ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb25 Ntwarante rup. 12-13
  • 21-27 Ndamukiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 21-27 Ndamukiza
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
mwb25 Ntwarante rup. 12-13

21-27 NDAMUKIZA

IMIGANI 10

Ururirimbo rwa 76 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ni ibiki bituma ugira agahimbare nyakuri?

(Imin. 10)

Kugira ‘umwete’ mu gikorwa co gufasha abantu kumenya Yehova biratuma tugira agahimbare nyakuri (Img 10:​4, 5; w01 15/7 25 ing. 1-3)

Kuba umugororotsi birahambaye cane kuruta kuba umutunzi (Img 10:​15, 16; w01 15/9 24 ing. 3-4)

Umuhezagiro wa Yehova ni wo utuma ugira agahimbare nyakuri (Img 10:22; it-1 294)

Bashiki bacu babiri bariko baragumbirana kw’ihwaniro.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Img 10:22—Ko Yehova ata mubabaro yongera ku muhezagiro wiwe, ni kubera iki none abasavyi biwe bashikirwa n’ingorane nyinshi? (w06 15/5 30 ing. 18)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Img 10:​1-19 (th icigwa ca 10)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) INZU KU NZU. Uwo muntu akubwiye ko atemera ko Imana ibaho. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 4)

6. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Numwereke ingene yoronka amakuru yomushimisha kuri jw.org. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 111

7. Ni imihezagiro iyihe itungisha abasavyi b’Imana?

(Imin. 7) Guhana ijambo.

Imihezagiro Yehova aha abasavyi biwe muri iyi misi ya nyuma igoye, iradufasha kubandanya tumukorera no kubaho duhimbawe. (Zb 4:3; Img 10:22) Nimusome ivyanditswe bikurikira. Nuce ubaza ingene uwo muhezagiro udutungisha.

  • Yes 65:13

  • Lk 11:13

  • Yoh 13:35

Bamwebamwe bararushirije gukora vyinshi mu murimo barangurira Yehova maze bararushiriza kugira ubuzima buhimbaye.

Amafoto yakuwe mw’ividewo «Yemwe bakiri bato, nimuhitemwo inzira izobashikana ku mahoro!» 1. Harley. 2. Anjil. 3. Carlee.

Nimurabe IVIDEWO Yemwe bakiri bato, nimuhitemwo inzira izobashikana ku mahoro! Nuce ubaza uti:

  • Wigiye iki ku vyashikiye Harley, Anjil, na Carlee?

8. Amakuru agezweho yo mu 2025 ajanye n’Urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi

(Imin. 8) Insiguro. Nimurabe IVIDEWO.

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) bt ikig. 25 ing. 8-13, n’uruzitiro ku rup. 229

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 115 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika