Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Twari tubagendeye gatoyi kugira ngo dutange umuco ku ciyumviro kitari co abantu benshi bafise ku bijanye na Bibiliya. Abantu benshi barubaha Bibiliya, ariko bibaza ko igoye gutahura. Wewe ubona gute Bibiliya? [Rindira yishure.] Raba imvo imwe ituma twebwe turondera gutahura ivyo Bibiliya ivuga. [Soma Abaroma 15:4.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma twemera ko Bibiliya yanditswe kugira ngo tuyitahure. Kiratwereka kandi ibintu vyodufasha kuyitahura.”
Be maso! Kigarama
“Twari tubagendeye gatoyi kugira ngo tugire ico duterereye imiryango. Umwe wese ashaka ko muhira harangwa amahoro n’uguhuza. Hagati yo kwirinda ukutumvikana no kwiga ingene wotorera umuti ukutumvikana, ni igiki ubona ko gihambaye kuruta ikindi mu miryango? [Rindira yishure.] Raba ico uyu mugani wo muri Bibiliya uvuga. [Soma Imigani 26:20.] Iki kinyamakuru kiratanga impanuro ngirakamaro ziva muri Bibiliya zofasha imiryango kurushiriza kugira amahoro.”