Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 20 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 20 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 73 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 27 ing. 19-22, n’uruzitiro ruri ku rup. 279 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 12-14 (Imin. 8)
No. 1: 1 Abami 12:21-30 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Daniyeli—Umutwe: Niwige Ijambo ry’Imana udahorereza—w11 1/1 rup. 22 (Imin. 5)
No. 3: Bibiliya yoshobora gute gufasha abanega na ba sebibondo?—igw rup. 26 ing. 1-2 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nimugende muhindure abantu abigishwa.’—Mat. 28:19, 20.
Imin. 20: Nukoreshe bande dessinée zigana inkuru zo muri Bibiliya kugira ngo ufashe abana babe abigishwa. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gicapo ca bande dessinée cigana inkuru yo muri Bibiliya ivuga ngo “Imana irungika Musa mu Misiri.” (Ja kuri jw.org, uce uraba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA> ABANA.) Niwerekane ico gicapo cigana iyo nkuru kugira ngo bakurikire bakiraba. Niba bishoboka, nusabe kuri buri muntu avugwamwo hagire umwana asoma ivyo avuga. Mu nyuma, wabiherewe uruhusha n’abavyeyi, nusabe abana bacaguwe imbere y’igihe baze ku mukiruruko kugira ngo muganire ku bibazo biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Iyi nkuru itwigisha iki?” Nusozere uremesha abavyeyi gukoresha cane mwene ivyo bicapo kugira bafashe abana babo babe abigishwa. Niba mw’ishengero abashobora gushikira ahari ivyo bicapo ari bake kandi ivyo bicapo bikaba bidashoboka ko vyerekanwa, abakurambere bazobimenyesha ishengero hakiri kare mu kibanza c’ico kiganiro bashikirize ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza.
Ururirimbo rwa 66 n’isengesho