ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb25 Ntwarante rup. 14-15
  • 28 Ndamukiza–4 Rusama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 28 Ndamukiza–4 Rusama
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
mwb25 Ntwarante rup. 14-15

28 NDAMUKIZA–4 RUSAMA

IMIGANI 11

Ururirimbo rwa 90 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ntukivuge!

(Imin. 10)

Ntiwigere uvuga ikintu cogirira nabi ‘mugenzawe’ (Img 11:9; w02 15/5 26 ing. 4)

Ntiwigere uvuga ikintu kizana amacakubiri (Img 11:11; w02 15/5 27 ing. 2-3)

Ntumene ibanga (Img 11:​12, 13; w02 15/5 27 ing. 5)

Abavukanyi babiri bariko baraganira ku Ngoro y’Ubwami. Umwe muri bo ariko avuga nabi uwundi muvukanyi ariko araza abagana.

IVYO KUZIRIKANAKO: Ivyo Yezu yavuze muri Luka 6:45 bidufasha gute kwirinda imvugo ibabaza?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Img 11:17—Kugira umutima mwiza bitugirira akamaro gute? (g20.1 11, uruzitiro)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin.4) Img 11:​1-20 (th icigwa ca 5)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nurondere akaryo ko kubwira uwo muntu ivyo wize kw’ikoraniro riheruka. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 4)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nimurabe ividewo yo mu Bikoresho bidufasha kwigisha. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 4) KU MUGARAGARO. Numusabe mwige Bibiliya wongere umwereke uko bigenda. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 157

7. Ntureke ngo ururimi rwawe rubangamire amahoro

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Kubera ko tudatunganye, turatsitara mu vyo tuvuga. (Yak 3:8) Ariko rero, tuzirikanye ku ngorane zova ku kuvuga ibintu bibi, bizodufasha kwirinda kuvuga ibintu vyotuma twicuza mu nyuma. Raba imvugo zimwezimwe zoshobora kubangamira amahoro y’ishengero:

  • Ukwiyemera kutabereye. Ni igihe umuntu avuga yishima, bikaba vyoshobora gutuma abandi barondera guhiganwa na we kandi bakamugirira ishari.—Img 27:2

  • Amajambo arimwo ibinyoma. Iyo mvugo ntigarukira gusa ku binyoma vyeruye, ariko kandi irimwo guhenda abandi n’ibigirankana. Mbere no kubesha gatoya gusa, vyotuma umuntu ataba acizigirwa kandi bikamusiga iceyi.—Ums 10:1

  • Urusaku rubabaza. Ni ukuvuga abantu n’ubuzima bwabo ukutari kwo canke guhishura ibintu vy’ibanga. (1Tm 5:13) Ivyo birashobora gukwega ugushwana n’amacakubiri

  • Kuvugana ishavu. Ni ukuvugisha umuntu yagushavuje mu buryo budacungerewe kandi ukabigirana ishavu. (Ef 4:26) Ivyo birashobora kubabaza umuntu.—Img 29:22

Amafoto yakuwe mw’ividewo «‘Nimwiyambure’ ibibangamira amahoro​—⁠Agace.» 1. Emily na Sisiriya bicaye barabana aho banywera agakawa. Sisiriya ariko araba ivyo Alelie yashize kuri stati ziwe. 2. Alelie ariko avugisha Sisiriya abigiranye ishavu ku Ngoro y’Ubwami.

Nimurabe IVIDEWO ‘Nimwiyambure’ ibibangamira amahoro—Agace. Nuce ubaza uti:

  • Wigiye iki ku kuntu vyoroshe cane ko imvugo yacu ibangamira amahoro y’ishengero?

Nurabe ividewo ivuga ngo ‘Nurondere amahoro uyakurikirane’ kugira ubone ingene abavugwamwo basubiye kugiranira amahoro.

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) bt ikig. 25 ing. 14-21

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rushasha rwo mw’ihwaniro ryo mu 2025 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika