Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama
“Abantu benshi bariteze ukugaruka kwa Yezu. Nka hamwe Yezu yogaruka, ni ikintu ikihe woshima ko yokora?” Rindira yishure. Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo
“Wewe wibaza ko ari ikinyoma ikihe gikomeye cane cavuzwe ku vyerekeye Imana? [Rindira yishure.] Nk’uko Bibiliya ivyerekana, Imana ishaka ko abantu bayikunda kandi bakayizigira. [Soma Yesaya 41:13.] Iki kinyamakuru kirashira ahabona ibinyoma bitatu vyerekeye Imana bizwi cane vyatumye bamwebamwe bibagora kuyiyegereza.”
Be maso! Munyonyo
“Tubagendeye gatoyi kubera ko abantu benshi barajwe ishinga n’ukuntu imico runtu iriko iratituka. Woba ubona ko ikibano catituye ingingo ngenderwako zaco zigenga inyifato runtu? [Rindira yishure.] Bibiliya yari yaravuze ko agatima k’abantu be n’inyifato yabo vyohindutse. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino igituma twokwizigira imico runtu dusanga muri Bibiliya.”