahemuka?

16 Naho Abiyatari yahemutse, Sadoki wewe yagumye ari intahemuka kuri Yehova. Dawidi yarizigira adakeka ko Sadoki yogumye ari intahemuka. Igihe umugambi mubi wa Adoniya wamenyekana, Dawidi yaciye asaba Sadoki, Natani na Benaya ngo barobanuze amavuta Salomo kugira abe umwami. (1 Abm. 1:​32-34) Kuba Sadoki yama ari kumwe n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka, nka Natani be n’abandi bashigikira umwami Dawidi, bitegerezwa kuba vyaramukomeje cane. (1 Abm. 1:​38, 39) Igihe Salomo yaba umwami yaciye ‘agena umuherezi Sadoki mu kibanza ca Abiyatari.’—1 Abm. 2:35.

17. Wokwigana gute Sadoki bishitse umuntu ukunda agaheba Yehova?

17 Wokwigana gute Sadoki? Bishitse umuntu ukunda agaheba Yehova, wewe nugume uri intahemuka. (Yos. 24:15) Yehova azogukomeza kugira ngo ugume ushikamye. Nugume umwihekako biciye kw’isengesho wongere wiyegereze abaguma ari intahemuka kuri we. Ugumye uri intahemuka, Yehova arabikenguruka kandi ntabura kuguhezagira.—2 Sam. 22:26.

18. Ivyashikiye Marco na Sidse bikwigisha iki?

18 Raba ivyashikiye umuvukanyi Marco n’umukenyezi wiwe Sidse. Abakobwa babo babiri bakuze, barahevye ukuri. Marco avuga ati: «Kuva abana bakivuka, usanga umuvyeyi abakunda cane. Arakora ibishoboka vyose kugira abakingire ivyobagirira nabi. Igihe rero bahisemwo guheba Yehova, uravunika umutima cane.» Abandanya ati: «Ariko Yehova yagumye atuba hafi. Yaradufashije ku buryo igihe jewe naba ncitse intege, umukenyezi wanje yaba akomeye, igihe na we yaba acitse intege nanje nkaba nkomeye.» Umugore wiwe Sidse na we yongerako ati: «Iyo Yehova ataturonsa inkomezi, ntitwari gushobora kwihangana. Kubera ko naguma niyagiriza ko noba ndabifisemwo uruhara, naciye mbwira Yehova uko niyumva. Haciye akanya gato, hari umudada twari tumaze imyaka myinshi tutabonana yaje kundaba. Yaramfashe ku bitugu arandaba mu maso maze ambwira ati: ‘Sidse, niwibuke ko atari ikosa ryawe.’ Ndabifashijwemwo na Yehova, narashoboye kuguma ndamukorera nezerewe.»

19. Wiyemeje gukora iki?

19 Yehova yipfuza ko abasavyi biwe bose bagira umutima rugabo nka Sadoki. (2 Tim. 1:7) Ariko rero, yipfuza ko tumwihekako aho kwiheka ku nkomezi zacu. Bishitse rero ugashikirwa n’ikintu gisaba ko ugaragaza umutima rugabo, nusabe Yehova agufashe. Nta gukeka ko azotuma ugira umutima rugabo nka Sadoki.—1 Pet. 5:10.

WOKWIGANA GUTE UMUTIMA RUGABO WA SADOKI . . .

  • igihe ushigikira Ubwami bw’Imana?

  • igihe ufasha abavukanyi bawe?

  • igihe uwo ukunda ahevye Yehova?

URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere

a Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Abakirisu b’ukuri barakeneye umutima rugabo—Kugira bagume ata ho bahengamiye muri ino si.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika