ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb25 Rusama rup. 2-3
  • 5-11 Rusama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 5-11 Rusama
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
mwb25 Rusama rup. 2-3

5-11 RUSAMA

IMIGANI 12

Ururirimbo rwa 101 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Gukora cane biravamwo ivyiza

(Imin. 10)

Ntute umwanya ukora ibintu bitagira akamaro (Img 12:11)

Nukore cane kandi ukore ivyo ushoboye vyose (Img 12:24; w16.06 30 ing. 6)

Niwakora cane uzokwironkera impera (Img 12:14)

Udufoto: Umuvukanyi akora mu vy’amatiyo ariko arakorana umwete akongera akitanga cane mu bikorwa vy’impwemu. 1. Ariko aragenda afise ibikoresho vyiwe. 2. Ariko arugara urutiyo runini akoresheje urupfunguruzo. 3. Ari kw’ikoraniro ari kumwe n’umuryango wiwe. We hamwe n’agakobwa kiwe barakirije kugira batange inyishu. 4. Ariko arabwira inkuru nziza umugabo akora aho batangira igitoro akoresha agapapuro k’inkuru nziza.

IMPANURO: Gukora cane biraryoshe igihe uzirikanye ingene abandi bashobora kuvyungukirako.—Ivk 20:35; w15 1/2 5 ing. 4-6.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Img 12:16—Ingingo ngenderwako iri muri iki canditswe ishobora gute gufasha umuntu kwigumya igihe ashikiwe n’ingorane? (ijwyp ikiganiro 95 ing. 10-11)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Img 12:​1-20 (th icigwa ca 5)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) INZU KU NZU. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 4)

6. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Niwereke urubuga rwa jw.org umuntu afise abana. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

7. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 3) Umwerekano. ijwfq ikiganiro 3—Umutwe: Mwoba mwemera ko idini ryanyu ari ryo dini ryonyene ry’ukuri? (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 21

8. Yehova aradufasha guhangana n’ingorane z’ubutunzi

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Woba urajwe ishinga no kuronka akazi, canke ukaba utinya kugatakaza? Woba urajwe ishinga no kuronka amahera yokwibeshaho ubu no mu busaza? Ivy’ubutunzi birahindagurika muri ino si. Ariko Yehova aradukura amazinda ko nitwamushira imbere azokwama aturonsa ivyo dukeneye, mbere n’igihe ivy’ubutunzi vyoba bihindutse giturumbuka.—Zb 46:​1-3; 127:2; Mt 6:​31-33.

Ifoto yakuwe mw’ividewo «Yehova ntiyigeze aduheba.» Umuvukanyi Alvarado afashe ukuboko umugore wiwe bariko barasenga n’umuryango wiwe.

Nimurabe IVIDEWO Yehova ntiyigeze aduheba. Nuce ubaza uti:

  • Ivyashikiye umuvukanyi Alvarado bikwigisha iki?

Soma 1 Timoteyo 5:8. Nuce ubaza uti:

  • Ni gute iki canditswe gituma urushiriza kwizigira ko Yehova azokwama aronsa abamusenga ivyo bakeneye?

Raba ingingo ngenderwako nkeya zo muri Bibiliya zoshobora kugufasha guhangana n’ingorane z’ivy’ubutunzi:

  • Niworoshe ubuzima. Nugabanye amadeni adakenewe wirinde no kugura ibintu bidakenewe.—Mt 6:22

  • Nuhitemwo akazi canke amashure bituma ugumiza ivy’impwemu mu kibanza ca mbere.—Fp 1:​9-11

  • Niwicishe bugufi kandi uhuze n’uko ibintu vyifashe. Nimba utakaje akazi, nugerageze gukora akazi ako ari ko kose, mbere n’akazi gaciye bugufi, kugira uronke ivyo umuryango ukeneye.—Img 14:23

  • Nusangire n’abandi ivyo ufise, mbere naho woba udafise vyinshi.—Heb 13:16

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) bt ikig. 26 ing. 1-8, n’inzitiro ku rup. 234, 238

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 57 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika