12-18 RUSAMA
IMIGANI 13
Ururirimbo rwa 34 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Ntuhendwe n’«itara ry’ababisha»
(Imin. 10)
Ababisha nta kazoza bafise (Img 13:9; it-2 109 ing. 4-5)
Ntiwifatanye n’abatuma ikintu kibi kiboneka nk’iciza (Img 13:20; w12 15/7 12 ing. 3)
Yehova arahezagira umugororotsi (Img 13:25; w04 15/7 31 ing. 6)
Uravye ukuntu abantu birukira ivy’isi babayeho womengo barahimbawe, ariko si ko biri. Mugabo abakora ivyo Yehova ashaka bafise agahimbare nyakuri
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Img 13:24—Iki canditswe kitwigisha iki ku bijanye n’urukundo rw’uruhendo? (it-1 109 ing. 3)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Img 13:1-17 (th icigwa ca 10)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Mumaze kuganira ku kintu kanaka giherutse kuba, numwereke iciyumviro co muri Bibiliya comushimisha. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Mutumire kw’ikoraniro. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)
6. Insiguro
(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 9—Umutwe: Abana bubaha bakagamburukira abavyeyi babo bararoranirwa. (th icigwa ca 16)
Ururirimbo rwa 77
7. «Umuco w’abagororotsi urabonesha cane»
(Imin. 8) Guhana ijambo.
Ijambo ry’Imana ririmwo ubumenyi n’ubukerebutsi ngirakamaro. Igihe twisunze ivyo ritubwira, turabaho neza kandi duhimbawe. Ico ni ikintu isi idashobora gutanga.
Nimurabe IVIDEWO Isi ntishobora gutanga ico idafise. Nuce ubaza uti:
Ivyashikiye mushiki wacu Gainanshina vyerekana gute ko «umuco w’abagororotsi» uruta kure n’iyo «itara ry’ababisha»?—Img 13:9
Ntute umwanya wawe wiyumvira ibintu vyo muri iyi si canke ngo wicuze ku mahitamwo wagize yo gukorera Yehova. (1Yh 2:15-17) Ahubwo, nuzirikane ‘agaciro gahebuje k’ubumenyi’ wironkeye.—Fp 3:8.
8. Ibikenewe iwanyu
(Imin. 7)
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 26 ing. 9-17