UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 12-14
Isezerano rikwerekeye
Yehova yagiraniye isezerano na Aburahamu, iryabaye umushinge wemewe w’Ubwami bwo mw’ijuru
Biragaragara ko iryo sezerano ryatanguye gukora mu 1943 imbere ya Kristu, igihe Aburahamu yajabuka Uruzi Efurate agiye i Kanani
Iryo sezerano riguma rikora gushika Ubwami bwa Mesiya bukuyeho abansi b’Imana maze bukazana imihezagiro ku miryango yose yo kw’isi
Yehova yarahezagiye Aburahamu kubera ukwizera kwiwe gukomeye. Nitwagaragaza ko twizera ivyo Yehova yasezeranye, ni imihezagiro iyihe tuzoronka bivuye kw’isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu?