21-27 Ruhuhuma
1 SAMWELI 6-8
Ururirimbo rwa 9 n’isengesho
Intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Umwami wawe ni nde?”: (Imin. 10)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
1Sm 7:3—Ibivugwa muri uwo murongo bitwigisha iki ku bijanye no kwigaya no guhindukira? (w02 1/4 22 ing. 13)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4) 1Sm 7:1-14 (th icigwa ca 2)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 3) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nuce umuha ikinyamakuru cishura ikibazo yabajije. (th icigwa ca 12)
Usubiyeyo: (Imin. 4) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo. Nuce umutumira ku makoraniro. (th icigwa ca 18)
Inyigisho: (Imin. 5) lffi icigwa ca 03: Incamake, Wize iki? na Umugambi wokwishingira (th icigwa ca 20)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 10)
Woba uzokora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante canke Ndamukiza?: (Imin. 5) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku kiganiro casohotse mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ko muri Nzero-Ruhuhuma 2021, urupapuro rwa 16.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) hf igihimba ca 9
Amajambo yo gusozera (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 35 n’isengesho