UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Kwamamaza biciye ku buhinga bwa kamera canke bwa telefone
IGITUMA BIHAMBAYE: Kubera ko ubuhinga buguma butera imbere ububisha na bwo bukarushiriza kwongerekana, hari abahitamwo kuvugana n’ababagendera bakoresheje ubuhinga bwa kamera canke bwa telefone bari hanze. Hari aho twotinya kubwira inkuru nziza umuntu atubona mugabo twebwe tutamubona. Ivyibutswa bikurikira bizodufasha kubwira inkuru nziza abantu mwene abo dutekanye.
UKO WOBIGIRA:
Nubone ibintu mu buryo bwiza. Abakoresha ubwo buhinga benshi usanga bashima kuyaga natwe
Niwibuke ko hari amakamera abanza kugufata amajwi n’amasanamu imbere y’uko uvuza agakengeri ko kw’irembo be n’uko uwuri indani yoshobora kukwihweza no kukwumviriza imbere y’uko ushika ku rugi
Igihe uwuri indani akwishuye, nuvugire kuri iyo telefone canke iyo kamera nk’aho woba uriko uvugana na nya muntu imbonankubone. Numwenyure kandi umere nk’uko usanzwe umeze. Nuvuge birya nyene wari kuvuga iyo aza mukabonana. Nimba hari kamera, niwirinde kuyegera cane. Mu gihe uwuri indani atitavye, niwirinde gusiga ubutumwa
N’igihe nyene mwahejeje kuyaga n’uwuri indani, niwibuke ko yoshobora kuguma akwihweza canke akwumviriza