19-25 RUSAMA
IMIGANI 14
Ururirimbo rwa 89 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Igihe hateye icago nubanze uzirikane neza imbere yo gukora ikintu ico ari co cose
(Imin. 10)
Uraba maso ntiwemere «ivyo ba[ku]bwiye vyose» (Img 14:15; w23.02 23 ing. 10-12)
Ntutwarwe gusa n’ibishobisho canke ngo wisunge ivyagushikiye (Img 14:12)
Ntiwumvirize abirengagiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova (Img 14:7)
IVYO KUZIRIKANAKO: Yemwe bakurambere, mwoba mwiteguriye gukurikiza ubuyobozi no kwiheka kuri Yehova igihe hateye icago?—w24.07 5 ing. 11.
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Img 14:1-21 (th icigwa ca 11)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) KU MUGARAGARO. Nubwire iciyumviro co muri Bibiliya umuntu akubwiye ko arajwe ishinga n’ikibazo c’ubutunzi. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 3)
5. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) INZU KU NZU. Numuhe ikinyamakuru cishura ikibazo yabajije igihe muheruka kuganira. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 4)
6. Guhindura abantu abigishwa
(Imin. 5) Nuremeshe uwo wigisha Bibiliya gusoma Bibiliya ku musi ku musi, wongere umwereke ingene yobishikako. (th icigwa ca 19)
Ururirimbo rwa 126
7. Nugume witeguriye icago
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Gishikirizwe n’umukurambere. Numenyeshe ivyibukijwe bivuye ku biro vy’ishami canke ku nama y’abakurambere nimba bihari.
Kubera ko turi mu «misi ya nyuma», turiteze ko ingorane zirushiriza kwongerekana. (2Tm 3:1) Imbere y’uko icago gitera canke igihe giteye, akenshi abasavyi ba Yehova bararonka ubuyobozi bushobora gutuma barokora ubuzima. Kugira tuzorokoke bisaba ko ubu dukomeza ukwizera kwacu kandi tugategura ivyo tuzokenera.—Img 14:6, 8.
Nukomeze ukwizera kwawe: Nugire akamenyero ko gusoma Bibiliya no kwiyigisha. Niwimenyereze kwamamaza mu mice itandukanye y’ubusuku. Nugume utekanye igihe bishitse ukamara igihe kanaka utari kumwe n’abo mw’ishengero. (Img 14:30) Uzokwama uri kumwe na Yehova Imana hamwe na Yezu Kristu.—od 176 ing. 15-17
Nutegure ivyo uzokenera: Hambavu y’isakoshi irimwo ivya nkenerwa, buri muryango ukwiye gutegekanya ibifungurwa, amazi, imiti n’ibindi bikoresho bokwikorako igihe vyoba ngombwa ko bamara igihe kirekire batava muhira.—Img 22:3; g17.5 4
Nimurabe IVIDEWO Woba witeguriye icago? Nuce ubaza uti:
Yehova yodufasha gute mu gihe c’ivyago?
Ni ibiki twokora mu kwitegura?
Twofasha gute abatewe n’icago?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 26 ing. 18-22, n’uruzitiro ku rup. 239