ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Nzero rup. 5
  • Nurushirize kwizera Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurushirize kwizera Ijambo ry’Imana
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Gusoma Bibiliya buri musi no kurondera ubukerebutsi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • ’Mube abashira mu ngiro rya jambo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Nzero rup. 5
Udufoto: Mushiki wacu akiri muto ariko arasoma yongera yiyigisha Bibiliya. 1. Aracapa ku kibaho umurongo werekana ibiringo abavugwa muri Bibiliya babereyeho. 2. Arasoma kuri jw.org integuro y’ukwiga ya “Bibiliya y’isi nshasha.” 3. Araraba kw’ikarata yerekana uturere tuvugwa muri Bibiliya. 4. Aracapa umuherezi mukuru agashirako n’amazina y’impuzu yambaye.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nurushirize kwizera Ijambo ry’Imana

Ijambo ry’Imana rirashobora guhindura ubuzima bwacu. (Heb 4:12) Ariko kugira twungukire ku buyobozi n’impanuro Bibiliya itanga, turakeneye kujijuka ko ari “ijambo ry’Imana” vy’ukuri. (1Ts 2:13) Tworushiriza gute kwizera Bibiliya?

Nusome Bibiliya buri musi. Igihe uyisoma, nurondere ibimenyamenya vyerekana ko Yehova ari we yayandikishije. Nk’akarorero, nurabe impanuro ziri mu gitabu c’Imigani maze wibonere ingene ubukerebutsi buri muri co budata igihe.​—Img 13:20; 14:30.

Nuze uriyigisha. Nurondere kumenya neza ibimenyamenya vyerekana ko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Nuje mu Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, urabe munsi y’ahavuga ngo “Bibiliya” hama ahavuga ngo “Yahumetswe n’Imana.” Urashobora kandi kurushiriza kwizera ko ubutumwa buri muri Bibiliya butahinduwe mu gusuzuma amakuru ari mu Munara w’Inderetsi No. 4 2016.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IGITUMA TWIZERA . . . IJAMBO RY’IMANA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ivyubuwe ku ruhome rw’urusengero rw’i Karnak mu Misiri vyerekana gute ko Ijambo ry’Imana ari ukuri?

  • Twemezwa n’iki ko ubutumwa buri muri Bibiliya butahindutse?

  • Kuba Bibiliya ikiriho no muri iki gihe bikwereka gute ko ari Ijambo ry’Imana?​—Soma Yesaya 40:8

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika