UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YAKOBO 1-2
Inzira ishikana ku gicumuro n’urupfu
Igihe ivyiyumviro bibi vyinjiye mu mutima wawe, ukwiye:
Kwihata cane ugashira ivyiyumviro ku kindi kintu.—Fp 4:8
Kuzirikana ku ngaruka mbi zogushikira hamwe wotwarwa n’ivyo vyiyumviro.—Gus 32:29
Gusenga.—Mt 26:41
Igihe ugize ivyiyumviro bitabereye, ni ibintu vyiza ibihe ushobora guca uzirikanako?