UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Umwami wawe ni nde?
Abisirayeli baritaye imbere mu kwisabira umwami w’umuntu (1Sm 8:4, 5; it-2 827 ing. 1)
Ntibahimbawe no kuba Yehova ari we yari Umwami wabo ataboneka (1Sm 8:7, 8; w11 1/1 27 ing. 2)
Yehova yarababwiye ingaruka zovuye kuri ico kintu basavye (1Sm 8:9, 18; w10 15/1 30 ing. 9)
Yehova yamye afise uburenganzira bwo gutegeka ivyo yaremye vyose. Ategeka mu buryo bwiza kandi akagirira neza abo atwara. Nitwagamburuka ubutegetsi bwiwe tukongera tukabushigikira bizotuma twironkera imihezagiro y’ibihe bidahera.
NIWIBAZE UTI: ‘Mu buzima bwanje ndiko nerekana gute ko ngamburuka uburyo Yehova ategeka?’