Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 27 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 27 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 18 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 28 ing. 1-9 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 15-17 (Imin. 8)
No. 1: 1 Abami 15:16-24 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Bibiliya yoshobora gute gufasha abakenyezi?—igw rup. 26 ing. 3-4 (Imin. 5)
No. 3: Dawidi—Umutwe: Yemwe rwaruka, nimwitegurire ubu gukorera Yehova—w11 1/9 rup. 26-29 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nimugende muhindure abantu abigishwa.’—Mat. 28:19, 20.
Imin. 10: Woba uriko uraryohora ubuhanga bwawe mu busuku? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimusubire mwihweze ingingo ya mbere yo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2014, rup. 1. Iyo ngingo irerekana intumbero y’ibiganiro bivuga ngo “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku.” Nimusubiremwo ibiganiro bimwebimwe mu vyarimbuwe. Nusabe abumviriza bigane badomako ibintu vyiza bungukiye kuri ivyo biganiro. Nuremeshe abamamaji baze baritwararika cane ubuhanga bwo kwigisha butangwa buri kwezi, ivyo babigire mu gushira mu ngiro ivyiyumviro bitangwa munsi y’agatwe kavuga ngo “Muri uku kwezi nugerageze iki kintu.”
Imin. 10: Nukoreshe agatabu “Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana” mu gufasha inyigisho yawe ya Bibiliya. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimurimbure ingene twoshobora gukoresha iyi mice ikurikira y’agatabu Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo dufashe inyigisho zacu za Bibiliya: (1) “Ingene wotora imirongo yo muri Bibiliya.” (2) Ikibazo ca 19: “Ni ibiki biri mu bitabu bitandukanye vya Bibiliya?” (3) Ikibazo ca 20: “Woshobora gute kwungukira cane ku busomyi bwawe bwa Bibiliya?” Nimugire umwerekano mugufi aho umwamamaji aganira n’inyigisho yiwe ku muce umwe muri iyo twavuze bahejeje kwiga.
Imin. 10: “Ibikoresho ntahara.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 125 n’isengesho