UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 29-30
Intererano ihabwa Yehova
Igihe itaberenakulo yariko irubakwa, abantu bari bafise agateka ko gutanga intererano z’amahera kugira bashigikire ivyo gusenga Yehova, bataravye ko ari abakene canke abatunzi. None muri iki gihe twotanga gute intererano ihabwa Yehova? Uburyo bumwe ni mu guterera amahera yo gushigikira Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami, inyubakwa za Beteli be n’izindi zikoreshwa ku bwo gusenga Yehova.
Ivyanditswe bikurikira bitwigisha iki ku bijanye no gutanga intererano z’amahera kugira dushigikire ugusenga kw’ukuri?