28 Nyakanga–4 Gitugutu
KUVAYO 29-30
Ururirimbo rwa 32 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Intererano ihabwa Yehova”: (Imin. 10)
Kv 30:11, 12—Yehova yasavye Musa kugira rusansuma (it-1 767)
Kv 30:13-15—Umuntu wese yaharuwe yaratanga intererano ihabwa Yehova (it-1 517)
Kv 30:16—Intererano bayikoresha “ku bw’igikorwa c’ihema ry’ihuriro” (w11 1/11 12 ing. 1-2)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Kv 29:10—Abaherezi “barambitse ibiganza ku mutwe w’ishuri” vyasobanura iki? (it-2 185 ing. 5)
Kv 30:31-33—Kubera iki umuntu akoze amavuta meranda y’ukurobanuza akayashira ku w’ahandi yabwirizwa kwicwa? (it-2 437 ing. 1)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Kv 29:31-46 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Koresha agace kajanye na mugihura, uce werekana ingene twokwamamaza biciye ku buhinga bwa kamera canke bwa telefone. (Nimba ubwo buhinga butazwi aho iwanyu, nushinge intahe ukoresheje telefone isanzwe.) (th icigwa ca 2)
Inyigisho: (Imin. 5 canke idashika) bhs 113 ing. 18 (th icigwa ca 13)
Insiguro: (Imin. 5 canke idashika) km 1/11 4 ing. 5-7; 6, Uruzitiro—Umutwe: Ivyiyumviro vyofasha ku bijanye n’Ugusenga kwo mu muryango. (th icigwa ca 20)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Ubona wotanga umwanya n’inguvu zawe?”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana ividewo ivuga ngo Iporoje nshasha iriko iratunganywa—Agace.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30 canke idashika) jy ikig. 134
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 137 n’isengesho