ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/15 rup. 2-3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Nugire ico ukoze udatebaganye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 7/15 rup. 2-3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Abamamaji boba bakwiye gukoresha internet mu kwamamaza canke mu kwigisha Bibiliya abantu batazi baba mu kindi gihugu?

Hari abamamaji bakoresheje internet kugira ngo baronke inyigisho za Bibiliya mu bihugu aho igikorwa cacu kibujijwe canke ahari abamamaji bake. Hari abaroraniwe. Yamara rero, hariho ingeramizi igihe abamamaji bandikiranira ubutumwa kuri internet n’abantu batazi. (Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 2007, rup. 3.) Naho intumbero iba ari iyo kubwira abantu bafise imitima nziraburyarya ubutumwa bw’Ubwami, igihe umuvukanyi canke mushiki wacu agiraniye ibiyago n’umuntu atazi birashobora gutuma yifatanya n’abagenzi babi harimwo n’abahuni. (1 Kor. 1:19-25; Kol. 2:8) Vyongeye, mu bihugu aho usanga igikorwa c’Ubwami kibujijwe, ivyo kurungikiranira ubutumwa birashobora kuba bisuzumwa n’abategetsi. Ukwo kurungikiranira ubutumwa kurashobora gukwegera abavukanyi na bashiki bacu bo muri ivyo bihugu. Ku bw’ivyo, abamamaji ntibakwiye kurondera abantu bobwira inkuru nziza bo mu bindi bihugu biciye kuri internet.

Igihe twamamaje akaryo kizanye ku muntu tutazi yaje ava mu kindi gihugu, ntidukwiye kugerageza gutsimbataza ugushimishwa kwiwe amaze gusubira iwabo, kiretse mu gihe tuba twahawe ubuyobozi n’ibiro vy’ishami vyacu. Ahubwo, twoshobora kumwereka ukuntu yokoresha umuhora wa jw.org kugira ngo aronke ayandi makuru yiyongereye canke kugira avugane n’ibiro vy’ishami vyo mu gihugu abamwo. Turashobora kandi kumuremesha kugendera Ingoro y’Ubwami iri hafi y’aho aba. Egome, hariho ibihugu bimwebimwe ata Ngoro z’Ubwami ziriyo. Ariko niba yipfuza kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova bo mu karere abamwo, dukwiye kwuzuza ka gapapuro kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) maze tugaca tugaha umunyamabanga w’ishengero, uno akazoca akarungika akoresheje jw.org canke arungike ako gapapuro ubwako. Ibiro vy’ishami bihagarikiye igikorwa mu gihugu uwo yashimishijwe abamwo birazi neza ukuntu ibintu vyifashe muri ico gihugu kandi ni na vyo vyoshobora neza gufasha uwo muntu mu vy’impwemu.​—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2014, ku rup. 7, be n’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2011, ku rup. 2.

Igihe umuntu twahora tugendera yimukiye mu kindi gihugu canke nimba dusanzwe twiga Bibiliya n’umuntu aba mu kindi gihugu tuzinanyi biciye kuri internet gusa, turakwiye gukurikiza ubuyobozi bwavuzwe aho haruguru. Ariko rero, twoshobora kubandanya tuyaga gushika abamamaji bo muri ico gihugu bamugendeye. Naho biri ukwo, nimba uwo muntu aba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, turakwiye kwiyubara cane igihe tuganira na we ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya biciye mu makete, kuri terefone, canke biciye ku bundi buryo bwa elegitoronike.​—Mat. 10:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika