ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Munyonyo rup. 11
  • Niwizigire ko tuzorokoka iherezo ry’iyi si

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwizigire ko tuzorokoka iherezo ry’iyi si
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Uraguma uri intahemuka muri ya “makuba akomeye”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Harumagedoni ni agakuru keza cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ukuntu iyi si izovaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Munyonyo rup. 11
Umuvukanyi ariko arasoma igitabu “Ugusenga gutyoroye.” Arabona mu bwenge abamarayika ba Yehova bariko barakingira umugwi w’abasavyi b’Imana kuri Harumagedoni.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwizigire ko tuzorokoka iherezo ry’iyi si

Yehova arihanganiye iyi si, ariko vuba ukwo kwihangana kwiwe kuzorangira. Idini ry’ikinyoma rizokurwaho, urunani rw’amahanga ruzogaba igitero ku basavyi b’Imana, Yehova ace akuraho abanyakibi kuri Harumagedoni. Abakirisu bararindiranye umushasharo ivyo bintu bidasanzwe.

Ariko rero, ntituzi amakuru yose ku bijanye n’amakuba akomeye. Nk’akarorero, ntituzi igihe nyezina azotangurirako. Ntituzi ico abanyapolitike bazokwitwaza mu gukuraho amadini. Ntituzi igihe urunani rw’amahanga ruzomara ruriko ruragaba igitero ku basavyi b’Imana canke ibizoba bigize ico gitero. Ntituzi kandi uburyo Yehova azokoresha mu gukuraho ababisha kuri Harumagedoni.

Naho ari ukwo, Ivyanditswe biraduha amakuru yose dukeneye kugira twitege kazoza tubigiranye icizigiro n’umutima rugabo. Nk’akarorero, turazi ko tubayeho ku nsozero y’“imisi ya nyuma.” (2Tm 3:1) Turazi ko igitero kizogirwa ku madini ‘kizogerurwa’ kugira ngo idini ry’ukuri ntirikurweho. (Mt 24:22) Turazi ko Yehova azorokora abasavyi biwe. (2Pt 2:9) Vyongeye, turazi ko uwo Yehova yatoye ngo akureho ababisha yongere arokore isinzi rinini kuri Harumagedoni, agororotse kandi afise ububasha.​—Ivy 19:11, 15, 16.

Nta gukeka ko ibintu bizoba muri kazoza bizotuma abantu ‘barabikwa n’ubwoba.’ Ariko rero, dusomye tukongera tukazirikana ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe muri kahise hamwe n’ivyo yahishuye ku bijanye na kazoza, turashobora ‘guhagarara tugororotse, turaramitse imitwe,’ twizigiye ko ukurokoka kwacu kuriko kuregereza.​—Lk 21:26, 28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika