UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira”
Ibiki? Mu Bafilipi 4:8 haturemesha kwiyumvira ibintu vy’ukuri, bihambaye, bigororotse, bitanduye, bikundwa, bivugwa neza, ingeso nziza, be n’ibibereye gushimagizwa. Ariko ivyo ntibisobanura ko abakirisu baguma biyumvira Bibiliya gusa umwanya wose. Yamara ivy’umutima wacu wiyumvira bikwiye kuba bihimbara Yehova. Ntibikwiye gutuma bitugora kwumira ku mwiyemezo wacu wo kuguma turi abizigirwa.—Zb 19:14.
Kwirinda ivyiyumviro bihumanye birashobora kutubera urugamba. Dutegerezwa kurwana n’umubiri wacu munyagasembwa be na Shetani, ya “mana y’iki gihe.” (2Kr 4:4) Kubera ko ari we aganza isi, vyinshi mu biganiro bica kuri televiziyo, kw’iradiyo, kuri internet canke mu binyamakuru, usanga vyarataye ubuntu. Tutagiye turacagura ivyo twuzuza imizirikanyi yacu, ivyiyumviro vyacu birashobora kwononekara amaherezo bikagira ingaruka no ku ngeso zacu.—Yak 1:14, 15.
EREKANA IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRINDE IBINTU VYOTUMA UHEMUKA: UKWINEZEREZA KUTABEREYE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni ibiki uwo muvukanyi yaraba kuri telefone yiwe, kandi vyamugizeko ingaruka izihe?
Ibivugwa mu Bagalatiya 6:7, 8 no muri Zaburi 119:37 vyamufashije gute?