ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Nzero rup. 8
  • Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Amakuru yo kwizigirwa kandi akomeza ukwizera
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Nuhimbarwe igihe uri mu ruhamo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Naho bahamwa barahimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Uribuka gusengera abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Nzero rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo

Bibiliya yari yaravuze ko Shetani yoduhamye arondera kubuza igikorwa cacu. (Yoh 15:20; Ivy 12:17) Twofasha iki abavukanyi bacu bariko barahamwa mu bindi bihugu? Turashobora kubasabira. “Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi.”​—Yak 5:16.

Umuvukanyi yambitswe amapingu ajanywe mw’ibohero; umugwi wa bene wacu na bashiki bacu; umuvukanyi ariko arasenga

None twosaba iki Yehova? Twomusaba ngo ahe abavukanyi bacu umutima rugabo, ntibagire ubwoba. (Yes 41:10-13) Turashobora no gusabira abategetsi ngo babone neza igikorwa cacu, “kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro.”​—1Tm 2:1, 2.

Igihe Paulo na Petero bahamwa, abakirisu bo mu kinjana ca mbere barabasabiye ku Mana badomako amazina yabo. (Ivk 12:5; Rm 15:30, 31) Naho tutazi amazina y’abariko barahamwa bose, turashobora kuvuga izina ry’ishengero, igihugu canke akarere barimwo.

  • Ushaka amakuru ahuje n’igihe yerekeye Ivyabona vya Yehova bahamwa, woyasanga kuri jw.org. (Raba ahavuga ngo AMAKURU > IBIJANYE N’IMANZA.)

  • Mu kiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo​—Urutonde rw’ibihugu bapfunzwemwo” urahasanga ibitigiri vy’abapfunzwe mu bihugu bitandukanye. (Raba ahavuga ngo AMAKURU > IBIJANYE N’IMANZA. Fyonda ku gihugu wipfuza kugira umenye amakuru yiyongereye wongere uronke urukaratasi ruri mu mero ya PDF ruriko urutonde rw’amazina y’abapfunzwe muri ico gihugu.)

Andika ibihugu birimwo abavukanyi bariko barahamwa wipfuza gusabira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika