Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 1 RUHESHI
Ururirimbo rwa 13 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 25 ing. 9-16 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 16-18 (Imin. 8)
No. 1: 2 Samweli 17:14-20 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Bowazi—Umutwe: Nube uwudahumanye mu vy’inyifato runtu kandi wemere amabanga uhabwa n’Ivyanditswe—ia rup. 44-50 (Imin. 5)
No. 3: Wokoresha gute amatungo yawe?—igw rup. 21 ing. 1-4 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: Nufashe abantu b’uburyo bwose bashike ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.—1 Tim. 2:3, 4.
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Ruheshi. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje ubwo buryo bubiri bwo kubishikiriza bwatanzwe. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose uko bwakabaye.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kubwira inkuru nziza umuntu avuga urundi rurimi.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe biremesha.
Ururirimbo rwa 25 n’isengesho