UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Isi “imira rwa ruzi”
Mu bihe bitandukanye vyo muri kahise, intwaro z’abantu zarafashije abasavyi ba Yehova. (Ezr 6:1-12; Est 8:10-13) No mu bihe vya none, turibonera ingene “isi,” iyigereranya inzego zo muri iyi si zitahura ibintu, imira “rwa ruzi” rugereranya uruhamo ruterwa na “ca gisato” ari co Shetani. (Ivy 12:16) Yehova ya “Mana y’ibikorwa vy’ugukiza,” rimwe na rimwe yoshobora gutuma abategetsi baha agahengwe abasavyi biwe.—Zb 68:20; Img 21:1.
Tuvuge iki hoho nka hamwe woba upfunzwe uhorwa ukwizera kwawe? Nuhere amazinda, Yehova arakubona. (It 39:21-23; Zb 105:17-20) Numenye ko uzoronka impera kubera ukwizera kwawe kandi ko kuba uri intadohoka biremesha abavukanyi bawe hirya no hino kw’isi.—Fp 1:12-14; Ivy 2:10.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAVUKANYI BO MURI KOREYA BARAREKUWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Kubera iki abavukanyi ibihumbi bo muri Koreya y’Epfo bapfunzwe mu myaka n’iyindi?
Ni ingingo izihe sentare yafashe zatumye abavukanyi bamwe barekurwa bataraheza ikiringo bakatiwe?
Twofasha gute abavukanyi bapfunzwe hirya no hino kw’isi bahorwa ukwizera kwabo?
Twokoresha gute umwidegemvyo dufise muri iki gihe?
Ni nde ahanini dukesha intsinzi izo ari zo zose dutahukana mu masentare?
Ndiko nkoresha gute umwidegemvyo mfise?