UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwicishe bugufi igihe abandi bagushemagije
Hari igihe abandi bashobora kudukeza canke bakadushemagiza. Ivyo birashobora kuturemesha igihe babivuze ata buryarya kandi babitumwe n’imvo nziza. (Img 15:23; 31:10, 28) Turakwiye kuba maso kugira ngo ivyo ntibitume twishima canke twiyumva ko turuta abandi.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUBE INTAHEMUKA NKA YEZU— IGIHE USHEMAGIJWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni ibintu ibihe bishobora gutuma dushemagizwa?
Ni gute abavukanyi bashemagije Serge?
Ni gute barengeje urugero mu kumushemagiza?
Ni ivyigwa ibihe wigira ku kuntu Serge yabishuye yicishije bugufi?