8-14 Ruheshi
ITANGURIRO 46-47
Ururirimbo rwa 86 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Inzara turabaza”: (Imin. 10)
It 47:13—Ikigoyi gikomeye carateye mu Misiri n’i Kanani (w87 1/5 15 ing. 2)
It 47:16, 19, 20—Abanyamisiri bategerezwa kugira ivyo batanze kugira barokore ubuzima
It 47:23-25—Bisaba ko tugira akigoro kugira twungukire ku mfungurwa nyinshi zo mu vy’impwemu turonka muri iki gihe (kr 234-235 ing. 11-12)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
It 46:4—Yehova yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko Yozefu “azoshira ikiganza ciwe” ku maso ya Yakobo? (it-1 227 ing. 16)
It 46:26, 27—Abagize umuryango wa Yakobo binjiye mu Misiri bari bangahe? (“Abantu mirongo irindwi na batanu,“ amakuru adufasha kwiga Ivk 7:14, nwtsty)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) It 47:1-17 (th icigwa ca 10)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya mugihura: (Imin. 4) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo, uce ubaza uti: Ni gute uwo mwamamaji yakoresheje neza ibibazo? Ni gute yasiguye neza icanditswe?
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nuce umuha kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha. (th icigwa ca 3)
Mugihura: (Imin. 5 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nuce umuha igitabu Bibiliya itwigisha iki?, uce utanguza inyigisho mu kigabane ca 9. (th icigwa ca 14)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nugume wungukira ku vyibutsa vya Yehova: (Imin. 15) Erekana ividewo ivuga ngo Nuhe agaciro ivyibutsa vya Yehova. Nuremeshe bose kubandanya bungukira kw’Ijambo ry’Imana be n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu turonswa.—Yes 25:6; 55:1; 65:13; Mt 24:45.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 118
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 109 n’isengesho