UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukurikire neza intambuko za Kristu
Yezu yaradusigiye akarorero twokwigana, canecane igihe turi mu bigeragezo canke mu ruhamo. (1Pt 2:21-23) N’igihe yaba ariko aratukwa canke mbere akababazwa, ntiyigera yihora. (Mr 15:29-32) Ni ibiki none vyamufashije kwihangana? Yari yariyemeje gukora ivyo Yehova agomba. (Yoh 6:38) Vyongeye, yagumiza umutima ku “kanyamuneza yashizwe imbere.”—Heb 12:2.
Tuvyifatamwo gute igihe dufashwe nabi kubera ukwizera kwacu? Abakirisu b’ukuri ‘ntibishura ikibi ku kindi.’ (Rm 12:14, 17) Igihe twihanganiye imibabaro nka kumwe kwa Kristu, turanezerwa kuko ivyo bihimbara Imana.—Mt 5:10-12; 1Pt 4:12-14.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IZINA RYA YEHOVA RIRAHAMBAYE CANE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Gertrud yakoresheje neza gute umwanya igihe yari mu gasho ka wenyene?
Ni ibintu ibihe Gertrud n’umugabo wiwe bihanganiye igihe bari mu makambi y’itunatuniro atandukanye?
Ni ibiki vyabafashije kwihangana?
Igihe uri mu mibabaro, nukurikire neza intambuko za Kristu